Sarah Wilkinson: Menya uno mugeni yamaze imyaka 20 yegeranya uburyo kugira yirongore

Ahavuye isanamu, AB Studio Creative
Umugore w’umwongerezakazi yamaze imyaka 20 yegeranya uburyo kugira ngo ashike ku ndoto z’ubugeni bwiwe aherutse gukora ubukwe bwa we nyene inyuma yo kubura umugabo nyawe wo kwubakana nawe.
Sarah Wilkinson w’imyaka 42 yafashe ingingo yo gukora ibi birori vy’ubugeni vyari bihagarariwe n’umugenzi wiwe i Harvest House mu gisagara ca Felixstowe i Suffolk.
Wilkinson avuga ko iyi ari iyindi ntambwe isanzwe inyuma y’uko yiyambitse impeta y’ukwiyemeza ubugeni we nyene.
Uno mugore ati: "Wari umusi mwiza cane kuri jewe kubona bose bari bampanze amaso.
"Ntivyari ibirori vyemewe, ariko wari umusi w’ubukwe bwanje.
"Nibaza ko iyo ugeze aho wibaza uti 'ndashobora kutaronka aka karyo ndi kumwe n’umufasha iruhande, kubera iki konjana?'
"Aya mafaranga yari ay’ubugeni bwanje – yari ng’aho, none kubera iki ntoyakoresha ikintu nipfuza gukora".

Ahavuye isanamu, AB Studio Creative
Wilkinson asanzwe aba muri ico gisagara, avuga ko yakoresheje amapawundi 10.000 (ni ukuvuga imiriyoni zirenga 34 mu mafaranga y’amarundi) muri ibi birori, amafaranga yegeranije mu kuziganya buri kwezi, akongerako ayo yagiye aronka mu buryo butandukanye, nk’iyo atsinze mu kamari.
Uno mugeni yari ahagatiwe n’incuti n’abagenzi 40 muri ibi birobi vyabaye ku wa 30 Nyakanga (9), hamwe na 40 bandi ku murogoba mu kibanza ca tennis kiri imbere yiwe.
Yabwiye BBC Radio Suffolk, iradiyo ya BBC ikorera mu karere ka Suffolk, ko abagenzi biwe batatangaye kwumva uno mugambi utamenyerewe wo gutegura ubukwe bwo kwirongora.
Ati: "Nta muntu n’umwe atari yuzuye akamwemwe umusi wose, bavuga ko cari igihe c’akaroruhore”.
"Hafi buri muntu yavuga ati 'iki ni ikintu Sarah yisangije co gukora'."
Avuga ko iciyumviro co kwirongora camujemwo igihe yashikana imyaka 40 muri ca gihe c’amabwirizwa ya guma mu rugo, aca afata ingingo yo kwigurira impera yo kwiyemeza ubugeni (bague de fiançailles/ engagement ring) yamye yipfuza kuva kera.
Muri ibi birori yari yambaye ikanzu y’ubugeni yera nk’uko bisanzwe, igato (gâteau/cake) igizwe n’amagato agerekeranye, hejuru yayo hariko agashusho k’umugore asoma igikere, nyina wiwe akaba ari we yamuherekeza.
Umugenzi wiwe – umuhinga mu bijanye no gutegura ubugeni, Katherine Cresswell – ni we yari ahagarariye ibirori.
"Nk’uko vyari bimeze kuri Sarah, kwari ugukoranya abantu kugira baryoherwe”, niko Cresswell avuga.
"Buri gihe turakeneye ikiriro kandi ndibaza ko tubikeneye gusumba ibindi bihe vyose uno musi".
N’aho yashitse ku musi mwiza w’ubugeni bwiwe, Wilkinson avuga ko iciyumviro co kurondera umugabo muri kazoza ataco cagiye.
Ati: “Oya ntaho cagiye…ni ukuba uravyihojeje gusa kuko bisaba inguvu nyinshi”.










