Ingene Bizimana yagiye kuragana yambaye Kimono kubera urukundo akunda Karate

Bizimana Francois n'umupfasoni wiwe imbere y'abakozi bo mu gisata c'ingo n'imiryango bariko barabaraganisha muri komine Rugombo.

Ahavuye isanamu, X

    • Umwanditsi, Cyriaque Muhawenayo
    • Igikorwa, BBC Gahuzamiryango

Ku wa gatandatu igenekerezo rya 28 ukwezi kwa Nyakanga (9) 2024, umusore Bizimana François, yatangaje benshi aho yahitamwo gushinga urwiwe yambaye impuzu ya Kimono bambara bariko barakina Karate.

"Ndakunda urukino rwa Karate. Natanguye kwiga umwaka wa mbere naramaze gutangura gukina Karate," uko ni ko yabwiye BBC.

Abandanya agira ati: "Nk'umukinyi wa Karate kandi nipfuza kuzobibandanya gushika ngeze mu zabukuru, baravuga ko umusi mukuru wa mbere ari uwa 'mariage'.

"Ndavuga nti nka hamwe nokora uru rubanza rwo kuragana muri reta nambaye uyu mwambaro wa Karate, vyompimbara cane, ku buryo n'abazonyamukako bazovuga bati 'umutama yarakunda umukino wa Karate'."

Nawe umukozi wo mu gisata c'ingo n'imiryango yaraganishije Bizimana n'umugeni wiwe, kuva ku w'Imana yarahagaritswe n'igiporisi, ntibiramenyekana ico yafatiwe.

Bizimana akora akazi ko guteka nk'umwuga. Arangurira imirimo yiwe muri komine Rugombo, mu ntara ya Cibitoke.

Avuga ko akunda Karate cane ku buryo n'iyo ariko araruhuka "nca nja kuri terefone yanje nkaba ndaruraba kuri YouTube."

Uwo musore w'imyaka 31 ari mu mugwi wa Karate [Club] wo mu Cibitoke witwa Nderagakura.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Imbere yo gufata iyo ngingo, avuga ko yabanje kubagisha inama, na bo barabimwemerera.

"Vyoba ari vyiza. Turabona y'uko mw'ishengero Katolika, Abasaveri, Ingendanyi... aba Scouts bararagana bambaye inyambaro zibaranga. Nawe babikwemereye vyoba ari vyiza," uko ni ko Club Nderagakura yamwishuye.

Imbere y'uko isango ryo kuragana rigera Bizimana François yarasavye uruhusha rwo kwambara Kimono ku musi wo kuragana mu gisata kijejwe ingo n'imiryango muri komine Rugombo mu ntara ya Cibitoke baramwishura "tugiye kuvyiyumvira tuzoguha inyishu."

Abandanya agira ati: "Imbere y'indwi imwe ngo ndagane narabajije inyishu barambarira "nta kibazo uritegura uzoze wambaye Kimono nta 'problème[nta ngorane]'".

Ku rubuga rwa X, umuhanuzi ajejwe imico n'imigenzo mu biro vy'umukuru w'igihugu c'Uburundi abona ko abategetsi bemeye ko urwo rubanza ruba ku bwiwe "bavyifashemwo nabi".

Jean Claude Karerwa Ndenzako yanditse ati: "Ubwo nitwarekerana mu misi iza ntituzobona abambaye impuzu zo kwoga baje kuragana, bafashe ibendera ry'igihugu cacu c'Uburundi? Imico myiza y'abarundi iraturekurira gutira impuzu y'urubanza!"

Hagati aho, Icoyitungiye Patrick, umukozi wo mu gisata c'ingo n'imiryango muri komine Rugombo yaraganishije Bizimana François n'umugeni wiwe, kuva kuri uyu w'Imana yarahagaritswe n'igiporisi muri komine Cibitoke.

Ntibiramenyekana ko ico yafatiwe coba gifitaniye isano no kuba yaraganishije Bizimana muri uwo mwambaro. BBC yabajije imvo yo guhagarika Icoyitungiye, ntiraronka inyishu.

Mu Burundi, abagiye gushikiriza indagano zabo haba muri reta canke imbere y'Imana bagenda bambaye mu buryo butandukanye.

Hari abashima kwambara kizungu [Costume], abandi bagashima kwambara inyambaro ya ba sokuru [Imbega]. Hari n'izindi nyambaro zitandukanye.

Hari kandi abambara impuzu zijanye n'akazi basanzwe baba bakora nk'abasirikare n'abapolisi.

Amategeko mu Burundi ntatomora neza uko abaje kurushinga bategerezwa kuba bambaye.

Bizimana Francois n'umupfasoni wiwe

Ahavuye isanamu, BIZIMANA FRANCOIS

Impari kuri iyo nyambaro

Ku mbuga hwaniro, ubwo bugeni bwakweze impari nyinshi.

Ku rubuga rwa X bati:

@KenzoIgiraneza ati:"Aho haca haza ikibazo c'ico umwe umwe wese afata nk'umwambaro usuzuguritse. Nimba ari umu " SenSei" kuri we nta mpuzu y'icubahiro iruta iyo ubona yambaye , nobigereranya nka kurya abasirikare nabo baja kuragana bambaye umwambaro ubaranga"

@DrKubwimana ati:"Mutama mu gihe bagiye mu mahiganwa baronse umudari Burundi bwacu ntisamirana bambaye izo mpuzu? Ko batarinda kugenda kwambara ikoti?"

@vanglisteA38102 ati:"Bavyita 'gushira isoni'; isoni ritera kwubaha, kwubaha bigatera urupfasoni. Izo concepts nouvelle génération zirabagora."

@ymvhkj9cbh:"Kubera iki utozambara ari vyo wahisemwo? Uwambaye costume ni we aca yubaka rukaguma?"

@UBellarmee ati:" Iyo mico mwinyegezamwo kugira mukandamize abantu siyo nagato! Duhe itegeko ryerekana umwambaro umuntu yokwambara muri Etat-civil?Hama utubwire yuko iyo mico uriko uharanira isumba amategeko yanditse."

@PeaceEac ati:"Ibi bintu nanje simbona ko vyari kwemerwa imbere y'amategeko. None abakinyi ba football bazohore baza muri Etat Civil bambaye tenu za football abakina izindi nkino uko nyene?"

Bizimana François avuga ko kwambara gutyo kuri we ari ibisanzwe kuko urukino rwa Karate rumenyerewe cane.

Ikindi kandi ngo ntarumva abatangazwa n'abandi bahora baragana bambaye impuzu z'imigwi barimwo.