Ukraine ivuga ko Uburusiya bwakoze ibitero vyinshi vy'amadrone inyuma y'agahengwe ka Pasika

Ingabo zijejwe kurwanira mu kirere zicungereye ikirere ca Kyiv (ifoto yo mu bubiko)

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Ingabo zijejwe kurwanira mu kirere zicungereye ikirere ca Kyiv (ifoto yo mu bubiko)
    • Umwanditsi, Jaroslav Lukiv
    • Igikorwa, BBC News

Igisirikare ca Ukraine kivuga ko intara zitari nke zaraye zitewe na za ndege zitajamwo abadereva (drone) z'Uburusiya, amasaha makeya gusa inyuma "y'agahengwe ka Pasika" k'amasaha 30 kari katangajwe na Moscou (ubutegetsi bw'Uburusiya).

Igisirikare ca Ukraine kirwanira mu kirere casohoye ubutumwa bwo kugabisha mu ntata ya Kyiv, co kimwe no mu ntara za Kherson, Dnipropetrovsk, Cherkasy, Mykolaiv na Zaporizhzhia.

Mu gisagara ca Mykolaiv kiri mu bumanuko, umukuru waco Oleksandr Senkevych yavuze ko "humvikanye ibiturika". Ntibashotse bamenya nimba hari abapfuye canke bakomeretse.

Igisirikare c'Uburusiya ntaco kiratangaza kuri ibi bitero bivugwa. Aka gahengwe kari katangajwe na Perezida Vladimir Putin karangiye isaha zitandatu z'ijoro ku wa Mungu, mu masaha ya Moscou (isaha zitanu i Kigali na Gitega), impande zompi zikagirizanya kugahonyanga.

Mu gaturuturu ko kuri uno wa mbere, abategetsi b'uturere basavye ababa mu bisagara bitari bike, harimwo n'umugwa mukuru Kyiv, guhungira mu bibanza vyo kwinyegezamwo kubera bikeka ko hashobora kuba ibitero vy'amadrone.

Igisirikare ca Ukraine kirwanira mu kirere cavuze ko hashobora kuba ibitero vya muzinga mu ntara zo hagati, kandi ko indege z'intambara z'Uburusiya zari "mu myiteguro amaja mu buraruko bushira ubuseruko no mu buseruko".

Amasaha make inyuma y'aho aka gahengwe karangiriye, umuvugizi wa Kremlin (ibiro vy'umukuru w'igihugu c'Uburusiya) Dmitry Peskov yavuze ko Putin ata tegeko yatanze ryo kukongereza, nk'uko bitangazwa n'itororokanirizo ry'amakuru rya reta Tass.

BBC ntiyashoboye guhinyuza ku giti cayo ibivugwa na Ukraine be n'Uburusiya.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Mu masaha yitereye nijoro ku wa Mungu, Perezida Donald Trump wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika asanzwe ariko arondera ingene intambara yorangira, yavuze ko "hari icizere ko Uburusiya na Ukraine bishobora gushika ku masezerano muri ino ndwi". Nta zindi nsiguro yatanze.

Uburusiya bwatanguje intambara yeruye kuri Ukraine ku wa 24 Ruhuhuma (2) 2022, ubu bukaba bugenzura hafi 20% vy'ubutaka bwa Ukraine, harimwo akarere ka Crimée/Crimea kihagiwe n'Uburusiya mu 2014.

Bivugwa ko abantu ibihumbi amajana n'amajana - benshi muri bo bakaba ari abasirikare – bamaze kwicwa canke gukomereka ku mpande zompi kuva mu 2022.

Mu kwezi guheze, Moscou yasohoye urutonde rurerure rw'ivyo isaba kugira ngo intambara ihagarare nk'uko Amerika na Ukraine bivyipfuza.

Ku wa gatandatu, Perezida Putin yavuze ko ingwano zari guhagarara kuva isaha cumi na zibiri (18:00) mu masaha ya Moscou kuri uwo musi gushika isaha zitandatu z'ijoro ku wa Mungu. Kyiv na yo nyene yavuze ko yari kuvyubahiriza.

"Muri iki kiringo, ntegetse ko ibikorwa vyose vya gisirikare bihagarara", niko Putin yavuze mw'itangazo ryiwe.

"Twiyumvira ko na Ukraine izobikurikiza. Hagati aho, ingabo zacu zitegerezwa kwama zimeze magabo kugira ngo zituze icoza gihungabanya aka gahengwe hamwe n'agasomborotso k'umwansi, ibikorwa ivyo ari vyo vyose vyo gusotora".

Ariko, Perezida Volodymyr Zelensky wa Ukraine yavuze mu masaha yitereye y'ejo ku wa Mungu ko Uburusiya bwarashe vya muzinga incuro 1.882, muri 812 hakaba hakoreshejwe ibikoho bikomakomeye, nk'uko biri mu cegeranyo c'umukuru w'igisirikare ca Ukraine Oleksandr Syrskyi.

Zelensky yavuze ko ibitero bikomeye vyabaye mu buseruko bwa Ukraine, hafi y'igisagara ca Pokrovsk kigoswe n'umwansi, kikaba ari ngirakamaro mu ntara ya Donetsk.

Ati: "Ibikorwa vya Ukraine bizovana n'ingene Uburusiya bwitwaye. Ni haba agacerere, tuzoguma mu gacerere. Ibitero ivyo ari vyo vyose tuzokora bizoba ivyo kwivuna ivy'Uburusiya".

Mu gaturuturu k'ejo ku wa Mungu, yavuze ko ata bitero vyo mukirere vyabaye, aha akaba yashaka kuvuga ibitero vy'amadrone na za misire vyama bikorwa kuri Ukraine buri musi.

Yasavye ko "ibitero ivyo ari vyo vyose hakoreshejwe amadrone n'ibisasu vya misire biraswa kure ku bibanza vya gisivire vyohagarara mu kiringo c'imisi nibura 30, kandi kigashobora no kwongerezwa".

Zelensky yavuze kandi ko itangazo rya Putin ryari iryo "kwiyerekana neza" kandi ko amajambo yiwe ata carimwo. Yagirije Kremlin kugerageza kurondera ingene "abantu bokwibaza ko intambara yahagaze".

"Iyi Pasika irerekanye neza ko isoko ry'iyi ntambara, n'igituma idahera, ari Uburusiya", niko Perezida Zelensky yavuze.

Umushikiranganji w'Uburusiya ajejwe kwivuna abansi yashimangiye ko ingabo ziwe "zubahirije neza aka gahengwe".

Hagati aho, umuvugizi w'ubushikiranganji bw'Ubursiya bujejwe imigenderanire Maria Zakharova yagirije Ukraine ko yarashe ibisasu vya misire vyatanzwe na Amerika muri ico kiringo c'agahengwe.

Iri tangazo ry'agahengwe ryaje giturumbuka ryasohotse akanya gato inyuma y'uko Perezida Trump wa Amerika avuze ko ashobora gukura akarenge mu biganiro vy'amahoro hagati y'Uburusiya na Ukraine.

Ariko, itangazo ry'umuvugizi w'ubushikiranganji bujejwe imigenderanire ejo ku wa Mungu ryavuze ko Washington (ubutegetsi bwa Amerika) itazotezura "mu kurondera ko haba amasezerano nyayo yo guhagarika intambara".

Yongerako ati: "Harageze nimba hatararengerana ko iyi ntambara iriko yiha inkumbi yongera isambura ihagarara".