'Ikibazo ni ico kumenya igihe Putin aduhaye kugira ngo twitegurire intambara' - Ubudagi

Ubudagi bwarafashe icemezo co kwongereza uburyo mu gisirikare cabwo
Insiguro y'isanamu, Ubudagi bwarafashe icemezo co kwongereza uburyo mu gisirikare cabwo
    • Umwanditsi, Sarah Rainsford
    • Yakoze inkuru ari, Munster and Berlin

Ikiduga kirasa ibisasu vya misire kiriko kiratumura inkungugu mu gihe canzaganya mu ceru gitera kija aho kirasira. Mu nyuma humvikana umusirikare aharura atera aja inyuma, kuva kuri gatanu amanuka gushika aho avuga ngo 'rasa!', ubwo nyene hagaca hasana urwamo rw'igisasu mu kirere.

Ibiturika hamwe n'ibi bisasu muri iyi myiyerekano biguma vyasirana ku buryo n'abanyagihugu baba mu gisagara gito ca Munster kiri hafi y'aho ataco bikibabwiye.

Ariko rero urwamo hano rugiye kwiyongera gusumba.

Igisirikare c'Ubudagi, Bundeswehr, giherutse guhabwa uburenganzira bwo kudugirizwa cane uburyo inyuma y'uko inama nshingamateka yemeje integuro yo gukura ku gisata co kwivuna abansi amategeko ruhasha ajejwe kugenzura amadeni.

Umukuru w'igisirikare c'Ubudagi yabwiye BBC ko igi gisata cari gikeneye vuba bwango kwongererezwa amahera gikoresha kuko abona ko igitero c'Uburusiya kitazogarukira muri Ukraine.

"Turageramiwe n'Uburusiya. Turageramiwe na Putin. Ni ngombwa ko dukora ivya nkenerwa vyose kugira ngo tuzibire tutaronerwa", niko Jeneral Carsten Breuer avuga. Agabisha ko OTAN/NATO ikwiye kwitegurira igitero gishobora kuza mu myaka itarenga ine.

Uno mukuru w'igisirikare avuga yeruye ati: "Si ikibazo c'igihe nkeneye, ahubwo ni ikibazo co kumenya igihe Putin aduhaye kugira ngo twitegure. Twiteguye hakiri kare, ni vyo vyiza".

Impinduka

Igitero ceruye c'Uburusiya kuri Ukraine carahinduye ukungene abanyagihugu mu Budagi bafata ibintu.

Mu myaka mirongo, abanyagihugu muri ico gihugu bakuze banka igisirikare, bazi neza uruhara Ubudagi bwagiye bugira muri kahise mu gusotora ibindi bihugu i Bulaya.

"Ni twe twatanguje intambara z'isi yose zibiri. Nubwo haciye imyaka 80 kuva intambara ya kabiri y'isi yose irangiye, iciyumviro c'uko Abadagi bakwiye kuja kure y'intambara kiracari mu maraso ku bantu benshi", bivugwa na Markus Ziener wo mu kigo German Marshall Fund i Berlin ku mugwa mukuru w'Ubudagi.

Intambara y'Uburusiya kuri Ukraine buke buke iriko irahindura ivyiyumviro vy'Abadagi ku bijanye no kwitegurira intambara

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Intambara y'Uburusiya kuri Ukraine buke buke iriko irahindura ivyiyumviro vy'Abadagi ku bijanye no kwitegurira intambara
Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Bamwe baguma barikanuye ku kintu ico ari co cose cohava cerekana ukurenga akarimbi mu vya gisirikare, mbere n'igisata ca gisirikare camye gihabwa amahera make.

"Hari amajwi agabisha: 'Ubwo koko turi mu nzira nyayo? Ubwoba dufise burafise ishingiro'?"

Iyo hageze ku kibazo c'Uburusiya, Ubudagi bwamye bubufata mu buryo bwihariye.

Mu gihe ibihugu nka Pologne n'ivyo mu karere ka Balte bigabisha ku kwiyegereza cane Moscou – mbere bikaba vyarongereje uburyo bishira mu bisata vyavyo vyo kwivuna abansi – Berlin yabona ko yashobora gukorana n'Uburusiya mu bijanye n'ubudandaji mu gihe ca Angela Merkel.

Ubudagi bwibaza ko bwariko burashigikira demokarasi bukebuke. Ariko Uburusiya bwarakiriye amahera hanyuma buratera Ukraine.

Rero muri Ruhuhuma 2022, umukuru wa reta Olaf Scholz yaguye mu gahundwe aca atangaza impinduka zikomeye mu gihugu mu vyo gishira imbere, "Zeitenwende".

Ni ho yaca agena amafaranga angana n'imiriyaridi 100 z'ama-euro kugira ngo anagure igisirikare c'igihugu yongere agume ashinze ijisho "abantu bakokeza intambara nka Putin". Ariko Jenerali Breuer avuga ko ivyo bitari bikwiye.

Ati: "Twarazibiye buke buke ibihengeri. Ariko ibintu bimeze nabi cane".

Jeneral Carsten Breuer avuga ko Ubudagi bukeneye kuduza cane ibitigiri vy'ingabo
Insiguro y'isanamu, Jeneral Carsten Breuer avuga ko Ubudagi bukeneye kwongereza cane ibitigiri vy'ingabo

Avuga ko ibi bitandukanye n'Uburusiya ku kungene bushira amafaranga menshi mu birwanisho no mu bindi bikoresho, haba mu vyo bubika nk'integabizoza canke mu vyo bukoresha ku rubuga rw'intambara muri Ukraine.

Aravuga kandi ku ntambara y'Uburusiya mu mpande zose: kuva ku bitero vyo ku mamashini nyabwonko (cyber attacks) gushika ku gutoba, hamwe kandi na za ndege zitajamwo abadereva (drone) zitazwi zaciye hejuru y'ibigo vya gisirikare vy'Ubudagi.

Ibi vyiyongereye ku majambo y'agasomborotso ya Vladimir Putin, Jenerali Breuer abona ko uru ari "uruvangatirane ruteye akaga cane".

"Uburusiya ntibukora nk'uko Uburengero bukora. Si ikibazo co kuba mu gihe c'amahoro canke intambara, ni ko bwamye bukora: reka dutangure n'uruvangatirane, hanyuma twagure, hanyuma dusubire inyuma turabe ingene bigenda. Ibi ni vyo bituma niyumvira ko turi mu kaga nyako".

Avuga ko Ubudagi butegerezwa gufata ingingo yihuta.

'Nta kintu na kimwe'

Umwihwezo w'uno mugaba w'ingabo ku kungene igisirikare ciwe gihagaze urajanye n'icegeranyo giheruka cashikirijwe inama nshingamateka. Bundeswehr, nk'uko iki cegeranyo carangije kivuga, "nta kintu na kimwe ifise ".

Uwateguye iki cegeranyo, komiseri mu nama nshingamateka ajejwe ibibazo vya gisirikare Eva Högl, yerekana ubukene buteye ubwoba, haba mu masasu, ingabo, aho ntuvuze n'amakambi ya gisirikare ageze ahatemba. Aharura ko ibikorwa vyo kuyasanura vyonyene bikeneye imiriyaridi zababa 67 z'ama-euro, ni ukuvuga imiriyaridi 72 z'amadorari y'Abanyamerika.

Gukuraho urugero ntarengwa rw'ideni, ibi bikaba vyoha uburenganzira igisirikare gufata ideni – mu bisanzwe ata nzitizi – vyogiha "inzira igororotse" yo kuronka amafaranga kugira ngo gitangure gutorera umuti ibi bibazo, nk'uko bivugwa na Jenerali Breuer.

Iyi ngingo idasanzwe yafashwe gihutihuti n'uwitezwe gusubirira Scholz, Friedrich Merz, yateje amakenga kuri bamwe bamwe. Yashikirije iyi nteguro inama nshingamateka akanya gato imbere y'uko ifutwa kubera amatora yo muri Ruhuhuma.

Inama nshingamateka nshasha, irimwo n'abo ku ruhande rw'i bubamfu rudashigikiye itsimbatazwa ry'igisirikare hamwe n'abo ku ruhande rw'i buryo rushigikiye Uburusiya, ishobora kuba itari iyishigikiye cane.

Ariko ingingo Ubudagi bwatanguje mu 2022 yagiye kugira izindi nguvu uno mwaka.

Amakenga Abadagi bafise ubu ku bakuru b'ibihugu vy'Uburusiya na Amerika agenda yiyongera

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Amakenga Abadagi bafise ubu ku bakuru b'ibihugu vy'Uburusiya na Amerika agenda yiyongera

Itohoza ryakozwe n'ikigo YouGov ryerekanye ko 79% vy'Abadagi bakibona ko Vladimir Putin ari "akaga kabi cane" canke "akaga gakomeye" ku mahoro n'umutekano vya Bulaya.

Ubu 74% bavuga uko nyene kuri Donald Trump.

Iri tohoza ryaje inyuma y'ijambo icegera ciwe JD Vance yavugiye i Munich aho yaneguye Ubulaya n'indangagaciro zabwo.

Markus Ziener ati: "Ico cari ikimenyetso gitomoye c'uko hari ikintu gikomeye cahindutse muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika".

" Ntawuzi iyo Amerika iriko iraja ariko turazi ko ivyo twari twizeye ijana kw'ijana ko Amerika yodutabara ari nka hamwe tworamuka dutewe – ibi ubu vyaraheze".

Gushira akahise inyuma

I Berlin, ivy'ukuntu Abadagi bakunda kwiyubara ku bijanye n'ibintu vyose bijanye n'igisirikare bisa n'uko biriko birazimangana ku muvuduko munini.

Charlotte Kreft w'imyaka 18 avuga ko ivyiyumviro vyiwe vy'ugushira amahoro imbere vyahindutse.

" Twaramaze igihe kirekire vy'ukuri twiyumvira ko uburyo bwonyene bwo gukosora ububisha twakoze mu Ntambara ya Kabiri y'Isi Yose ari ugukora ibishoboka vyose kugira ngo ntibigasubire kuba [...] kandi twiyumvira ko dukeneye kubaho ata gisirikare tugira", niko Charlotte asigura.

"Ariko ubu turi mu bihe vy'aho dutegerezwa kurwanira indangagaciro zacu na demokarasi n'ubwigenge. Dutegerezwa kujana n'ibihe".

Ku ruhande rwiwe, Ludwig Stein aravyemera: "Hari Abadagi benshi bagitangazwa n'amafaranga menshi ashirwa mu gisirikare. Ariko nibaza ko turavye ibintu bimaze kuba mu myaka mike iheze, nta yindi nzira nyayo ihari".

Charlotte na Ludwig babona ko ari ngombwa gushira uburyo bwinshi mu gisata c'ukwivuna abansi mu Budagi
Insiguro y'isanamu, Charlotte na Ludwig babona ko ari ngombwa gushira uburyo bwinshi mu gisata c'ukwivuna abansi mu Budagi

Sophie, umuvyeyi akiri muto, abona ko gushira uburyo mu gisata co kwivuna abansi ari "nkenerwa muri ino si turimwo ubu".

Ariko Ubudagi burakeneye ingabo na vya bimodoka vy'intambara bitamenwa n'amasasu asanzwe, kandi ntiyifuza cane ko umuhungu wiwe yokwinjira igisirikare.

'Muriteguriye intambara?'

Bundeswehr ifise ikigo kimwe conyene co kwakira ingabo camaho, akazu gatoya kari hagati y'iduka ry'imiti n'iduka ry'ibirato iruhande y'igituro ca gari ya moshi ca Friedrichstrasse i Berlin.

Ico kigo, mw'idirisha ry'ibiro vy'ico kigo hari ibipupe vy'abantu vyambaye impuzu za gisirikare n'amajambo nk'aya ngo "cool and spicy", gifise intego yo kuryosharyosha abagabo n'abagore kwinjira mu gisirikare, ariko kironka abantu bari ku rushi buri musi.

Ubudagi bwarananiwe no gushika ku ntego bwari bwihaye yo kuduza igitigiri c'ingabo kuva ku 20.000 gushika ku 203.000, no kugabanya imyaka isabwa gushika kuri 34.

Gushika mu 2011, hari itegeko mu Budagi ryavuga ko abagabo bose bategerezwa kwigishwa igisirikare
Insiguro y'isanamu, Gushika mu 2011, hari itegeko mu Budagi ryavuga ko abagabo bose bategerezwa kwigishwa igisirikare

Ariko ivyipfuzo vya Jenerali Breuer birakomeye cane.

Yatubwiye ko Ubudagi bukeneye izindi ngabo 100.000 kugira ngo bushobore kwivuna no gukingira uruhande rw'ubuseruko rwa OTAN – hakaba hakenewe abantu 460.000, harimwo n'ingabo z'integabizoza. Ashimangira rero ko ari nkenerwa cane gusubira ku mugambi wo kwigisha abanyagihugu igisirikare.

Ino ntwazangabo iti: "Ntushobora gushika kuri iki gitigiri ca 100.000 ata nzira kanaka yo kwinjiza ingabo ufise.

"Si ngombwa ko tumenya ubu inzira yobazana. Kuri jewe ica ngombwa gusa ni ukwinjiza abasirikare".

Iki kiyago ni ho kigitangura.

Jenerali Breuer ariko arafata iya mbere mu twigoro two gutuma Ubudagi "buhinduka" cane kandi vyihuta.

Yiyoroheje kandi afise ishaka, arakunze gutembera mu mabiro y'ibisagara vyo hagati mu ntara abaza abo ahasanze ikibazo ati: "Muriteguriye intambara?"

Umusi umwe umugore umwe yamwagirije ko yariko amutera ubwoba. Yibuka inyishu yamuhaye ati: "Navuze nti, 'Si jewe ndiko ndagutera ubwoba, ni urya wundi muntu'".

Yagomba kuvuga Vladimir Putin.

Ibi bintu bibiri bibateye ubwoba – ubwoba bafise ku Burusiya hamwe n'ingingo yo kwikumira no kwidohora ya Amerika – ubu biriko birakangura cane abantu mu Budagi, nk'uko ino ntwazangabo ibivuga, kandi ntibishobora kwirengagizwa.

"Ubu umuntu uwo ari we wese aratahura ko dutegerezwa guhinduka".