India: Abana b'abakobwa bakoreshejwe urugendo bari gusa mu migirwa yo gusaba imvura

Abakobwa, bamwe muri bo bafise imyaka itanu, bakoreshejwe urugendo bari gusa mu migirwa kama mu kigwati kimwe co mu Buhindi

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Abakobwa, bamwe muri bo bafise imyaka itanu, bakoreshejwe urugendo bari gusa mu migirwa kama mu kigwati kimwe co mu Buhindi

Abakobwa bakiri bato mu Buhindi bambuwe impuzu bakoreshwa urugendo bari gusa, kimwe mu bigize imigirwa yo gusaba imvura mu karere kamwe ko muri ico gihugu.

Ibi vyabereye mu kigwati gihanzwe n'uruzuba co mu karere ka Bundelkhand kari mu ntara ya Madhya Pradesh.

Amavideo yahanahanywe cane ku mbuga hwaniro yerekana abakobwa b'imiyabaga bariko batambuka bari gusa bafise n'ibibando ku rutugu biboheyeko igikere.

Ababa muri ako karere bemera ko uwu mugirwa unezereza imana y'imvura maze ikabaha imvura muri ako karere.

Ishirahamwe riharanira agateka k'abana mu Buhindi (National Commission for Protection of Child Rights) ririko rirabaza ubutegetsi bwo mu karere ka Damoh karimwo ico kigwati ingene vyagenze.

Igipolisi ca Madhya Pradesh kivuga ko ata muntu n'umwe kirabona aza kwitwara kubera uwu mugirwa, ariko ko catanguye amatohoza.

Umukuru w'igipolisi ca Damoh, DR Teniwar yabwiye itororokanirizo ry'amakuru Press Trust of India (PTI ) ko "ingingo zizofatwa mu gihe bosanga hari abakobwa bategetswe gutambuka bari gusa".

Iyi video yerekana abakobwa, bamwe muri bo bavugwa ko bafise imyaka itanu, bari ku rugendo bari gusa, inyuma yabo hari umurwi w'abagore bagenda bararirimba indirimbo z'uguhayagiza izi mana.

Muri urwo rugendo baca ku nzu ku nzu muri ico kigwati hanyuma abo bana bakegeranya imfungurwa zitangwa mu nzu y'igikoni c'urusengero rw'akarere.

PTI isubiramwo abagore bari muri urwo rugendo bavuga bati: "Turemeza ko ibi bizotuzanira imvura".

Umutegetsi w'akarere ka Damoh S Krishna Chaitanya avuga ko abavyeyi b'aba bakobwa bemeye uwu mugirwa kandi ko nabo nyene bawugiyemwo.

Yongerako ati: "Mu bintu nk'ibi, ico ubutegetsi bushobora gukora ni ukwumvisha abanyagihugu ko ibi bintazi ataco bimaze, bukabafasha gutahura ko iyi migirwa ata kintu na kimwe ibazanira mu vyo bari biteze".

Igisata c'uburimyi mu Buhindi ahanini kigendera ku mvura izwi nka mousson/monsoon, kandi mu turere tutari duke hari imihango yo gusenga imana z'imvura bivanye n'imico n'imigenzo yaho.

Hari imiryango imwe ikora imigirwa izwi nka yagnas (imihango ijanye n'umuriro mu ba Hindu), abandi bakarongora ibikere canke indogobwe, canke bagakora ingendo baririmba indirimbo zo guhayagiza imana z'imvura.

Ababinegura bavuga ko iyi migirwa ari iyo gusamaza abantu bari mu ngorane, ariko abahinga mu bijanye n'imico kama bavuga ko imihango nk'iyi ari igipimo c'aho ukwihebura kugeze ku bantu babona ko ata yandi mahungiro bafise bashobora kuronkamwo ubufasha.