Burundi: Ingene menshi mu mafaranga ava mu butare adashika mu kigega c'igihugu

Ahavuye isanamu, Inama Nshingamateka @nshingamateka
- Umwanditsi, Gildas Yihundimpundu
- Igikorwa, Umunyamakuru ari i Bujumbura
“Sintahura impamvu ikigo OBR [kijejwe kwegeranya amakori n’amatagisi] kidashobora kumenyeshwa ubutare BRB [ibanki nkuru y’igihugu] isohora hanze y’igihugu igiye kudandaza”.
Ibi ni ibivugwa n’umushingamateka Pascal Gikeke ku bijanye n'amakenga abona ku gipfungu kirangwa mu gisata c’ubutare mu Burundi ku bijanye n’ingene ubu butare bushorwa mu mpisho.
Mu cegeranyo caraye gishikirijwe ku wa gatatu n’umugwi ujejwe intwaro ibereye ku matohoza wagize ku kuntu igisata c’ubutare cifashe, abashingamateka bagarutse ku kungene ibanki nkuru y’igihugu BRB yoba ishora mu mpisho inzahabu mu mahanga OBR ntinamenyeshwe amahera yinjiye.
Muri iki cegeranyo cashikirijwe imbere y’abashikiranganji Audace Niyonzima w’ikigega ca reta, na Ibrahim Uwizeye aramutswa ubushikiranganji bw’ubutare n’agataka, abashingamateka babona ko hoba haba ubusuma muri iki gisata bivuye kw’ishorwa ryabwo rikorwa mu mpisho.
Umushingamateka Gikeke ati: “Sinumva ingene OBR ijejwe kwegeranya amatagisi n’amakori y’igihugu ishobora kubinyegezwa, igisata ca reta kikanyegeza ikindi gisata ca reta”, akabona ko ibi vyerekana ko hoba hari ukuri ku bivugwa ko hari ubutare bwibwa.
Ni mu gihe amafaranga aba yitezwe kuva mu gisata c’ubutare buri mwaka atigera aboneka. Ku miriyaridi zirenga 26 zari zitezwe muri iki gisata mu mwaka wa 2023 ushira uwa 2024, hinjiye imiriyaridi zitandatu gusa mu kigega ca reta. Muri izo zinjiye, OBR yemera ko yabonye imiriyoni 55 zirenga gato z’amarundi.
Ku ruhande rwiwe, umushingamateka Bède Nyandwi yibaza ko muri BRB hoba hari umuntu yigaruriye cooperative imuha ubutare akaza aragurisha uko yishakiye, ku bwiwe bikaba ari vyo bituma haba uruhombo runini.
Ati: “Burya hashobora kuba hari abanyonyezi b’ubwo butare bashobora kuba ari bo bariko barahomvya ikigega ca reta. …abashira mu mifuko yabo amafaranga avuye mu butare”.
Ku mpari ziri hagati ya OBR na BRB, umushikiranganji w’ikigega ca reta Audace Niyonzima asigura ko BRB ifise uburenganzira bwo kugura amabuye y’agaciro mu ntumbero yo kugerageza kugwiza amafaranga mvamakungu (ama dolari). Avuga ko kenshi igura inzahabu.
Uwo mushikiranganji yabwiye abashingamateka ko aho vyagiye kugoranira ari uko BRB hageze ko ishora hanze, itigeze imenyekanisha ibijanye n’amakori ajanye no gushora hanze. Ashimangira ko mu bisanzwe, BRB ata kori itanga kubera ifise ubwo burenganzira (exonération).
Ubutare bushorwa hanze mu kinyegero

Ahavuye isanamu, Inama Nshingamateka @nshingamateka
Iyindi ngorane abashingamateka bagarutseko, ni ukuntu bitegekanijwe ko abacukura ubutare ari bo baza canke bizana kumenyekanisha ubutare bacukuye uko bungana.
Abashingamateka babona ko ata kuri abo bacukuzi bashobora kuvuga, bamwe muri bo bagatanga ivyegeranyo bivuga ko bahomvye kandi atari vyo, kuko mbere bamwe bazishora hanze mu kinyegero.
Umushingamateka Sylvie Nizigama yerekana ko abacukuzi bidoga bavuga ko “ubushikiranganji bubagurira ku mafaranga makeya, ari vyo bituma ubutare bumwe buca bunyegezwa bugashorwa mu kinywabi”.
Abaza ati: “Mbega mwoba mwararavye murabona ko reta ibaguriye ku mafaranga make ari ho yunguka canke ko kubadugiriza igiciro bigatuma butagenda hanze ari ho ihomba?”
Aha, umushikiranganji w’ikigega ca reta Audace Niyonzima aremera ko hariho akagorane gashingiye ku budasa bw’ingene idolari rivunjwa muri Banki z’igihugu no mu bigenga.
Avuga ko abashora hanze baca bagaruka bakavunjisha ama dolari baba baronse ku bigenga [marché noir] kubera hoho idolari rivunjwa menshi cane gusumba muri BRB.
Ati: “Ni aho rero hari iyo désequilibre [ubwo budasa bunini] ituma abantu baca batwara ibintu mu kinyegero, bagashora mu mpisho kugira baronke ayo mahera ya marché noir”.
Hagati aho, nta muti atanga.
‘Amasosiyete yarugawe hatisunzwe amategeko’
Abashingamateka baragarutse no ku ngorane ijanye n’ama sosiyete manini manini acukura ubutare nka Rainbow Mining na Tanganyika Mining yugawe.
Bamwe babona ko reta yoba ifata ingingo igihutihuti, bakabona ko bishobora gutera ingorane muri kazoza canke bikavyura imanza, kuko yari afise amasezerano atomora ikiringo cayo, nk’uko umushingamateka Lyduine Habarugira avyerekana.
Ku bwiwe ano masosiyete yugawe hatisunzwe “ingene amasezerano ahagarikwa”.
Ni mu gihe, aho ayo masosiyete yakorera hakiriyo ubutare bumwe bumwe butari bwashorwe, bushobora no kwononekara.
Umushikiranganji w’ubutare n’agataka Ibraham Uwizeye yishura ko bagerageje kuganira n’ayo masosiyete kugira barabe ingene reta yokuramwo akarusho kayibereye, ariko ibiganiro ngo ntaho birashika.
Ati: “Baraza tukumvikana, tukaganira, ariko ukabona ko harimwo agahaze, bagaca bagenda. Mugabo rero, ama sites [ibibanza bimbamwo ubutare] ntiturayatanga. Ntiturahebura. Gushika aho tuzokwumva bagira bati ‘turanse’.
“Tuzoca dufata ingingo nabo bafate iyindi. Ntituzotinya ko batuburanya kuko ni vyo benshi bitwaza”.










