India: Abahindikazi w'aba Islam bavuga ko bashizwe kw'isoko biciye kuri app Sulli Deals

Ahavuye isanamu, Hana Khan
- Umwanditsi, Na Geeta Pandey
- Igikorwa, BBC News, Delhi
Ku wa Mungu uheze, abagore b'aba Islam batari bake mu Buhindi bisanze bariko baragurishirizwa ku mbuga ngurukanabumenyi batabizi.
Hana Khan, umudereva w'indege zunguruza abantu nawe nyene izina ryiwe ryari ku rutonde rw'abagurishwa, yabwiye BBC ko yagiye kubimenya abikuye ku butumwa bwa Twitter yari arungikiwe n'umugenzi wiwe.
Iyo tweet yamujanye kuri "Sulli Deals", iyi ikaba ari app ikongera ikaba urubuga ngurukanabumenyi yafashe amasanamu yafashe mafoto y'abagore bari bashize ku mugaragaro ica ikora imyidondoro, maze yita abo bagore "deals of the day" (ni nk'uko twovuga tuti indya z'uyu musi).
Ku rupapuro ushikirako rw'iyi app hariko ifoto y'umugore atazwi. Ku mpapuro zibiri zikurikira, umupfasoni Khan yabonye amafoto y'abagenzi biwe. Ku rupapuro rukurikira aca asangako ifoto yiwe.
Yabwiye BBC ati: "Naharuye amazina 83. Hashobora kuba hariho n'ayandi menshi. Bafashe ifoto yanje yo kuri Twitter kandi ryariko izina nkoresha. Iyi app yari imaze imisi 20 ata n'uko tubiciye n'ikanda. Narumvise ubwoba budasanzwe".
Iyi app yasa n'iyishaka guha akaryo abayikoresha kugura aba "Sulli" - ijambo ry'igitutsi rikoreshwa n'intagondwa z'aba Hindu ku bagore b'aba Islam. Mu bisanzwe nta muntu twovuga ngo yariko aragurishwa icamunara - intumbero nyamukuru y'iyi app kwari ukumaramaza n'uguteza urubwa umuntu.
Umupfasoni Khan avuga ko yakorewe ivyo kubera idini ryiwe.
Ati: "Ndi umugore w'umu Islam abona kure kandi yumva. Ico bashaka ni ukutunumya".
GitHub - ikompanyi ngurukanabumenyi yari ishinguwemwo iyo app yakoreshwa ku buntu - yaciye iyifuta vyihuta imaze kwumva iyi myidogo.
Mw'itangazo iyo kompanyi yasohoye yavuze iti: "Twaciye duhagarika amazina y'abayikoresha inyuma y'amatohoza kuri ibi vyavugwa, vyose bikaba biteye kubiri n'ingingo ngenderwako zacu".
Ariko ivyo vyaracafuje abo bagore. Abo bose babonetse kuri iyo app bari aba Islam bakomeye, harimwo abamenyeshamakuru, abaharanira agateka ka muntu, abanyatugenegene hamwe n'abashakashatsi. Bamwe muri bo baciye bafuta ama comptes yabo ku mbuga hwaniro, abandi nabo bakavuga ko bafise ubwoba bwo gusubira gukorerwa ihohotera nk'iri.
Uwundi mugore yabwiye BBC Hindi ati: "N'aho woba ufise inguvu zingana gute, ariko iyo ifoto yawe n'ayandi mabanga yawe bishizwe ku mugaragaro, biragutera ubwoba, biraguhagarika umutima".
Ariko abagore batari bake basanze amabanga yabo yashizwe kuri iyo app baciye baca ku mbuga hwaniro mu kwiyamiriza "izo mburakimazi", baca biyemeza kuzirwanya.
Benshi muri bo baciye bashinga umurwi wa WhatsApp barondera gufashanya no gufatwa mu mugongo, mu gihe bamwe muri bo kandi, harimwo n'umupfasoni Khan, baciye buguruza urubanza mu giporisi.
Iyi nkuru irimwo ivyatanzwe na X. Dukeneye uruhusha rwawe imbere yuko bigushikira, kuko birashobora kuba bikoresha cookies hamwe n'ubundi buhinga. Wobanza ugasoma aha X amategeko agenga cookien'ayagenga ubuzima bwite imbere yuko wemera. Kugira ubibone hitamwo 'emera hanyuma ubandanye'.
Impera ya X ubutumwa

Igiporisi kimenyesha ko catanguye amatohoza ariko caranse kuvuga aboba barakoze iyo app.
Abantu bakoze iyi app bakoresheje imyidondoro itari yo, ariko Hasiba Amin, ajejwe imbuga hwaniro mu mugambwe utavuga rumwe n'ubutegetsi Congress Party, avyagiriza abantu bamwe batyoza aba Islam, cane cane aba Islam b'abagore.
Umupfasoni Amin avuga ko iri atari irya mbere aho abagore b'aba Islam batotezwa muri ubu buryo. Ku wa 13 z'ukwa gatanu, igihe aba Islam bariko bahimbaza umusi mukuru wa Eid, akarwi gakoresha Youtube karemesheje ico kise "Eid idasanzwe (Eid special) - igurishwa ry'ikibiriraho "ry'icamunara" ry'abagore b'abahindi n'abanya Pakistani.
Umupfasoni Khan ati: "Abantu batanga ama rupee atanu (mu marundi ni nka 132,7 FBU) hamwe n'ama rupee 10 (mu marundi ni nka 265.4 FBU), bakabunza abagore bivanye n'ingene ibihimba vy'imibiri yabo bimeze, bakoresha n'amajambo ashingiye ku bitsina bongera babatera ubwoba ko bazobafata ku nguvu".
Umupfasoni Amin avuga ko konte y'umuntu yiyoberanije yagerageje "kumubunza" kuri Twitter.
Hari n'abandi, nk'akarorero uwiyise @sullideals101 ariko kuva ico gihe iyo konte yarahagaritswe - na we yahambije abandi, "antyoza, antuka ngo nsa nabi mbere ambwira n'ibindi bijambo vy'ibiterasoni", ibi bikavugwa n'umupfasoni Khan.
Kubw'iwe, abo bantu bagerageje kumubunza kuri Twitter nibo babo bantu nyene bakoze iyo app Sulli Deals n'ako karwi kakorera kuri Youtube - kuva ico gihe kakaba kaciye gahagarikwa kuri uru rubuga.
Mu ndwi iheze, Twitter yarahagaritse konte zavuga ko ari zo zakoze iyo app.

Ahavuye isanamu, AFP
Abaharanira agateka ka muntu bavuga ko ihohotera rikorerwa ku mbuga ngurukanabumenyi rifise inguvu zidasanzwe zo "gusuzuguza, gutesha agaciro, gutera ubwoba mbere no kunumya abagore".
Mu ndwi iheze, abantu barenga 200 harimwo abaharanira agateka ka muntu, abaririmvyi, abamenyeshamakuru n'abategetsi bo muri reta barandikiye abarongoye Facebook, Google, TikTok na Twitter babasaba "kwitwararika gusumba" umutekano w'abagore.
Bandika bati: "Internet ni ikibanza c'ihuriro muri iki kinjana ca 21. niho bahanahanira ivyiyumviro, niho hahurira abantu benshi, niho hacishwa ibidandazwa kandi niho abashaka kumenyekana bamenyekanira. Ariko uravye urugero rw'ihohotera rihakorerwa, vyerekana ko ku bagore benshi cane, izi mbuga ngurukanabumenyi ata mutekano zifise".
Icegeranyo ca Amnesty International ku vyerekeye ihotorera rikorerwa ku mbuga ngurukanabumenyi mu Buhindi mu mwaka uheze cerekana ko uko umugore amenyekana cane ariko agenda abangamirwa. Hanyuma, uko abagore b'abirabure mu Bwongereza no muri Amerika batotezwa, niko n'abagore bo mu madini matomato n'abatishoboye bagenda bakubagurwa mu buhindi.
Nazia Erum yakoze ico cegeranyo akongera akaba n'umuvugizi wa Amnesty mu Buhindi, avuga ko ku mbuga hwaniro hari abagore bake cane b'ab Islam, kandi n'abo bazikoreshwa barahigwa bakanaburagizwa".
Umupfasoni Amin avuga ko abatoteza aba bagore ata "bwoba bafise kuko bazi neza ko ataco bazoba".
Afatira ku mabi aherutse yakorewe aba Islam kandi agaterwa intege abanywanyi b'umugambwe uri ku butegetsi, nk'akarorero umushikiranganji yambitse yateye amashurwe aba Hindu bari bagiriwe n'icaha co kwica umu Islam, hamwe n'umushikiranganji mushasha wo kumenyesha amakuru yerekanywe mu mwaka uheze mw'ireresi yazungurutse cane ariko arakokeza ikirwi c'aba Hindu "kurasa aba Islam".
Kuri abo bagore amabanga yabo yibwe agakoreshwa kuri app ya "Sulli Deals" , urugamba rwo mu butungane rushobora kuba rurerure kandi rugumye. Ariko bariyemeje kururwana.
Umupfasoni Kahn ati: "Mu gihe igiporisi conanirwa no gutora abo bantu batugurishije, nzoja muri sentare. Nzorurwana gushika ku kanyuma".











