‘Twarorohewe kwinjira’, niko ingabo za Ukraine ziri mu Burusiya zivuga, ariko none bizoherera he?

Perezida Vladimir Putin w'Uburusiya avuga ko ingingo ya Ukraine yo gutera mu ntara ya Kursk ari "agasotoro katagira uko kangana"

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Perezida Vladimir Putin w'Uburusiya avuga ko ingingo ya Ukraine yo gutera mu ntara ya Kursk ari "agasotoro katagira uko kangana"

Mu gihe urudome “Z” rushobora kuba ikimenyetso c’igitero c’Uburusiya, ikimenyetso c’inyabutatu naco cerekana utwigoro twa Ukraine two kugerageza kwikura umwansi kw’izosi.

Ibi bimenyetso biri ku mpande za buri modoka z’intambara zitera zija ku rubibe rw’Uburusiya mu ntara ya Summy.

Muri iki gitero, Ukraine yarigaruriye uturere tutari duke ku butaka bw’Uburusiya, maze igarukana inguvu n’icizere muri ino ntambara.

Umutegetsi w’Uburusiya arongoye intara ya Kursk iri ku rubibe avuga ko uturere 28 ari two tumaze kwigarurirwa na Ukraine, nabo abanyagihugu bababa 200.000 bakaba bamaze guta izabo.

Tomash yari agarutse muri Ukraine avuye ku rundi ruhande rw’umupaka, ari kumwe na mugenziwe “Accord”, avuga aryohewe ko vyari “bimeze neza”.

Umurwi wabo w’ingabo zikoresha indege zitagira abadereva (drone) wamaze imisi ibiri ucira inzira ingabo zagomba kujabuka urubibe.

Tomash ati: “Twahawe amategeko yo kuza ngaha, ariko ntitwari tuzi ivy’ari vyo. Mu guca inzira, twabanje gusambura uburyo bw’itumatumanako ry’umwansi n’uburyo bwa maneko”.

Ntibizwi neza ingene ubutaka Ukraine imaze kwigarurira bungana, mu gihe ibivugwa n’umukuru w’igisirikare Oleksandr Syrsk ko ingabo zayo zimaze kwigarurira akarere k’ibirometero kwadarato bingana 1000 biteye amakenga.

Ejo ku wa kabiri ubushikiranganji bw’Uburusiya bujejwe kwivuna abansi bwashimangiye ko intego ya Ukraine yo kwinjira kure hagati mu Burusiya yateshejwe, ariko na we nyene vyahavuye biboneka ko yoba abesha.

Igitero ca Ukraine ku butaka bw'Uburusiya cayihaye morale

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Igitero ca Ukraine ku butaka bw'Uburusiya cayihaye morale
Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Intego y’iki gitero ntiboneka neza, nubwo Perezida Volodymyr Zelensky avuga ko batera ibibanza Uburusiya butegurirako ibitero kuri Ukraine, kandi ko intumbero ari iyo kurondera ingene “amahoro nyayo” yoboneka.

Ariko biragaragara ko Ukraine iriko irarungika zimwe mu ngabo zayo zikomeye.

Ku rubuga hwaniro rwa Telegram, umusirikare akiri mu Burusiya avuga ko bamaze amezi atari make bitegura kugira ngo bibe ngombwa ko Uburusiya bukura ingabo zabwo mu tundi turere tw’urugamba muri Ukraine.

Ati: “Integuro yo kubatera batiteguye yarakoze. Twarorohewe mu kwinjira ata wutuzibira cane. Ku wa 6 Myandagaro [8] abasirikare ba mbere binjiriye mu bice bitandukanye.

“Ata n’akanya kahaciye bari bashitse mu micungararo y’igisagara ca Sudzha”.

Abasirikare bavuganye na BBC bemeza ko ingabo z’Uburusiya koko zimuwe zikavanwa ku rwasiro rw’ubuseruko, harimwo mu turere twa Kharkiv, Pokrovsk na Toretsk.

Ariko nta n’umwe avuga ko gushika ubu hoba hari ikirahinduka ku ntego y’Uburusiya yo kwiyagurira akarere.

Vladimir Putin yariyemeje “kwishura nyavyo” kuri iki gitero ca mbere cigaruriye ubutaka bw’Uburusiya kuva ku ntambara ya kabiri y’isi yose.

Bisa n’uko Uburengero bwahevye bugaha Ukraine uburenganzira yamye irondera bwo gutera ku rundi ruhande rw’umupaka.

None amaherezo ni ayahe?

Umushikiranganji wa Ukraine ajejwe imigenderanire atangaza ko ata ntego igihugu ciwe gifise yo kwihagira burundu ubutaka bw’Uburusiya imaze kwigarurira haraciye indwi.

Ariko gushika ubu, Ukraine ntibona uno musi ico ikwiye gufata – nimba ikwiye kugumizayo ingabo zayo kugira ngo zibandanye zitera igitsure Uburusiya canke kuzikurayo ubu.

Mu gihe buri musi idahengeshanya guterwa n’amadrone, misire n’amabombe yarara vy’Uburusiya, ingabo zayo zirushe cane ku rubuga rw’intambara muri Donbas zigenda zisubira inyuma bukebuke, Ukraine yari ikeneye cane inkuru nzira muri rino ci.

Yarayironse inyuma y’iki gitero kidasanzwe categuwe neza kandi kikagenda neza mu karere ka Kursk ku butaka bw’Uburusiya.

Intwazangabo nkuru yo mu gisirikare c’Ubwongereza atashatse ko izina ryiwe rija ahabona avuga ati: "Ikintu gitangaje kurusha muri iki gitero, ni ingene Abanya-Ukraine bamenye neza gukoresha uruvangatirane rw’ibirwanisho, mu gukoresha ibintu vyose uhereye ku birwanisho vyo gukingira ikirere ugashika no ku ntambara ya elektroniki, aha ntituvuze ibimodoka vy’intambara n’ingabo zirwanira ku butaka. Birateye igomwe”.

Bisa nk’uko kandi abanya-Ukraine bakoresheje bimwe mu birwanisho vya none vyatanzwe n’Uburengero - nk’ibimodoka vyo mu ntambara vyo mu bwoko bwa Marder vyatanzwe n’Ubudagi hamwe n’izindi modoka z’intambara – kandi bakabikoresha neza gusumba uko vyagenze muri ca gitero capfuba co mu ci ry’umwaka uheze cari gifise intego yo kwomora igisirikare c’Uburusiya mu ntara z’ubumanuko bushira ubuseruko.

None impera y’iki gitero ca Ukraine mu Burusiya ni iyihe?

Hariho abafata ibintu mu bwitonzi babona ko Ukraine yamaze kwerekana ubushobozi bwayo, ko intambara yatejwe na Putin itegerezwa ubu guhindukirira Abarusiya, ko nubwo ku rubuga rw’intambara muri Donbas ibintu bitagenze neza, ko Ukraine yiyerekanye ko ishoboye gutegura igitero c’ubuhinga bwo hejuru gikoresha uruvangatirane rw’ibirwanisho n’ubuhinga bwose bwo kurwana intambara za none.

Mu yandi majambo, ni ukuvayo ubu ugifise icubahiro, inyuma yo gutesha umutwe Uburusiya, imbere y’uko burungika ingabo zabwo zikenewe kugira zice canke zifate mpiri iza Ukraine zavogereye ubutaka bwabwo.

Ariko kuvanayo ingabo naho vyoburizamwo intego zibiri zisa n’izigaragara z’iki gitero ca Ukraine, izi nazo zikaba ari ubwa mbere, ugusita Uburusiya ku rugero nyarwo kugira ngo bitebe bitebuke bukure zimwe mu ngabo zabwo ziri muri Donbas, hanyuma ubwa kabiri kugumana ubutaka bw’Uburusiya kugira ngo bizokoreshwe mu biganiro vyoba muri kazoza.

Dr David Blagden wo kuri kaminuza ya Exeter agira ati: "Ari nka hamwe Kyiv yogumana ubutaka bw’Uburusiya, ishobora kuharonkera inguvu zo gusaba ko nayo isubizwa ubutaka bwayo. Kyiv irondera kandi gucafuza isura y’intwaro ya Putin, umutegetsi kibirengeye, imbere y’Abarusiya no kurondera kugondoza Kremlin ko yofata inzira y’amahoro kugira ngo ntihave ishira mu kaga ubutegetsi bwayo mu gihugu”.

Ikarata yerekana igitero ca Ukraine ku butaka bw'Uburusiya

Ikigaragara ni kimwe. Kubona ku butaka bw’Uburusiya hashobora kuba ingabo mvamahanga zivuye muri Ukraine – igihugu Perezida Putin atibaza ko cari gikwiye no kubaho nk’igihugu cigenga – ni ikintu kidashobora kwihanganirwa.

Azokoresha uburyo bwose buzomushobokera kugira ngo iyi ngorane ihere, yongere kandi abandanye akubita adahengeshanya Ukraine mu ntara ya Donbas, yongere kandi ahe igihano abanyagihugu bayo mu bitero vy’urutavanako vy’amadrone n’ibisasu vya misire.

Ishavu ryiwe ryaragaragaye ku mboneshakure y’Uburusiya igihe yaboneka ari mu nama idasanzwe i Moscou hirya y’ejo.

None Ukraine yoba yarahungukiye?

Haracari kare kugira umuntu avyemeze. Ingabo za Ukraine zamye ziri kandi ziracari hasi cane mu bitigiri ugereranije n’iz’Uburusiya. Ari nka hamwe zoguma ku butaka bw’Uburusiya, zokwitega ibitero ruburakigongwe mu gihe Moscou ibandanya yitegura bikomeye.

Dr Blagden agabisha ko "hazokenerwa abantu, ibikoresho n’uburyo bwo kwiyunguruza ari nka hamwe bofata ingingo yo kugumya ubutaka bigaruriye"

Nta nkeka ko iyi yabaye ingingo ya mbere yo kurinda kwa Ukraine muri uno mwaka. Ariko kandi ni ingingo ishobora kuyiteza akaga.