Umuryango wo muri India witwariye umuhungu wabo kubera atarabavyarira umwuzukuru

Umuryango wo mu Buhindi witwariye umuhungu wabo umwe rudende n'umugore wiwe kubera batarabavyarira umwuzukuru inyuma y'imyaka itandatu bubakanye

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Umuryango wo mu Buhindi witwariye umuhungu wabo umwe rudende n'umugore wiwe kubera batarabavyarira umwuzukuru inyuma y'imyaka itandatu bubakanye
    • Umwanditsi, Na Geeta Pandey
    • Igikorwa, BBC News, Delhi

Urubanza rudasanzwe ruriko ruravugwa cane mu Buhindi.

Umugabo n'umugore bitwariye umuhungu wabo n'umugore wiwe kubera batarabavyarira umwuzukuru inyuma y'imyaka itandatu bubakanye.

Sanjeev na Sadhana Prasad, b'imyaka 61 na 57, bavuga ko bakoresheje uburyo bwabo bwose mu kurera umuhungu wabo, bamurihira ivyigwa vyo kugendesha indege, ubugeni buteye igomwe na ka karuhuko k'ubugeni (lune de miel/honeymoon).

Ubu rero bavuga ko hageze ko abishura - umuhungu wabo canke umukazana bategerezwa kubavyarira umwuzukuru mu kiringo c'umwaka umwe gusa canke naho babashumbushe n'amafaranga angana n'imiriyoni 50 z' amarupiya (roupies/rupees, amafaranga akoreshwa mu Buhindi), ni ukuvuga 650.000 y'amadorari y'abanyamerika.

N'aho uyu muryango mushasha utaragira ico uvuze kuri ibi, urwandiko bandikiye sentare rurerekana ko imigenderanire hagati y'umuryango wa Prasad n'uw'umuhungu wabo atari myiza.

Avugana na BBC Hindi, Sadhana Prasad avuga ko kubona umuhungu wiwe n'umukazana baranse kuvyara abana vyabazaniye "uruvugo mu babanyi" akavuga ko ari "ubugome bwo mu mutwe".

Nyina w'uyu muhungu ati: "Nta kundi twogira atari ukwitura ubutungane. Twaragerageje kuganira nabo ariko igihe cose tuzanye ikibazo c'abuzukuru, baca bagerageza kugikwepa. Ingingo yabo yo kutavyara isigura ko izina ry'umuryango wacu rishobora kuzimangana".

Umugabo wiwe nawe ati: "Turababaye cane. Turashaje. Dushaka kuba ba sekuru na inakuru. Mbere turipfuza no kubarerera abana. Abuzukuru bazana umunezero ku bantu, ariko twebwe uwu munezero ntawo dufise".

Urubanza rw'abavyeyi bashengeza abana babo muri sentare kubera batabavyariye abuzukuru kumbure rufise kuba ari akataraboneka, ariko nk'uko benshi bashobora kubivuga, kuvyara umwana ni nk'uko atari ingingo ifatwa ku gushaka kw'abubakanye.

Bose - kuva ku bavyeyi, ba sebukwe na inabukwe gushika mu miryango ya hafi n'iyakure eka mbere no mu babanyi - barafisemwo ijambo, kandi imiryango itangura kubatira kuvyara hakiri kare bataranamenyera n'urugo.

Umuhinga mu vy'imibereho y'abantu Prof AR Vasavi asigura ati: "Mu Buhindi, kurongorana ni hagati y'imiryango, ntabwo ari abareshanya bonyene".

Ivyo umuryango wa Prasad usaba "vyo kuronka abuzukuru bishingiye n'imico n'imigenzo".

Umugabo wa mbere atunze kurusha abandi mu Buhindi Mukesh Ambani (i bubamfu) yaravuzwe cane mu binyamakuru kuri iki kibazo mu 2019

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Umugabo wa mbere atunze kurusha abandi mu Buhindi Mukesh Ambani (i bubamfu) yaravuzwe cane mu binyamakuru kuri iki kibazo mu 2019. aha ari kumwe n'umugore wiwe Nita Ambani, umukazana Shloka hamwe n'umuhungu wiwe Akash Ambani

"Bafata ko ari uburenganzira bwabo bwo kuronka abuzukuru kuko mu karanga kacu kwubaka bifatwa nk'ikigo gihezagira iryara, rero iyo uramutse wubatse uba witezwe ko uvyarira urugo, umuryango, n'ababanyi.

"Barafatira kandi ku mpamzu zishingiye ku butunzi kuko nimba narakoresheje amafaranga kukurihira amashure no kukurera, ni ngombwa ko wubahiriza ivyo usabwa n'imico n'imigenzo, ubishaka canke utabishaka".

Iki kibazo c'uko abana bategerezwa kuvyarira abavyeyi babo abuzukuru ni ikintu kiri hose, ntikiraba ngo ni umuryango nyabaki, idini nyabaki, ntikiraba ngo uba mu gisagara canke mu misozi.

Umunyamakuru Ritu Agarwal avuga ko mu 2019, umuhindi wa mbere atunze kurusha abandi bose - Mukesh Ambani - yavuzwe cane mu binyamakuru igihe "yumvikana abwira" umukazana wiwe mushasha Shloka ko hari hageze y'uko amuvyarira samuragwa.

"Ndazi ko, igihe nzoba ndakwipfuriza umwaka uza mushasha, uretse ko nzoba ndi sekuru, nawe uzoba uri nyina w'abana", niko yumvikanye avuga ajajura muri videwo yasohowe n'umuryango igihe bamugirira umusi mukuru w'amavuko.

Mu kiringo kiri musi y'amezi 18 inyuma y'aho, nk'uko umupfasoni Agarwal abivuga, Shloka yari yavyaye umwana w'umuhungu.

Mu Buhindi, Sentare nkuru y'igihugu yaremeje ko "imico n'amategeko" bitegeka ko umuhungu afasha abavyeyi biwe iyo bageze mu zabukuru, ariko abaharanira agateka ka muntu bavuga ko kuvyara umwana canke kutavyara ari ingingo itegerezwa gufatwa n'umugore.

Ariko abagore benshi barongowe bavuga ko aka gahato ko kuryara baterwa mu muryango no mu kibano kabashira mu ngorane zidakenewe.

Sudha (izina ryahinduwe), umuhinga w'imyaka 46 yihweza ibintu n'ibindi aba mu gisagara ca Bangalore kiri mu bumanuko bw'igihugu, yabwiye BBC ko igihe abavyeyi bamurongoza, yari afise imyaka 21 kandi ko ari ho yari agiheza amashure.

"Iyo turi mu misi mikuru, abanyamuryango b'umugabo wanje baguma bambaza ngo 'ni ryari uzoduha inkuru nziza?' Jewe nari nkiri muto kandi sinashobora kumenya ico ndabishura. Ariko vyari ibintu biteye akoba kandi igihe cose bama babimbaza, narumva ko ntorohewe".

Aho haraciye imyaka 25 kandi, nk'uko abivuga, abagore hafi bose baba bahanzwe amaso n'imiryango ku buryo mu mwaka wa mbere canke wa kabiri kuva barongowe baba bamaze kuryara.

"Ariko ico mbona ni uko, gushika n'ubu, abagore bose, cane cane mu bisagara bito bito no mu mitumba, bategerezwa kubigendera kandi ko bategerezwa kwihutira kuvyara umwana vuba bishoboka".

Avuga ko uru rubanza "rubabaje", ariko igitsure co kuvyara umwana kirabandanya.

Ni ko kandi vyagenze no kuri muvyarawe Srishti (izina ryahinduwe kugira ntamenyekane) w'imyaka 28, avuga ko amaze amezi 17 yubatse, abatama bari bamaze kumubwira "incuro indwi canke umunani" ko "hageze kuvyara umwana".

Sebukwe na inabukwe batanguye kuzana iki kibazo haciye amezi atandatu gusa arongowe. Ariko we n'umugabo wiwe w'imyaka 30 akora mu gisata c'ubuhinga bwa none barongoranye ku mwumvikano w'abavyeyi, ntibakeneye kwihuta kuvyara umwana.

Ati: "Dukeneye kubanza kumenyana neza, tugakomeza umubano wacu hanyuma tukabanza kwitaho ubuzi bwacu ubu. Kuvyara umwana ni umugambi wo kwitondera.

"Kandi numva ko abubakanye atari ngombwa ko bavyara mu gihe bataravyiyumvamwo ku mutima no bwenge kandi babona ko koko biteguriye kurera neza umwana bakamuronsa ivya nkenerwa vyose akenera".

Avuga ko incuro nyinshi mu misi ya mbere "babajijwe ibijanye no kuvyara, twarasiguye igituma tutashaka kwihuta", ariko ico kibazo cagumye kigaruka.

Ati: "Bavuga ngo, 'oh, naka na naka bafise umwana. Canke ngo uyu mukobwa canke urya mukobwa aherutse kurongorwa yaramaze kuronka umwana'. Numva ari ukungora iyo babandanya bazana ico kibazo. Ariko nirabira hasi nkabigwiza n'ubusa".