South Africa: Umugabo yirutse 90km kugira asabe umugore kwemera ko bubakana

Ahavuye isanamu, Joey Ndlovu
Inkuru y'umugabo wo muri Africa y'Epfo iriko irakwiragira cane cane ku mbuga hwaniro inyuma yo kwiruka 90km kugira agaragaze urukundo afitiye umugore.
Uwo mugabo w'imyaka 57, yamenyekanye nka Joseph Kagiso Ndlovu, yirutse ivyo birometero (ultra-marathon) kugira aje gusaba umugore yitwa Prudence ko bokwubakana.
Yafashwe ifoto afise icapa canditseko amajambo asaba uwo mugore kwemera ko bubakana, igihe yari hafi yo gushika ku murongo wo kurangiza iyo marathon izwi nka Comrades Marahton ku wa mungu.
Icapa cari canditseko ngo: "Prudence uremeye kuzombera umugore? Nirutse 90km kubera wewe".
Iyo nkuru iriko iravugwa cane mu binyamakuru vyo muri Afrika y'Epfo no ku mbuga hwaniro, abantu bagatangazwa n'ico kirere cose uwo mugabo yirutse kugira areshe uwo mugore.
Ndlovu yabwiye BBC ku wa mbere ko Prudence Dick, yari yaje kurorera iyo marathon no kumushigikira, yaciye yemera ubusabe bwiwe.
Avuga ko bari basanzwe bareshanya kuva mu ntango z'uyu mwaka kandi ko bategekanya kwubakana mu mwaka uza.
Yavuze ko ubwo bwagira indwi yitaba iyo marathon kandi ko ubu uwo mugore ariwe yamuhaye intege zo gusubira inyuma y'imyaka ibiri yari yarahagaritse.

Ahavuye isanamu, Joey Ndlovu
Ubwa mbere ntivyari vyashotse bimenyekana niba uwo mugore yemeye, bamwe bamwe ku mbuga hwaniro baca batangura kubimusaba.
Nk'uwo yanditse kuri twitter ati: "Ewe Prudence, emerera Joseph Ndlovu".
Iyi nkuru irimwo ivyatanzwe na X. Dukeneye uruhusha rwawe imbere yuko bigushikira, kuko birashobora kuba bikoresha cookies hamwe n'ubundi buhinga. Wobanza ugasoma aha X amategeko agenga cookien'ayagenga ubuzima bwite imbere yuko wemera. Kugira ubibone hitamwo 'emera hanyuma ubandanye'.
Impera ya X ubutumwa
Uwundi ati: "Nk'igihugu , dukeneye kumenya ko ubusabe bwemewe. Wa muntu ufata amashusho, rondera Prudence. Turabikeneye cane"










