Israel irakajwe n'uko Uburusiya bwavuze ko Hitler yari afise amamuko y'Abayahudi

Lavrov

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu, Sergei Lavrov yabajijwe ingene Uburusiya bushobora kuvuga ko buriko buragwana ngo bukure ubu-Nazi muri Ukraine

Umushikiranganji wa Israel ajejwe imigenderanire yiyamirije nk'ikintu "kidashobora kugirirwa ikigongwe" ivyavuzwe na mugenziwe w'Uburusiya ko umukuru w'aba-Nazi Adolf Hitler " yari afise amaraso y'Abayahudi".

Umushikiranganji w'Uburusiya ajejwe imigenderanire Sergei Lavrov yabivuze ariko arasigura igituma Uburusiya buvuga ko Ukraine ari iy'aba "Nazi" n'ubwo umukuru wayo ari Umuyahudi.

Ubushikiranganji bwa Israel bujejwe imigenderanire bwaciye butumako uwuserukira Uburusiya muri ico gihugu kuja kwisigura kandi busaba ko hasabwa imbabazi.

Ubudagi bw'aba-Nazi bwishe miriyoni zitandatu z'Abayahudi muri Holocaust mu ngwano ya kabiri y'isi.

Lavrov ivyo yabivuze mu kiganiro yahaye ikinyamakuru co mu Butariyano Zona Bianca ku wa mungu, haheze iminsi mike Israel ihimbaje umunsi wo kwibuka, umwe mu minsi ikomeye cane ku kirangaminsi c'abanya-Israel.

Abajijwe igituma Uburusiya buvuga ko buriko buragwana kugira "buvane Ukraine mu bu-Nazi" mu gihe umukuru wa Ukraine Volodymyr Zelensky ubwiwe ari Umuyahudi, Lavrov yavuze ati: "None bivuze iki kuba Zelensky ari Umuyahudi."

"Kuba ibintu biri uko ntibikuraho kuba hari "aba-Nazi " muri Ukraine. Nibaza ko na Hitler nawe yari afise amaraso y'Abayahudi," yongerako ko "bamwe mu bambere mu kwanka Abayahudi ari Abayahudi nyene."

Amajambo y'umushikiranganji Lavrov yateye uburakari bwinshi mu banya-poritike muri Israel.

Umushikiranganji wa mbere wa Israel Naftali Bennett yavuze ati: "Bene ubwo bubeshi bugamije guta ku Bayahudi ubwabo amahano ya mbere akomeye yabaye muri kahise hanyuma avane ku bacinyije Abayahudi ivyo bategerezwa kubazwa.

"Nta ngwano y'ubu ari Holocaust canke imeze nka Holocaust."

Umushikiranganji wa Israel ajejwe imigenderanire yarakaye cane, avuga ko amajambo ya Lavrov "adashobora kugirirwa ikigongwe".

Tambuka X ubutumwa
Uremeye ibiri kuri X?

Iyi nkuru irimwo ivyatanzwe na X. Dukeneye uruhusha rwawe imbere yuko bigushikira, kuko birashobora kuba bikoresha cookies hamwe n'ubundi buhinga. Wobanza ugasoma aha X amategeko agenga cookien'ayagenga ubuzima bwite imbere yuko wemera. Kugira ubibone hitamwo 'emera hanyuma ubandanye'.

Uragaba: Ibitangwa n'izindi mbuga bishobora kubamwo gutangaza

Impera ya X ubutumwa

Umushikiranganji wa Israel ajejwe imigenderanire Yair Lapid aho avuga ati: "Amajambo y'umushikiranganji w'imigenderanire Lavrov ntababarirwa kandi ateye uburakari, vyongeye arimwo ikosa rihambaye kuri kahise. Abayahudi ntibiyishe bonyene ubwabo muri Holocaust. Nta vangura rikorewe Abayahudi nko ku bagiriza bonyene urwanko rw'Abayahudi".

Lavrov yiyamirijwe kandi na Dani Dayan, umukuru w'urwibutso rwa Holocaust rwo muri Israel rwa Yad Vashem.

"Menshi mu majambo yiwe ntagira umutwe n'amaguru, ntatandukanya ibiri vyo n'ivyo yibaza wenyene, n'amajambo abangamye kandi akwiye kwiyamirizwa," nk'uko yanditse kuri twitter. "Lavrov aracurika Holocaust agafata abakorewe amahano akabagira abayakoze, ashingiye mu gukwiragiza ibintu bidafise ishingiro ko Hitler yamuka ku ba-Yahudi."

Umunyamakuru wa BBC i Yeruzaremu Jon Dennison avuga ko ubukomezi bw'ingene amajambo yakiriwe muri Israel bwerekana uburemere bw'ububabare yateye Abayahudi haba muri Israel canke mu makungu. Muri aya mezi ya vuba, Israel, isanzwe ifise abantu benshi b'Abarusiya, yaragerageje kuba umuhuza hagati y'Uburusiya na Ukraine.

Avuga, yamara, ko reta ya Israel yaneguwe no kuba itafashe umurongo ukaze bihagije kuri prezida Putin. Amajambo ya Lavrov agiye kuba igipimo c'imigenderanire n'Uburusiya, kandi mu gihe ababaza benshi, yerekana imvugo imenyerewe mu bashigikiye ubutegetsi bw'Uburusiya, nk'uko abandanya avuga.

Yad Vashem Holocaust museum (27/04/22)

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu, Amajambo ya Lavrov aje haheze iminsi Israel ihimbaje umunsi wo kwibuka Holocaust y'aba-Nazi

Haheze imyaka itari mike havugwa ariko ata cemezo ko sekuru wa Hitler kuri se, yamara atavugwa uwari we, yari Umuyahudi, ivyo bikaba vyakongerejwe n'umushingwamanza wa Hitler Hans Frank.

Mu gitabo c'ubuzima bwiwe, casohotse mu 1953, Frank yavuze ko yari yahawe amabwiriza na Hitler gutohoza ibihuha vy'uko yari afise ibisekuruza vy'Abayahudi. Frank yavuze ko yaronse ivyemeza ko sekuru wa Hitler koko yari Umuyahudi - ariko ivyo, bishingirwako cane n'abashaka gusigura ibintu mu zindi nzira, bibeshuzwa n'abahinga nyabo ba kahise.

Uburusiya bwagumye busubiramwo ko imwe mu ntego yabwo mu ntambara kuri Ukraine ari ico bwita "kuvana mu bu-Nazi" ico gihugu, mu kwemeza ata fatiro ko reta y'ico gihugu ifise ingendo y'aba-nazi.

Israel isanganywe imigenderanire n'ibihugu vyompi vy'Uburusiya na Ukraine, buri mu baza imbere mu kugerageza guhuza ivyo bihugu kugira intambara ihagarare.