Nyanza Lac: Uko Patchouli yahinduye ubuzima bwa bamwe mu barimyi b'ibigazi

- Umwanditsi, Gildas Yihundimpundu
- Igikorwa, Umunyamakuru ari i Bujumbura
"Naguze ingurube, nayise yi patchouli. Iravyibushe cane. Mu mahera nakuye muri patchouli nyene, ndiko ndubaka inzu y’ivyumba bine, n’isebule [icumba co kwakiriramwo abashitsi], na toilette [umusarani] irimwo."
Ayo ni amajambo ashikirizwa na James Kabura, umwe mu barimyi b’ibigazi barenga 1400 barima igiterwa ca patchouli muri komine Nyanza Lac, intara ya Makamba, mu bumanuko bw’Uburundi.
Patchouli ni igiterwa njabukamazi, gihingurwamwo amavuta amoga (amota) neza azwi nka "parfum".
Haraciye imyaka myinshi Kabura na bagenzi we bagerageza kurondera igiterwa coshobora kujana n’ikigazi kandi kikabasahiriza ariko umusaruro ukaguma ari mubi.
Uwo musaruro muke watuma badashobora gukuramwo amafaranga yo kwikenura mu miryango yabo. Ni mu gihe mu Burundi ubuzima buzimba uko bukeye uko bwije.
Kabura avuga ko bagiye batombora igiterwa gikunda ahantu mu gatutu kandi kikabaronsa akanoti gatubutse.
Agira ati: "Mu mirima yanje y’ibigazi nahora ndaharima imyumbati, ngiye kwimbura ngasanga ntaco ndonse.
"Ariko ku mahera nkura muri patchouli, abafise imyumbati baraza bakambwira ko bafise imyumbati bipfuza ko ndabagurira, nkayigura ata ngorane."
Turi ku mutumba Ruvumera, zone Muyange. Ni mu kiyaya. Hari imirima y’ibigazi minini cane. Ntushobora kubona iyo iva n’iyo iherera. Ibigazi vyarakuze cane, hama birisukara ku buryo udashobora kubona izuba.
Kwisukara kwavyo ni ko gutuma igiterwa ca patchouli kihakunda maze kikamererwa neza. Gisanzwe kitabonana n’izuba.
Gloriose Ndayishimiye, uwundi murimyi wo ku mutumba Ruvumera, asigura ko yasanze patchouli n’ikigazi ari magiriranire.
Ati: "Urimye musi y’ikigazi patchouli, harya ubagara uba ubagariye n’ikigazi. Na co nyene gica kigira ubuzima bwiza kigatanga umusaruro mwinshi."
"N’ico kigazi nyene kirongera kigafasha ya patchouli mu kuyiha intabire. Ni ukuvuga, amababi y’ibigazi tuyakoresha mu gusasira patchouli igaca ibaho neza."

Uruganda ruyihingura ruri muri komine Nyanza Lac nyene.
Abarimyi bashorera muri urwo ruganda. Bashora amababi, ikilo kikagurwa amajana ane. Buri mezi ane barasoroma. Hari abo usanga bashoye amatoni menshi y’ayo mababi.
Gloriose Ndayishimiye ati: "Iki giterwa caje ari nk’igisubizo ku bantu batobato. Uri umuntu mutoya, sinibaza ko hari akandi kazi woshobora gukora ngo uronke nk’imiriyoni zibiri."
Kugira amababi ya patchouli ahingurwe gushika aho atanga amavuta bisaba umwanya utari muto. Ayo mababi babanza kuyanikira mu kibanza izuba ridashikamwo. Kugira yume bitwara imisi. Amaze kwuma ni ho baheza bakayahingura akavamwo amavuta ameze nk’amazi.

Olivier Ruberintwari, arongoye uruganda rw’ishirahamwe ELAGA ruhingura iyo patchouli, avuga ko ari igikorwa kigoye cane gisaba ubuhinga bwinshi, kwitonda no kwihangana.
Aho ariko arasuzuma amamashini, yagize ati: "Uru ruganda rufise inkono zine. Inkono imwe imwe yose ijamwo ibiro amajana abiri vy’amababi yumye. Ivyo biro amajana abiri tubironka bivuye mw’itoni y’amababi mabisi."

"Aho rero turashobora gukuramwo hagati y’amaritiro atatu n’igice n’amaritiro atanu y’amavuta. Murumva y’uko ari nk’ugukama ishuri."
Ruberintwari asigura ko umwimbu ukiri muto cane.
Agira ati: "Ntiturashika ku rwego uruganda rwokora ijoro n’umurango. Umwimbu uracari hasi cane. Ariko uruganda rwo rurafise ubushobozi."
Kugira rero iyo ngorane y’umwimbu muke itorerwe inyishu, Janvier Miburo, umuyobozi w’uburimyi muri ELAGA, avuga ko hakenewe n’imiburiburi abarimyi bagera ku 4000. Birumvikana ko impinga ikiri ndende kuko uno musi bafise abarenga gato 1400.
Miburo avuga ko muri Nyanza Lac na Rumonge bafise amahegitari 654, ari na yo barimamwo. Bararima hama bagashora muri ELAGA. Avuga ko ku mwaka bashora amatoni amajana icenda.
Amavuta ahingurwa n’uruganda ELAGA ashorwa muri reta zunze ubumwe za Amerika.
Mu gihe Uburundi bumaze igihe buhanzwe n’ikena ry’amafaranga y’agaciro – ibituma butoroherwa mu kugura ibintu bimwe vya nkenerwa nk’igitoro, imiti n’ibindi, amavuta akomoka muri patchouli yoshobora kuba imwe mu nzira zo kuyarwiza.
Ariko bisaba ko haboneka umwimbu ukwiye.













