Zelensky yasavye Trump kuja kuraba ayo Ukraine iriko irabona imbere y'amasezerano n'Uburusiya
- Umwanditsi, Patrick Jackson
- Igikorwa, BBC News
- Yakoze inkuru ari, London
Perezida Volodymyr Zelensky wa Ukraine yatumiye Donald Trump kugendera ico gihugu imbere y'amasezerano ayo ari yo yose yogiriranira n'Uburusiya mu ntumbero yo guhagarika intambara.
Mu kiganiro 60 Minutes c'ikinyamakuru CBS, Zelensky yagize ati: "Ndasavye, imbere yo gufata ingingo iyo ari yo yose, ibiganiro ivyo ari vyo vyose, banza uze wirabire abantu, abasivire, abarwanyi be n'abana bagandaguwe, canke ibitaro n'amasengero vyasenyuwe".
Iki kiganiro cafashwe imbere y'igitero ca misire c'Uburusiya ejo ku wa Mungu cihaye inkumbi mu gisagara ca Sumy kiri mu buraruko bushira ubuseruko bwa Ukraine, aho abantu 34 bishwe – harimwo n'abana babiri – kigakomeretsa abandi 117.
Trump yavuze ko iki gitero ari "ikintu c'agahomerabunwa", nayo Friedrich Merz yitezwe kuba umukuru wa reta y'Ubudagi akaba yagirije Uburusiya ivyaha vyo mu ntambara.
Ntaco Uburusiya bwashotse buvuga kuri iki gitero, mu gihe ingabo zabwo ziri hakurya y'urubibe rwabwo zivugwa ko ziriko zirategura igitero rurangiza.
Iki gitero cabaye mu gihe Reta Zunze Ubumwe za Amerika, igihugu giha Ukraine imfashanyo ya gisirikare ya mbere nini gusumba ibindi bihugu vyose, ibandanya irondera ko iyi ntambara yohagarara – ubu ikaba iri mu mwaka wayo ugira kane - biciye mu biganiro ku butegetsi bwa Trump.
Abajijwe kuri iki gitero, Trump yavuze ko cari ic'"ubugome" kandi ko "yabwiwe ko bakoze ikosa", ariko ntiyatanga insiguro.
Imbere y'aha, intumwa idasanzwe ya Trump muri Ukraine, liyetena-jenerali Keith Kellogg, umukukuruke mu gisirikare ca Amerika, yavuze ko iki gitero ari ic'ubuyobe butagira urugero kandi ko ata muntu ashobora kucihanganira.
Merz yitezwe kurahira nk'umukuru mushasha wa reta y'Ubudagi mu kwezi kuza, yabwiye imboneshakure y'Ubudagi ARD ko ico gitero kuri Sumy ari "icaha gikomeye co mu ntambara".
Ati: " Cari igitero c'ubuhemu… kandi ni icaha gikomeye co mu ntambara, cakozwe n'ibigirankana kandi categuwe".
Hagati aho, Olaf Scholz, asanzwe ariko yitegura gushikiriza ubutegetsi nk'umukuru wa reta y'Ubudagi, avuga ko iki gitero cerekanye "ico Uburusiya buba buriko buravuga mu gusigura ko bwiteguriye umugambi w'amahoro".
Perezida Emmanuel Macron w'Ubufaransa yagiriza Uburusiya "ugusuzugura mu buryo bweruye ubuzima bw'abantu, amategeko mpuzamakungu n'utwigoro tw'ibiganiro twa Perezida Trump".
Ati: "Ni ngombwa ko Uburusiya bufatirwa ingingo zikomeye kugira ngo buhagarike intambara. Ubufaransa buriko burakora butiziganya muri iyi ntumbero, bufatanije n'incuti zabwo".
Mu kwerekana ko ico gitero ari "ubunyamaswa", umukuru w'Inama nkuru y'Ubumwe bwa Bulaya, Ursula von der Leyen, yagize ati: "Uburusiya bwari kandi buracari umusotoranyi, buhonyanze amategeko mpuzamakungu".
Ati: "Ingingo ruhasha zirakenewe vuba cane kugira ngo intambara ihagarare. Ubulaya buzobandanya kuvugana n'incuti, bubandanye butera igitsure gikomeye Uburusiya gushika aho amaraso azoreka guseseka, hongere haboneke amahoro abereye kandi arama, uko Ukraine izoba ivyipfuza".
Umushikiranganii wa mbere w'Ubwongereza Sir Keir Starmer na we nyene yagize ico akivugako, aho asigura ko "yababajwe n'ibitero vy'agahomerabunwa ku basivire muri Sumy".

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umuvugizi w'umunyamabanga mukuru wa ONU António Guterres avuga ko yababaye cane amaze kwumva iki gitero ca misire.
Yongerako ati: "Ibitero ku basivire no ku bibanza vya gisivire birabujijwe mu mategeko mpuzamakungu agenga uburenganzira bwa muntu, kandi ibitero nk'ibi, aho ari ho hose bibaye, bitegerezwa guhagarara vuba bwango".
Guterres ashimangira ko ishirahamwe ONU rishigikiye "utwigoro nyatwo tw'amahoro nyayo, arama kandi yuzuye ashigikira ubwigenge, ukwikukira n'ubusugire vya Ukraine".
Igitero c'ejo ku wa Mungu ni co gitero ca mbere ku basivire gihitanye abantu benshi muri Ukraine uno mwaka.
Ikindi gitero ca misire c'Uburusiya cabaye mu ntango z'uku kwezi kwa Ndamukiza (1) cahitanye abantu 20 gikomeretsa abandi 61 mu gisagara ca Kryvyi Rih.
Ico gihe, ubushikiranganji bw'Uburusiya bujejwe kwivuna abansi bwavuze ko bwateye "ahariko habera inama y'intwazangabo n'abigisha ba gisirikare b'Uburengero" mu nzu y'uburiro. Nta cemezo catanzwe.
Bigereranywa ko abantu ibihumbi amajana - benshi muri bo abasirikare – bamaze kwicwa canke gukomereka ku mpande zompi kuva Uburusiya butanguye igitero ceruye ku wa 24 Ruhuhuma (2) 2022.
ONU ivuga ko abanyagihugu ba Ukraine bababa imiriyoni indwi ubu babayeho nk'impunzi.
Iyi ntambara yatanguye mu myaka irenga cumi iheze, mu 2014, igihe intwaro y'umukuru w'igihugu yari yegamiye ku ruhande rw'Uburusiya yatembagazwa. Niho Uburusiya bwaca bwigarurira akarere ka Crimée/Crimea kari ku Kiyaga Cirabura bwongera bushigikira inyeshamba zarwanira mu buseruko bwa Ukraine mu ntambara yahitanye abatari bake.














