RD Congo:Abasirikare babiri ba Afrika y’Epfo biciwe mu gitero i Sake cakomerekeje abandi 20

Ahavuye isanamu, STR/EPA-EFE/REX/Shutterstock
Abasirikare babiri ba Afrika y’Epfo bishwe abandi 20 barakomereka mu gitero cakozwe ku kirindiro cabo mu buseruko bwa Repubulika ya Demokarasi ya Congo.
Itangazo ryasohowe n’igisirikare ca Afrika y’Epfo, rivuga ko aba basirikare bishwe ku wa kabiri 25 Ruheshi (6) 2024, mu gitero c’igisasu ca muzinga caguye ku kirindiro c’izi ngabo kiri i Sake.
Ni igitero kigize gatatu gikozwe ku ngabo za Afrika y’Epfo kuva uno mwaka wa 2024 utanguye.
“Amazina y’abishwe azomenyeshwa hageze”, niko iri tangazo rirangiza rivuga.
Igisirikare ca Afrika y’Epfo cemeza kandi ko muri abo basirikare 20 bakomeretse, bane muri bo bababaye cane.
Kuva mu ntango z’uno mwaka, intambara mu micungararo y’igisagara ca Sake zariyongereye.
Abasirikare ba Afrika y’Epfo bari mu ngabo zarungitswe n’ishirahamwe SADC rihurikiyemwo ibihugu vyo mu bumanuko bwa Afrika mu ntumbero yo gufasha igisirikare ca DR Congo kurwanya inyeshamba za M23 zigeramiye akarere k’ubuseruko bw’iki gihugu.
Zasubiriye izari zarungitswe n’Umuryango wa Afrika y’Ubuseruko ariko zagiye kwagirizwa na reta ya Congo ko ataco zariko zirafasha.
Ibihugu vya Afrika y’Epfo, Malawi na Tanzania ni vyo vyarungitse ingabo zavyo muri aka karere kamaze imyaka mirongo karangwamwo intambara zidahera zimaze guhitana abantu baharurwa mu mamiriyoni, abandi nabo bagata izabo.
Imirwi irenga 100 niyo iharurwa muri ako karere kuzuye ubutare bw’ubwoko bwinshi, ariko umurwi ukomeye ni M23 umaze kwigarurira uturere tutari duke mu ma teritware ya Rutshuru na Masisi mu ntara ya Kivu ya Ruguru.
Reta ya DR Congo, abahinga ba ONU n’ibihugu bitari bike vyagiriza reta y’Urwanda ko ari yo ifashe mu mugongo M23 mu kuyiha uburyo n’abarwanyi, ibirego iki gihugu kibandanya camirira kure.
Ni mu gihe reta y’Urwanda nayo yagiriza iya DR Congo ko ihaye indaro ikanafasha inyeshamba z’umuhari FDLR zagirizwa jenoside yo mu 1994.
Utwigoro tw’akarere mu ntumbero yo kugarukana amahoro muri iki gihugu kigira kabiri ku mugabane wa Afrika mu bunini ntaco turashobora gushikako.













