Tchad ishobora kuba isoko rishasha ry'icayi c'Uburundi -Mahamat Idriss Deby

Perezida w'Uburundi, Evariste Ndayishimiye (i bubamfu) na mugenzi wa Tchad Mamat Idris Deby Itno (i buryo).

Ahavuye isanamu, NTARE RUSHATSI HOUSE

Insiguro y'isanamu, Perezida w'Uburundi, Evariste Ndayishimiye (i bubamfu) na mugenzi wa Tchad Mamat Idris Deby Itno (i buryo).

Umukuru ca Tchad Mahamat Idriss Deby Itno yavuze ko igihugu ciwe gishobora kuba isoko ry'icayi co mu Burundi.

Uwo mutegetsi yabivugiye mu birori vyo guhimbaza imyaka 62 Uburundi bumaze buronse intahe yo kwikukira vyabereye ku murwa mukuru wa porotike, Gitega.

Perezida wa Tchad asanzwe ari mu rugendo ku Buurundi kuva ku wa mungu.

Ahawe ijambo muri ivyo birori vyari bihagarikiwe n'umukuru w'Uburundi, Evariste Ndayishimiye, mugenziwe wa Tchad yashimikiye ahanini ku bikwiye gukorwa kugira imigenderanire y’ubutunzi n’urudandaza hagati y’Uburundi n’igihugu aramutswa igende neza.

Mahamat Idriss Deby ati: ''Muri Tchad, igihugu canje, turanywa icayi. Uburundi na bwo, burarima bukimbura cane icayi.

''None kw’isoko ry’icayi, ibihugu vyompi bihana ibidandazwa ku rugero rungana gute?''

Umukuru wa Tchad yabandanije avuga ko ''hageze rero ko ubutunzi bwacu budufasha kwubakira hamwe iterambere rya twese''.

Icayi gisanzwe kiri mu biterwa njabukamazi Uburundi bushora hanze bugakuramwo amafaranga y'agaciro.

Ariko ahanini cahora gishorwa mu bihugu vy'i Buraya n'ahandi cagurishwa mu camunara ribera ku kivuko ca Mombasa muri Kenya.

Mu bindi uwo mutegetsi wa Tchad abona vyoshimikirwako, harimwo ibisata vy’ubutare, uburimyi n’ubworozi.

'Imigenderanire ikomeye hagati y'Uburundi na Tchad'

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Umukuru w’Uburundi Evariste Ndayishimiye yatangaje ko imigenderanire yari isanzwe ikomeye hagati y’ibihugu vyompi .

Yibukije ko mu ntureka zo 2015 igihe mu Burundi hagira harungikwe inteko mvamakungu, umukuru w’igihugu ca Tchad w’ico gihe - akaba na se - ’uyu ahari ubu, ari muri bake biyamirije baranagwanya iyo ngingo.

Mw’ijambo yashikirije, umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yagarutse cane ku butwari bw’abasirikare b’Uburundi barungitswe gufasha reta ya Repubulika ya Demokarasi ya Congo kurwanya umuhari M23 urwaniriza reta mu buseruko bw’ico gihugu. Yari yaraye anabivuze mw'ijambo yashikirije igihugu buca hahimbazwa uwo munsi w'intahe yo kwikukira.

Yagiriyeko yambika imidari yo kwitangira igihugu Lieutnant Nderabakura Monfort na Adjudant Nahima Firmin, abasirikare babiri ashimagiza ku kuntu bahagararira ibirindiro aho muri Congo.

Abasirikare b’Uburundi bafatikanije n’abo mu muryango w'ibihugu vyo muri Afrika y'ubumanuko, SADEC, bamaze igihe bafasha reta ya Congo guhangana n’abagwanyi b’umuhari M23 mu ntara ya Kivu ya Ruguru. Reta ya Congo ivuga ko uwo muhari ushigikiwe n’Urwanda, ivyo ico gihugu gihakana.

Uwo muhari uherutse kwigarurira Kanyabayonga, ikindi gisagara gikomeye muri ako karere.