Kerala: Menya uyu muhindikazi atereka ubwanwa

Ahavuye isanamu, Shyja
Ku mbuga hwaniro, uyu mugore wo mu Buhindi atereka ubwana bwiwe arashimirwa ariko kandi akanegurwa n’abantu. Ariko wewe avuga ko adahungabanywa n’ibivugwa vyose ku bwanwa bwiwe.
"Ndakunda ubwanwa bwanje," Shyja w’imyaka 35 niko yanditse kuri WhatsApp, musi y’ifoto yiwe.
Yama abazwa – n’abantu babona amafoto yiwe ku rubuga rwa Facebook canke bahura nawe amaso mu yandi – igituma atereka ubwanwa.
Avuga ati: “Ikintu conyene novuga ni uko gusa ndabukunda. Cane”.
Shyja, izina ryonyene akoresha, aba mu karere ka Kannur mu ntara yo Kerala iri mu bumanuko bw’Ubuhindi. Nk’uko bimeze ku bagore batari bake, yaramaze imyaka itari mike atsiba ubwana bwiwe bwo hejuru.
Mu gihe yama amwa ingohe ziwe, Shyja avuga ko atigeze yumva ko akeneye kumwa ubwanwa bwiwe bwo hejuru.
Mu myaka itanu iheze, bwatanguye kuba bwinshi buboneka neza kandi Shyja arabureka abinezererewe cane.
Ati: "Ubu si mbona ko noshobora kubaho ntabufise. Igihe ikiza ca Covid gitangura, naranka kwambara agapfukamunwa igihe cose kubera kanzibira isura”.
Abantu benshi bamubona bamusaba ko yokwikurako ubu bwanwa bwo hejuru ariko Shyja ntavyumva.
"Sinigeze numva ko ndi mubi kubera ndabufise canke ko ari ikintu ntategerezwa kuba mfise”.
Abagore bama babwirwa ko imishatsi yo kw’isura atari myiza kuri bo, ko rero botanga amafaranga kugira ngo bayibakure – canke bakayigabanya – igihe cose. Amahinguriro akora imiti yo kubuza imishatsi kumera aregeranya amamiriyaridi n’amamiriyaridi y’amadorari mu gukora amavuta, inzembe n’ibindi bishobora kurandurana n’imizi imishatsi, bigurwa n’abagore bashoboye kubigura.
Ariko muri ino myaka ya vuba, abagore benshi bahisemwo kwemera mbere no kwishimira ubu bwanwa.
Mu 2016, Harnaam Kaur aharanira ukwiyemera kw’umuntu uko aba ameze kwose (Body positive body positivity) yabaye umugore wa mbere akiri muto kw’isi yose yameze ubwanwa ku munwa wose no kw’itama nk’umugabo, nk’uko bivugwa n’ikigo Guinness World Records. Mu biganiro yagiye atanga, yamye avuga ukungene ukwemera ubwanwa bwiwe kwabaye igihe gikomeye co kwiyemera imbere y’abamuzomera.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Ku bwa Shyja, gutereka ubwanwa si ikintu umuntu afatira, ni kimwe mu bigize ubuzima bwiwe.
Ati: "Jewe nkora ico nshatse. Iyaba nari mfise ubuzima bubiri, kumbure bumwe nari kububamwo uko abandi bashaka”.
Kimwe mu vyatumye afata iyi ngendo ni ibibazo vy’amagara yahanganye navyo mu myaka itari mike. Shyja baramubaze incuro zitandatu mu myaka cumi – rimwe kwari ukugira bamukure ikivyimba mw’ibere, irindi naryo kwari ukumukura utuvyimba mu gasaho k’imbuto. Aho aherukira kubagwa, kwari ukumukuramwo igitereko, haraciye imyaka itanu.
Ati: "Igihe cose baheza kumbaga, naguma nizeye ko ntari gusubira muri ico cumba c’ibagiro”.
Kubona yashoboye kurengana ibi bibazo vyose vy’amagara vyakomeje ivyiyumviro vya Shyja ko ari ngombwa ko abaho mu buzima bwiwe bumuha umunezero.
Shyja avuga ko akiri umwana yari afise isoni. Ni gake abagore mu kigwati ciwe bashobora kuboneka hanze inyuma y’isaha cumi na zibiri z’umugoroba.
N’aho Kerala ari imwe mu ntara z’Ubuhindi zigenda zibaho ubuzima bwa none, kandi zifise ibimenyetso bikomeye vy’iterambere, mu turere twinshi umugabo ni we afise ijambo rya nyuma, kandi abagore bama babuzwa gufata ingendo canke kwibana.
Igihe arongorwa akimukira mu ntara ya Tamil Nadu ihana urubibe n’iyo yavukiyemwo, Shyja avuga ko yaryohewe no kubona ubundi bwisanzure bushasha.
Avuga ati: "Umugabo wanje yarashobora kuja ku kazi akagaruka atevye. Rero narashobora kwicara hanze ku mugoroba, rimwe na rimwe nkaja no kw’iduka ndi umwe mw’ijoro iyo hari ico nkeneye. Nta n’umwe yavyitaho. Igihe niga gukora ibintu jenyene, vyankomereje ukwiyemera”. Avuga kandi ko ariko aragerageza kuvyigisha umukobwa wiwe w’umuyabaga.

Ahavuye isanamu, Shyja
Umuryango wa Shyja n’incuti ziwe bamye bamushigikira kuri buno bwanwa bwiwe. Umukobwa wiwe amubwira ko bumubereye.
Ariko Shyja avuga ko yabwiwe amajambo y’ubwoko bwose avugwa n’abantu iyo bamubonye kw’ibarabara.
Ati: "Abantu barantwenga bavuga ngo ‘abagabo bonyene nibo bamera ubwanwa, kubera iki umugore yobumera’?”
Mu myaka itari mike, ni kenshi yagiye avugwa mu binyamakuru vyo muri ico gihugu. Mu misi iheze, nk’uko abivuga, yarabonye amajambo y’agahemo yanditswe ku nkuru yamuvuga yari yacishijwe ku rubuga rwa Facebook n’ikinyamakuru co muri ico gihugu.
Umuntu umwe yabajije igituma atari gufata urwembwe akamwa ubwanwa bwiwe bimaze kuboneka ko ingohe ziwe yari yazimoye.
Ati:"Ariko si ikibazo kijanye n’ivyo nshaka – none ngumye iki hanyuma nikureko iki?”
Abagenzi ba Shyja akenshi bishurana agashavu kuri ano majambo yandikwa kuri Facebook, ariko avuga ko ivyo ataco bimubwiye na gato.
"Mu bisanzwe, kenshi ndabaraba nkabatwenga”.










