India: Umupatiri n’umubikira bakatiwe guherayo bagirizwa kugandagura uwundi mubikira

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umupatiri w'umugatorika n'umubikira bo mu Buhindi baciriwe umunyororo w'ubuzima bwose bagiriwe n'icaha co kugandagura uwundi mubikira, haraciye imyaka irenga 28.
Patiri Thomas Kottoorna hamwe n'Umubikira Sephy baciriwe urubanza ku wa kabiri bagiriwe kwica uwundi mubikira yari afise imyaka 21, Umubikira Abhaya mu 1992, maze baca bazimanganya ivyemezo vy'ubu bwicanyi.
Aba bantu babiri bagandaguye uyu mubikira mu gihe yari abafashe bari mu busambanyi.
Mu ntango, igiporisi cari cibajije ko uyu mubikira yari akiri muto yoba yariyahuye.
Ariko haciye hatangura amatohoza yimbitse inyuma y'aho umuryango wiwe n'abaharanira agateka ka muntu berekaniye amakenga ku rupfu rwiwe.
Sephy w'imyaka 55 ntaco aravuga kuri uru rubanza, ariko Patiri Kottoor ubu afise imyaka 69 ashimangira ko ari umwere.
Ejo k uwa gatatu asomewe urwo rubanza, yabwiye ibinyamakuru vyo muri ici o gihugu ati: "Jewe nta caha nakoze. Imana iri kumwe nanje".
Hari uwundi mupatiri agira gatatu, Patiri Jose Poothrikkayil, na we yagirijwe n'abashikirizamanza ko yasambanije Umubikira Sephy. Yarahagaitswe mu 2008 kuri ubu bwicanyi ariko mu nyuma ararekurwa kubera habuze ivyemezo.
Ikiziga c'uyu mubikira Abhaya catowe mu kinogo hafi y'uburaro bw'ababikira bwitiriwe umweranda Piyo mu gisagara ca Kottayam kiri mu bumanuko bw'Ubuhindi.
Sentare yavuze ko imbere y'uko yicwa, Abhaya yaravyutse mu gaturuturu ku wa 27 z'ukwa gatatu 1992, aja mu gikoni c'ubwo buraro bw'ababikira agiye gutora amazi yari muri firigo.
Mu gihe yashika mu gikoni, yafashe mpiri Kottoor na Sephy.
Sentare ivuga ko ku gutinya ko yohava abamenera ibanga, baciye bamwica hanyuma banyegeza ikiziga.
Amatohoza ku rupfu rw'uyu mubikira yari akiri muto yarabaye ikibazo ngorabahizi mu Buhindi.
Mu ntango, igiporisi c'akarere n'ic'igihugu vyari vyavuze ko yari yariyahuye. Ariko, mu 1993, ikigo c'Ubuhindi kijejwe igendereza (Central Bureau of Investigation, CBI) caciye gifata mu minwe iki kibazo, maze gisanga yarishwe, ariko nticashoka gitora abamugandaguye.
Kw'itegeko rya sentare nkuru y'igihugu mu 2008, CBI yaciye isubira kwugurura amatohoza, irahagarika yongera iragiriza Kottoor, Sephy na Patiri Jose Poothrikkayil, ariko mu nyuma bararekuwe batanze ingwati. Niho haca hakurikira urubanza rwamaze igihe kirekire.
Jomon Puthenpurackal aharanira agateka ka zina muntu akaba ari mu baharaniye ko uwakoze aka kabi kabishe akubitwa intahe mu gahanga avuga ati:
"Ubutungane burarenganuye Umubikira Abhaya. Agiye kwiruhukira mu mahoro".










