India: Amashusho asobanura ikibazo ca coronavirus

A group of medical workers in full PPE hug each other.

Ahavuye isanamu, Reuters

Kuva mu misi iheze, Ubuhindi buhanganye bikomeye n'iyongerekana ry'abandura Covid-19 ku rugero ruteye ubwoba, aho ibitaro bitandukanye vyo ku mugwa mukuru no mu bundi burere bw'igihugu cose bisubiza inyuma abarwayi kubera ubukene bw'impwemu ya oxygène n'ibitanda.

Za rusehabaniha zifise oxygène zirakenye mu gihe biriko bigorana ubwayo imiryango ingene ishikana abarwayi bayo ku bitaro n'aho hoboneka igitanda.

Iki ni kimwe mu bibanza vyariko bituririrwamwo abahitanywe na Covid-19 mu gisagara ca Bhopal ku wa 15 z'uku kwa kane, 2021

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu, Iki ni kimwe mu bibanza vyariko bituririrwamwo abahitanywe na Covid-19 mu gisagara ca Bhopal ku wa 15 z'uku kwa kane, 2021

Ibintu bimeze nabi cane ku mugwa mukuru Delhi, aho abantu babandanya bapfa kubera ukubura oxygène.

Abandi basubizwa inyuma kubera ibitaro vyuzuye, mbere n'abaganga bakaba barengewe.

Abagore buzuye amarira

Ahavuye isanamu, REUTERS/Danish Siddiqui

Insiguro y'isanamu, Ni umubabaro n'amaganya mu gihe ibitigiri vy'abandura mu Buhindi bitari bwaboneke ahandi kw'isi
Delhi ni kimwe mu bisagara vy'Ubuhindi bifise amavuriro meza cane, ariko yarengewe mu gihe ibice 99% vy'ibitanda vyo kuvurirako indembe vyuzuye

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu, Delhi ni kimwe mu bisagara vy'Ubuhindi bifise amavuriro meza cane, ariko yarengewe mu gihe ibice 99% vy'ibitanda vyo kuvurirako indembe vyuzuye
Ubukene bw'ibitanda busigura ko abenshi baguma baryamye ng'aho barindiriye ko bokwinjizwa ibitaro

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Ubukene bw'ibitanda busigura ko abenshi baguma baryamye ng'aho barindiriye ko bokwinjizwa ibitaro

Ibibanza bituririrwamwo ibiziga navyo nyene biriko birengerwa

Ibi biraboneka cane mu mashusho ava mu bibanza vyategekanirijwe iki gikorwa mu gihugu cose - aho imiryango ibabaye irindira amasaha n'amasaha kugira ngo ishobore kurangura uwu mugirwa wo gusezera ubwa nyuma ababo, mu bindi bisagara navyo ugasanga ibiziga bishirwa mu kibanza kimwe kugira bituririrwe hamwe kubera ibibanza vyabuze.

Ibiziga bisigaye bishirwa mu kibanza kimwe bigaturirwaho i Delhi kubera ibibanza vyakeshe

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Ibiziga bisigaye bishirwa mu kibanza kimwe bigaturirwaho i Delhi kubera ibibanza vyakeshe

Abanyamakuru mu bisagara bitandukanye barabeshuza ibitigiri bitangwa n'ubutegetsi, akenshi bakamara imisi itari mike ku bibanza vyo gutuririramwo ibiziga biharurira bonyene abapfuye. Ibiharuro bitangwa vyerekana ko abapfa mu bisagara bimwe bimwe basumba incuro cumi ibitangwa n'ubutegetsi.

Uyu yari yicaye ku ntebe arindiriye ko asezera ubwa nyuma uwo mu muryango wiwe i Mumbai yari yahitanywe na Covid-19

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu, Uyu yari yicaye ku ntebe arindiriye ko asezera ubwa nyuma uwo mu muryango wiwe i Mumbai yari yahitanywe na Covid-19
Uyu na we nyene ari ku kibanza co gutuririramwo abapfuye i Delhi aho umwe mubo mu muryango wiwe yahitanywe na coronavirus ariko arategurwa kugira ngo aturirwe

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Uyu na we nyene ari mu kibanza co gutuririramwo abapfuye i Delhi aho umwe mubo mu muryango wiwe yahitanywe na coronavirus ariko arategurwa kugira ngo aturirwe
A health worker wearing personal protective equipment (PPE) stands next to the body of a man, who died from the coronavirus disease (COVID-19), before his cremation, at a crematorium in New Delhi, India April 21, 2021.

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Umuganga ahagaze hampande y'umugabo yishwe na Covid-19 imbere 'yuko ikiziga ciwe giturirwa i Delhi
Ibiziga biriko biraka mu kibanza co gutuririamwo abapfuye mu gisagara ca Lucknow, kimwe mu bibangamiwe cane mu Buhindi

Ahavuye isanamu, Sumit Kumar

Insiguro y'isanamu, Ibiziga biriko biraka mu kibanza co gutuririamwo abapfuye mu gisagara ca Lucknow, kimwe mu bibangamiwe cane mu Buhindi
Imiryango n'abakozi bo mu biro birongoye igisagara ca Mumbai bariko baturira ibiziga vy'abahitanywe na Covid-19

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu, Imiryango n'abakozi bo mu biro birongoye igisagara ca Mumbai bariko baturira ibiziga vy'abahitanywe na Covid-19

Aya mashusho yose yatangiwe uburenganzira.