Intambara ya RD Congo: M23 yaraye ifashe Kanyabayonga

Ahavuye isanamu, Reuters
Inyuma y’intambara zari zimaze imisi itari mike, igisagara gikomeye ca Kanyabayonga caraye cigaruriwe n’inyeshamba za M23, umuhari uhanganye n’igisirikare ca reta ya Repubulika ya Demokarasi ya Congo (DR Congo).
Ibinyamakuru vyo muri iki gihugu vyandika ko iki gisagara cafashwe ejo ku wa gatanu hafi y’isaha icumi n’igice (16h30), mu masaha yo muri ico gihugu, ni ukuvuga isaha cumi n’imwe n’igice (17h30) mu masaha ya Gitega na Kigali.
Ifatwa ry’iki gisagara kiri ku birometero vyababa 100 mu buraruko bw’umugwa mukuru w’intara ya Kivu ya Ruguru, Goma, ryuguruye inzira ishikana mu bisagara vya Butembo na Beni mu buraruko, aha hakaba ari muri teritwari ya Lubero muri iyo ntara nyene.
Ejo ku wa gatanu kuva mu gatondo, havugwa intambara zikaze cane mu micungararo ya Kanyabayonga hagati y’igisirikare ca DR Congo (FARDC) n’inyeshamba za M23, imbere y’uko zigarurira iki gisagara ku mugoroba.
Imbere y’aha inyeshamba za M23 zari zigaruriye ibigwati vya Miriki na Kikama ku wa kane.
Amashusho yacishijwe ku mbuga hwaniro, yerekana izi nyeshamba zinjira mu gisagara, mbere bamwe mu banyagihugu bazikomera amashi nubwo ata wuzi ko vyava ku mutima canke ku bwoba.
BBC iracagerageza kurondera abategetsi ba DR Congo hamwe n’abarongoye umuhari M23.
Igisagara ca Kanyabayonga gifashwe inyuma y’imisi mike umushikiranganji wa mbere wa DR Congo, Judith Suminwa atangaje ko reta yiwe izokurikirana abateye igihugu, ariko atabadomako urutoke.
Muri urwo rugendo rwa mbere yari akoze kuva ashikiriye aya mabanga, maze agahitamwo kurutangurira mu buseruko bwa Congo burangwamwo intambara zimaze imyaka n’imyaka, Suminwa yavuze ko ingabo za DR Congo ziriko zirongererezwa uburyo kugira ngo zishobore gutsinda intambara zirimwo.
Akarere k’ubuseruko bwa DR Congo kamaze imyaka hafi 30 karangwamwo intambara zidahera, aho gushika ubu gaharurwamwo imihari irenga ijana.
Umwe muri ino mihari ni M23 yashinzwe mu 2012, ubu ukaba wegukira urunani AFC, ikaba ari na yo iboneka ko ibangamiye cane reta y’iki gihugu, aho kuva mu mpera za 2021 yatanguje intambara mu ntara ya Kivu ya Ruguru, ubu ikaba imaze kwigarurira uturere tutari duke mu materitwari ya Rutshuru na Masisi.
Reta ya DR Congo be n'abahinga ba ONU bemeza ko Urwanda ari rwo rushigikiye umuhari M23 mu kuwuha ibirwanisho n'abarwanyi, ivyo Urwanda rwamye kandi rubandanya ruhakana.
Hejuru y’Urwanda rwagirizwa kuva kera, abahinga ba ONU baherutse gusohora icegeranyo cagiriza igisirikare ca Uganda ko na co nyene gifasha inyeshamba za M23, ibirego vyiyamirizwa na Brigadiye Jenerali Felix Kulayigye avugira iki gisirikare, akavuga ko iki cegeranyo gihengamye, kandi ko kidashingiye ku bushakashatsi.
Mu gihe umukuru w’igihugu ca Angola, João Lourenço avuga ko ariko akora ibishoboka kugira ngo ahuze Perezida Perezida Paul Kagame w’Urwanda hamwe na Perezida Félix Tshisekedi wa DR Congo, utwigoro tw’amahoro duhagarariwe n’akarere gushika ubu ntaco turashikako.













