India: Uruhinja rw'umukobwa rwatowe mu mufurege i Mumbai ruriko rutora mitende

Ahavuye isanamu, Getty Images
Uruhinja rw'imisi itanu rwatowe ruri ku mpfiro mu muserege utwara imyanda aho rwari rwatawe mu gisagara ca Mumbai mu Buhindi, ubu ruriko ruratora mitende mu bitaro.
Abaganga bo ku bitaro vy'ahitwa Rajawadi babwiye BBC ko uru ruhinja rw'umukorwa "rumeze neza" kandi ko bariko barakurikiranira hagufi amagara yiwe.
Igipolisi kivuga ko abanyagihugu babonye uru ruhinja inyuma y'aho umurwi w'inyabu ziyegeranirije hamwe mw'ibarabara zitangura gutera uruhagarara - zitontoma kandi zirira.
Abategetsi bari mu matohoza kugira bamenye ingene urwo ruhinja rwisanze mu mufurege.
Abapolisi ntibavuga icoba cabitumye, ariko hari ibintu nk'ibi vyo guta abana vyagiye vyibonekeza muri kahise bikavugwa ko vyoba biterwa n'uko Abahindi bipfuza kuvyara abahungu, bitumwe n'uko abagore banenwa mu miryango, abakobwa nabo bakaboneka ko ari umuzigo, cane cane mu miryango ikenye.
Iki gihugu kiri mu bihugu birangwamwo ubusumbane buri ku rugero rwo hejuru kw'isi. N'aho imbanyi z'abakobwa zitipfuzwa zikunze gukororwa zitaravuka, akenshi mbere ugasanga babifashwamwo n'abatabifitiye uburenganzira, ikibazo c'impinja zicwa canke zitabwa zamaze kuvuka naco si gishasha mu gihugu.
Uru ruhinja rwagiye kurokorwa n'umurwi w'abapolisi bari bayobowe n'abagore mu karere ka Mumbai ku wa Mungu.
Abapolisi bamaze kuhashika, basanze uru ruhinja ruryamye mu muserege. Bavuga ko uyu mwana - yambaye agashati gato ari mu mazi y'umwanda - yariko ararira yahogoye.
Abapolisi babiri baciye bamukurayo, baramupfuka n'impuzu baca bamujana ku bitaro.
Uwari arongoye abo bapolisi, Sheetal Sonawane , yabwiye ikinyamakuru Times of India co mu Buhindi ati: "Igihe twaterura uru ruhinja, rwari rwakonje cane; amaboko yiwe yahindutse asa n'ubururu. Vyabaye ngombwa ko dusaba amazi ashushe n'impuzu kugira ngo dushobore kurwoza".
Abaganga bo ku bitaro vya Rajawadi bavuga ko umwana ameze "neza".
Dr Vidya Thakur arongoye igisata kijejwe ubuvuzi kuri ivyo bitaro yabwiye BBC ati: "Abaganga babandanya bakurikirana amagara yiwe. Tuzobandanya tumukurikiranira hagufi mu kiringo c'imisi mike iri imbere".
Ibi vyatumye abakoresha imbuga hwaniro bavuga menshi. Isanamu yafashwe n'umupolisi wa Mumbai yari yahashitse yerekana abapolisi bateruye uru ruhinja - barupfukiye mu mpuzu yera.
Iyi nkuru irimwo ivyatanzwe na X. Dukeneye uruhusha rwawe imbere yuko bigushikira, kuko birashobora kuba bikoresha cookies hamwe n'ubundi buhinga. Wobanza ugasoma aha X amategeko agenga cookien'ayagenga ubuzima bwite imbere yuko wemera. Kugira ubibone hitamwo 'emera hanyuma ubandanye'.
Impera ya X ubutumwa
BBC ntibazwa ibivuye ku zindi mbuga.
Ibintu nk'ibi bikorerwa inzoya/impinja z'abakobwa birarwiriye mu Buhindi.
Haraciye imyaka ibiri uruhinja rutowe aho rwari rwahambwe rukanura mu gakono k'ibumba mu gisagara ca Bareilly kiri muri reta ya Uttar Pradesh iri mu buraruko bw'igihugu.
Mu rushana (itumba mu Kinyarwanda) rwa 2016, uruhinja rwaratowe aho bari barutaye ruri mw'isashe ata n'agahuzu barwambitse, hari ku mugwa mukuru Delhi.
Mu kwa gatandatu kw'uno mwaka naho, umugabo akoresha ubwato muri reta ya Uttar Pradesh yarashimagijwe inyuma y'aho arokoreye uruhinja rwatowe ruriko rureremba mu ruzi rwa Ganges aho rwari mu gasandugu gakozwe mu mbaho.
Abaharanira agateka ka muntu bavuga ko uku guhengamira ku bahungu kw'Ubuhindi kwatumye amamiriyoni y'imbanyi z'abakobwa zikororwa mu myaka mirongo iheze.
Uwahoze ari umushikiranganji wa mbere Manmohan Singh avuga ko ibi "biteje urubwa igihugu cose", aca asaba ko bogira "urunani" kugira barokore ubuzima bw'inzoya z'abakobwa.
Ku ruhande rwiwe, umushikiranganji wa mbere ahari ubu, Narendra Modi, amaze akanya ashitse ku butegetsi mu ci ryo mu 2014, yateye akamo Abahindi guhagarika kwica abakobwa babo.











