India: umugabo yarokowe ari mu cuma gikanyisha mu buruhukiro yahavuye apfa

Umugabo w'umuhindi w'imyaka 74 yari yatangajwe ko yapfuye ku kwihenda agashirwa muri vya vyuma bikanyisha babikamwo ibiziga imbere y'amaziko (frigo) vyo mu buruhukiro muri leta ya Tamil Nadu mu Buhindi, yahavuye apfya inyuma y'iminsi mike arokowe.
Bwana Balasubramanyam yatangajwe ko yapfuye ku wa mbere igihe yari mu bitaro. Ingorane yari yabaye gushika ubu ntiratomoreka.
Yabitswe muri frigo gushika bukeye igihe abajejwe uburuhukiro bari bazi ko baje gusohora ikiziga ciwe kugira aje guhambwa, ariho bagiye bumva ariko arasusumira babona ko yari agikomeye.
Yaciye anyarukanwa ku bindi bitaro ariko kuri uyu wa gatanu niho yahavuye asandaba.
Umuyobozi w'ibi bitaro vya leta mu gisagara ca Salem co mu bumanuko, Dr Balajinathan, yavuze ko uyu murwayi yinjiwe ibitaro yasinsirijwe amaze gutabarizwa ariko ko yahavuye yitaba Imana kubera ibibazo vy'amahaha.
Yabwiye BBC ko bitazwi neza amasaha bwana yamaze muri iyo frigo.
Amaze gutangazwa n'umuganga wo kw'ivuriro ry'abigenga ku wa mbere ko yapfuye, umuryango wiwe waciye utahukana ikiziga ciwe hanyuma utumako umwe mu bajejwe uburuhukiro ngo arungike firigo.
Niho baca bamenyesha ababanyi ko bari kumuhamba bukeye ku wa kabiri.
Ikompanyi ijejwe ivyo guhamba yabwiwe na mwenewabo wa Balasubramanyam ko yari yamaze "gutera igikumu ku rwandiko rwa muganga rwemeza ko yari yapfuye".
Umukuru w'igipolisi ca Salem Senthil Kumar avuga ko umuryango utashoboye kwerekana uru rupapuro rwemeza ko bwana Balasubramanyam yari yapfuye.
Igipolisi caciye cuguruza dosiye y'urubanza kuri uyo muryango kiwagiriza ko "bihutishije ibintu canke ko bafashe minenerwe ubuzima bw'umuntu bituma bashira mu kaga ubuzima bwiwe".
Uyu mukuru w'igipolisi avuga ko uyu muryango nawo nyene uvuga ko wagiye mu mubabaro.
Bwana Balasubramanyam yari asanzwe abana n'umugore wiwe, abakobwa biwe babiri hamwe na mwenewabo.
Ntibiramenyekana neza ingene yashoboye gukira imbeho yo muri firigo - canke nimba iri vuriro ryatangaje ko yari yapfuye ryoba ririko rirakorwako amatohoza.
BBC yagerageje kwegera iri vuriro ry'abigenga hamwe n'umuryango kugira bagire ico bavuze ariko nta n'umwe yagize ico avuga.
Eka n'ibi bitaro vyatangaje ko yari yapfuye ntaco birashobora kuvuga.










