India: Umwirabure wa mbere yatowe kuba umushingamateka

Ahavuye isanamu, SOCIAL MEDIA
Umwirabure asanzwe aharanira gateka ka muntu mu Buhindi niwe muntu wa mbere afise amamuko muri Afrika atowe nk'umushingamateka muri ico gihugu.
Shantaram Siddi ava mu muryango w'aba Siddhi - ubwoko bwamuka ku banyafrika bagiye mu Buhindi nk'abadandaza canke abacakara kuva mu kinjana ca 17.
Gushika ubu, muri bo hasigaye abashika 50.000 muri ico gihugu.
Shantaram Siddi yatowe mu nama nshingamateka mu ntara ya Karnataka.
Ni nawe kandi wa mbere yahejeje amashure ya kaminuza muri uyo muryango.
Avuga ingene yari yuzuye umunezero, Bwana Siddi avuga ati: "Jewe naguma nibaza ko ari umuntu yariko arifyinatira".
"Natashe muhira gufungura ku murango. Niho rero jewe n'umugore twatangura kuronka amatelefone y'urutavanako, banshimira ko natowe".
Avuga ko azobandanya akora ku nyungu z'imiryango y'abahindi.










