India: Amashusho asobanura ikibazo ca coronavirus

Ahavuye isanamu, Reuters
Kuva mu misi iheze, Ubuhindi buhanganye bikomeye n'iyongerekana ry'abandura Covid-19 ku rugero ruteye ubwoba, aho ibitaro bitandukanye vyo ku mugwa mukuru no mu bundi burere bw'igihugu cose bisubiza inyuma abarwayi kubera ubukene bw'impwemu ya oxygène n'ibitanda.
Za rusehabaniha zifise oxygène zirakenye mu gihe biriko bigorana ubwayo imiryango ingene ishikana abarwayi bayo ku bitaro n'aho hoboneka igitanda.

Ahavuye isanamu, EPA
Ibintu bimeze nabi cane ku mugwa mukuru Delhi, aho abantu babandanya bapfa kubera ukubura oxygène.
Abandi basubizwa inyuma kubera ibitaro vyuzuye, mbere n'abaganga bakaba barengewe.

Ahavuye isanamu, REUTERS/Danish Siddiqui

Ahavuye isanamu, EPA

Ahavuye isanamu, Getty Images
Ibibanza bituririrwamwo ibiziga navyo nyene biriko birengerwa
Ibi biraboneka cane mu mashusho ava mu bibanza vyategekanirijwe iki gikorwa mu gihugu cose - aho imiryango ibabaye irindira amasaha n'amasaha kugira ngo ishobore kurangura uwu mugirwa wo gusezera ubwa nyuma ababo, mu bindi bisagara navyo ugasanga ibiziga bishirwa mu kibanza kimwe kugira bituririrwe hamwe kubera ibibanza vyabuze.

Ahavuye isanamu, Reuters
Abanyamakuru mu bisagara bitandukanye barabeshuza ibitigiri bitangwa n'ubutegetsi, akenshi bakamara imisi itari mike ku bibanza vyo gutuririramwo ibiziga biharurira bonyene abapfuye. Ibiharuro bitangwa vyerekana ko abapfa mu bisagara bimwe bimwe basumba incuro cumi ibitangwa n'ubutegetsi.

Ahavuye isanamu, EPA

Ahavuye isanamu, Reuters

Ahavuye isanamu, Reuters

Ahavuye isanamu, Sumit Kumar

Ahavuye isanamu, EPA
Aya mashusho yose yatangiwe uburenganzira.






