Imvo n'Imvano ku burenganzira bwa zina muntu mu Burundi -igice ca kabiri

Insiguro y'amajwi,

Ikiganiro c’Imvo n’Imvano co kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 7 ukwezi kw’icenda mu2024 ni igice kigira kabiri c’ico twabashikirije mu ndwi iheze, cerekeye agateka ka zina muntu mu Burundi.

Agateka ka zina muntu karubuharijwe mu Burundi?

Nta bantu bagipfungirwa ubusa?

Ntabakinyuruzwa?

Nta bamenyeshamakuru baburabuzwa?

Imigambwe irakora ata nkomanzi?

Ivyo ni bimwe mu bibazo tubandanya kugarukako muri kino kiganiro c’Imvo n’Imvano kigira kabiri.

Abatumire ni babandi nyene: Dr Sixte Vigny Nimuraba arongoye akanama k’igihugu kajejwe agateka ka zina muntu, Gatoni Rosine Guilene, umuvugizi w’umukuru w’igihugu, Mireille Kanyange arongoye ikigo c’abamenyeshamakuru mu Burundi “Maison de la Presse” hamwe na Leonce Ngendakumana yahoze arongoye inama nshingamateka, akaba ari mu ugambwe Sahwanya -Frodebu.

Ikiganiro kirongowe kandi mugishikirizwa na Cyriaque Muhawenayo.

Perezida Evariste Ndayishimiye

Ahavuye isanamu, Ntare Rushatsi House