India: Ibombe yatanzwe nk’agashimwe ku bageni yahitanye umugabo na mwenewabo

Igipolisi kivugwa ko uwakoze ibi ari uwahoze ari umukunzi w'umugeni

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Igipolisi kivugwa ko uwakoze ibi ari uwahoze ari umukunzi w'umugeni

Umugabo yari aherutse kurongora be na mwenewabo bapfuye inyuma y’aho ibikoresho vy’umuziki yahawe nk’agashimwe ku musi w’ubugeni bwiwe biturikiye.

Igipolisi kivuga ko ako gashimwe karimwo ibisasu vyagiye guturika bikimara gucomekwa ku muyagankuba.

Uyu mugabo yapfiriye aho nyene, mwenewabo na we akaba yagiye gupfa mu nyuma ariko aravurwa ibikomere yanduye.

Igipolisi kivuga ko iki kibombe coba carungitswe n’uwahoze ari umukunzi w’umugore wiwe, yatewe n’agashavu no kubona yarongowe n’uwundi mugabo.

Uwagirizwa gukora ibi, azwi kw’izina rya Sarju Markam ava mu ntara ya Madhya Pradesh, yahagaritswe nijoro. Ntarashobora kugira ico avuze ku vyo yagirizwa kubera ari mu gasho.

Abandi bane, harimwo umuhungu w’imyaka 18, barakomeretse muri iki kibombe caturitse ku wa 03 Ndamukiza (4) ku muhana w’uyu mugabo yari yarongoye mu karere ka Kabirdham nk’intara ya Chhattisgarh iri hagati mu Buhindi.

Igipolisi kivuga ko Markam w’imyaka 33 yari asanzwe areheje uyu mugore w’imyaka 29 akaba yamusaba ashimitse ko aba umugore wiwe wa kabiri.

Ariko umuryango w’uyu mugore waranse maze uca umutegurira kurongorwa ahandi.

Igipolisi kivuga ko iki gisasu cari gikomeye cane ku buryo inkuta n’igisenge vyasenyutse kubera ingaruka zaco.