Witkoff yabonanye na Putin mu gihe Trump amusaba 'kugira ico akoze' kw'ihagarikwa ry'intambara muri Ukraine

Steve Witkoff yabonanye na Vladimir Putin mu nyubakwa y'umukuru w'igihugu i St Petersburg

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Steve Witkoff yabonanye na Vladimir Putin mu nyubakwa y'umukuru w'igihugu i St Petersburg
    • Umwanditsi, Dearbail Jordan

Intumwa ya Amerika Steve Witkoff yabonanye na Vladimir Putin i St Petresburg kuri uyu wa gatanu, mu gihe Donald Trump asaba ashimitse uwo mukuru w'igihugu c'Uburusiya "kugira ico akoze" kw'ihagarikwa ry'intambara muri Ukraine.

Uburusiya buvuga ko iyo nama yamaze amasaha arenga ane kandi ko yibanze " ku gutorera inyishu intambara ibera muri Ukraine".

Ivyo biganiro, bigize ivya gatatu vya Witkoff na Putin uyu mwaka, intumwa idasanzwe y'Uburusiya Kirill Dmitriev ibifata nka "ngirakamaro".

Trump yarerekanye agashavu kuri Putin ku kungene ibiganiiro biriko biragenda. Ku musi wa gatanu, yanditse ku mbuga hwaniro:"Uburusiya butegerezwa gutera intambwe. Abantu benshi bariko barapfa, ibihumbi n'ibihumbi buri ndwi, mu ntambara mbi itagira ishingiro."

Ivyo bivuzwe mu gihe intumwa idasanzwe ya Trump, Keith Kellong kuri Ukraine yahakanye ivyo gucamwo ibice ico gihugu.

Ikinyamakuru The Times kivuga ko, mu gihe bariko baragirana ikiganiro, Kellong yipfuje ko ingabo z'Ubwongereza n'Ubufaransa zoshobora kuja mu karere zogenzura mu burengero bwa Ukraine "nk'ingabo zo guhumuriza Ukraine".

Bivugwa ko yavuze kandi ko ingabo z'Uburusiya zoguma mu karere zigaruriye mu burengero.

"Ushobora kubigereranya n'uburyo bwa hagufi nk'ivyabaye i Berlin inyuma y'intambara ya kabiri y'isi yose", ico kinyamakuru ni ko kimusubiramwo avuga.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Mu nyuma Kellong yagiye ku mbuga hwaniro avuga ko iyo ico kinyamakuru "casubiyemwo nabi" ivyo yavuze.

Ku rubuga rwa X yanditse ati:"Nariko ndavuga ku ngabo zoza gushigikira ubusugire bwa Ukraine inyuma y'amasezerano yo guhagarika intambara.

"Sinariko ndavuga ivyo gucamwo ibice Ukraine."

Yaba Amerika canke Ukraine nta co bashotse babivugako. BBC yabajije ikinyamakuru The Times ico kibivugako.

Kare ku musi wa gatanu, ibihugu vya buraya vyaremereye imfashanyo ya gisirikare Ukraine ingana na miriyaridi 24 z'amadorari.

Muri ico gikorwa, abashikiranganji ba Buraya bajejwe kwivuna abansi bavuze ko ata kimenyetso babona c'uko intambara igiye kurangira.

Imbere y'uko haba umubonano uhuza Putin na Witkoff, umuvugizi w'ibiro vy'umukuru w'igihugu vy'Uburusiya Dmitry Peskov yavuze ko " atacotuma haba ukwitega agahengwe" mu gihe " igikorwa co gusubira kwunga imigenderanire kikibandanya".

Abajijwe nimba ibiganiro bishobora gushinga itariki Putin na Trump bohurirako, Peskov yavuze:"Reka turabe. Bizovana n'ubutumwa Witkoff aje azanye."

Dmitriev w'imyaka 49, arongoye ikigega cigenga c'Uburusiya, yaragiye i Washington mu ndwi iheze kandi yabaye umutegetsi wa mbere wo mu rwego rwo hejuru agiye muri Amerika kuva ico gihugu gitanguje ibitero kuri Ukraine mu 2022.

Zelensky yashize urugori rw'amashurwe imbere y'ifoto ya Herman Tripolets w'imyaka icenda hamwe n'iza Arina Samodina na Radyslav Yatsko bose b'imyaka indwi indwi.

Ahavuye isanamu, Ukrainian presidency

Hagati aho, prezida wa Ukraine Volodymyr Zelensky yagirije Uburusiya gukomeza iyo ntambara mu rugendo yagize kuri uyu wa gatanu ku kibanza misile z'Uburusiya zateye itariki 4 z'ukwezi kwa Ndamukiza(4) mu gisagara avukamwo ca Kryvyi Rih. Ico gitero cahitanye abantu19 harimwo abana 9.

Yavuze kandi ko amajana n'amajana y'abashinwa bariko baragwana ku ruhande rw'igisirikare c'Uburusiya. Ibi bije inyuma y'aho Ukraine ivugiye ko yafatiye abashinwa babiri ku rugamba.

Zelensky yagize ati:"Turafise inkuru ko hari n'imiburiburi amajana n'amajana y'abashinwa bariko baragwana ku ruhande rw'abasirikare b'Uburusiya bigaruriye ibice vy'igihugu cacu.

"Ibi bisigura ata guca hirya no hino ko Uburusiya bushaka ko iyi ntambara iba ndende hanakoreshwe n'abashinwa."

Zelensky yashize urugori rw'amashurwe imbere y'ifoto ya Herman Tripolets w'imyaka icenda hamwe n'iza Arina Samodina na Radyslav Yatsko bose b'imyaka indwi indwi.

Mu nyuma yateye akamo ko gusaba ubuhinga bwo kwivuna ibitero vyo mu kirere " mu gukingira ubuzima n'ibisagara vyacu".