Ibintu bitanu umugore adakwiye kubwira umugabo n'aho boba bakundana gute

Mariage

Ahavuye isanamu, Getty Images

Kubana n'ikintu ciza cane kuko gihuza umugabo n'umugore kugira batangure gushinga umuryango, kandi bizana imigisha myinshi nk'ibibondo hamwe n'ibindi vyinshi.

Ariko muri kino gihe, ingo nyinshi zirasambuka bivuye ku mvo iyi canke iriya, na cane cane bivuye ku mwumvikano muke w'abubakanye.

Mu vyukuri ntihakwiye kuba ukunyegezanya ibintu hagati y'abubakanye, ariko hariho ibintu bimwe bimwe umugore adakwiye kubwira umugabo wiwe, n'aho boba bakundana gute.

Mu miryango myinshi ya Afrika, hari umugani uvuga uti "amatwi atumvise umutima ntushobora gutuntura".

Niwaba rero ushaka amahoro mu muryango wawe, ni ngombwa kwirinda guca mu bintu bigoye, umugore rero ategerezwa gufasha mu kubishikako.

Ibi n'ibintu bitanu umugore ategerezwa kwirinda kubwira umugabo wiwe:

1. Igitigiri c'abagabo baryamanye imbere y'uko bubakana

Kirazira kumubwira umugenzi wawe w'umugabo igitigiri c'abagabo mwaryamanye imbere y'uko mubana.

Impamvu n'uko ushobora kwiyumvira ko utazigera na rimwe ukorera ikosa umugabo wawe. Mu gihe rero abo bagabo umubwiye ari benshi, ashobora kwibaza ko wewe wari imaraya.

Kubera ivyo rero, igihe yokubaza abagabo mwaryamanye, ushobora gutwenga gusa ugaca umubarira uti: "Reka ivyo bintu. Burya ico kibazo cawe wumva kijanye gute n'urugendo rwacu turimwo rw'urukundo?"

2. Kuvuga amabanga y'umugenzi wawe w'umugabo mwakundanye canke mwigeze kwubana

Ubajijwe ibintu bijanye n'abantu b'abagabo, ishura amajambo make.

Ntukavuge ibintu bishobora gutuma umugenzi wawe canke umugabo wawe yumva ko atari vyiza, canke yiyumve ko ari umuntu mubi.

Ntakavuge na rimwe - wipfuza gukundana n'umugabo atunze gushika ku rugero uru canke ruriya, ashoboye gukora amabanga yo kwubaka gushika ku rugero uru n'uru, canke uko wumva yokunda umugore wiwe.

Mariage

Ahavuye isanamu, Getty Images

3. Ntukabwire umugabo wawe ko ukunda cane umugenzi wawe canke muramwawe

Twese turazi ko bishoboka ko umugenzi wawe canke muramwawe ashobora kuba yaripfuje ko mubana.

Ariko, kirazira kikaziririzwa gucira amate hasi ngo ubibwire umugabo.

Impamvu n'uko umugabo wawe ashobora kugumana amakenga ku nyifato yawe imbere y'uwo mugabo, ibintu bishobora gutuma urugo rwawe rusambuka.

4. Ntuhirahire ngo umubwire ko udakunda nyina canke umuryango wiwe

N'aho nyokobukwe yoba umuntu mubi bingana gute, ntuhirahire ngo ubwire umugabo wawe ko utamwerekwa.

Canke ngo umubarire ko wanka umuryango wiwe. N'aho woshavura gute, ntupime ngo uvuge amajambo mabi kuri bo, canke ngo ufate umugabo wawe nk'abo mu muryango wiwe.

Nimba utumvikana n'umuntu n'umwe mu muryango wiwe, bimusigurire buhoro buhoro, ufise icizere ko atahura impamvu utumvikana na bo.

Umugabo wawe kandi ashobora kugufasha gutora inyishu y'ico kibazo, kandi bishobora gukinga ayandi matati ashobora kwaduka.

5. Ntugatere ubwoba umugabo wawe ko uzomuheba

Umusi uzohirahira ukabwira umugabo wawe ko uzomuheba muriko murashwana, umenye ko intambara izoba itanguye mu rugo rwanyu.

Urugo rwanyu ruzoca rutangura kuza rurahura n'ibigeragezo, amakenga no kutizerana.

Gutera ubwoba ko ushobora kwahukana mu rugo, bisigura ko ata cizere ufitiye urugo rwawe, kandi ko utaruha agaciro.

Uretse ko mu rugo habaho guhohotera n'ubundi bubegito bwinshi, ni vyiza kugerageza gufashanya gutorera inyishu ingorane zose muhuye.