Kamala Harris muri Korea y’Epfo inyuma y’umusi umwe Korea ya Ruguru irashe ibisasu vya misire

Ahavuye isanamu, EPA
Na Jean Mackenzie muri Seoul na Frances Mao muri Singapore
BBC News
Icegera c’umukuru w’igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika Kamala Harris yashitse muri Korea y’Epfo inyuma y’umusi umwe Korea ya Ruguru igerageje ibisasu vya misire biraswa ku ntera ngufi ku nkengera yayo y’ubuseruko.
Iraswa ry’ibi bisasu - risanzwe riteye kubiri n’ibihano vya ONU - ribaye mu gihe Amerika na Korea y’Epfo biri mu myimenyerezo rusangi ya gisirikare mu mazi y’inyanja izungurutse ikigwa ca Korea.
Abategetsi ba Korea y’Epfo n’ab’Ubuyapani bariyamiriza aka “gasomborotso”.
Bubaye ubwa kabiri mu ndwi imwe gusa Korea ya Ruguru igerageza ibisasu vya misire muri uno mwaka umaze kuberamwo ibikorwa vy’igerageza ry’ibirwanisho gusumba iyindi myaka yose.
Ribaye kandi mu gihe kidasanzwe – mu rugendo rwiwe muri Korea y’Epfo, umupfasoni Harris azoshika ku rubibe hamwe no muri ka karere katemerewemwo ibikorwa vya gisirikare (Demilitarised Zone, DMZ) ariko gacungerewe cane kagabuza izi Korea zompi.
Ejo ku wa gatatu, yashikirije ijambo ingabo za Amerika ku kirindiro cazo co mu Buyapani, aho yiyamirije ibikorwa biheruka vya Pyongyang vyo kugerageza ibirwanisho, hamwe “n’umugambi utemewe n’amategeko wo guhingura ibirwanisho uteye akaga ku mutekano w’akarere”.
Mu gihe ibiganiro hagati ya Korea ya Ruguru na korea y’Epfo vyerekeye guhagarika umugambi wo guhingura ibirwanisho vy’ubumara vyahagaze, mu gihe kandi izi mpande zompi zibandanya zikomeza ibisata vyazo vyo kwivuna abansi, ibi bikorwa vy’igerageza ni bimwe mu bituma ibintu vyunyuka cane.
Ibikorwa vyo muri ino ndwi vy’igerageza ry’ibirwanisho – ica mbere kikaba cabaye ku wa Mungu imbere y’uko iyi myimenyerezo ya gisirikare y’ibisata birwanira mu mazi itangura – ni ivya mbere kuva mu ntango z’ukwa gatandatu, ariko Korea ya Ruguru imaze kugerageza ibirwanisho birenga 30 gushika ubu muri uno mwaka, kurusha mu yindi myaka yose.
Abategetsi ba Korea y’Epfo bavuga ko igerageza ry’izi misire ejo ku wa gatatu ryabahe hagati y’isaha 18:10 na 18:20 mu masaha yo muri ako karere, bikaba vyarashwe ku ntera y’ibirometero 360, bikaba kandi vyagurutse gushika ku birometero 30 uja hejuru. Abajejwe gucungera imbibe b’Ubuyapani nabo nyene barabonye ibi bisasu.
Abakuru ba gisirikare ba Korea y’Epfo basohoye itangazo bavuga bati: "Aka gasomborotso ka Korea ya Ruguru kazotuma ibikorwa vya Korea y’Epfo na Amerika vyo kuzibira no kwivuna bikomezwa, kandi nta kindi bizovamwo atari kubandanya bikumira Korea ya Ruguru ku rubuga mpuzamakungu”.
Abahinga babona ko ibi bikorwa vy’igerageza ari ukwihora ku myimenyerezo rusangi ya gisirikare y’ibisata vya gisirikare birwanira mu mazi mu gihe Washington na Seoul biriko bikomeza igisata co kwivuna abansi ca Korea y’Epfo – iyi myimenyerezo rusangi ni iya mbere ibaye harimwo ubwato bwa Amerika butwara indege kuva mu 2017.
Mw’ijambo yashikirije inama ya bose mu ntango z’ino ndwi, uwuserukira Pyongyang mw’ishirahamwe ONU, Song Kim, yaraneguye Amerika na Korea y’Epfo kuri ino myimenyerezo yabo, avuga ko yariko ituma iki kigwa “cegereza intambara”.
Yavuze ko “poritike y’urwanko” ya Amerika kuri Korea ya Ruguru ari yo mvo isi ubu “iriko itera ija mu bihe bibi cane”.
Korea y’Epfo na Amerika vyamye vyishigikira mu myimenyerezo yavyo rusangi, bikavuga ko ifise intumbero yo kuzana ituze mu karere.
Amakuru avuga ko iki gihugu ca gikomunista gisanzwe gikorera mw’ibanga coba gitunze ibirwanisho vy’ubumara, abandanya yiyongera – ibi bikaba biteye umutima uhagaze Amerika na Korea y’Epfo.
Mu ntango z’uku kwezi, Korea ya Ruguru yemeje itegeko ryemeza ko ari igihugu gitunze ibirwanisho vy’ubumara.
Indongozi yayo Kim Jong-un yariyemeje ko igihugu ciwe kitazokwigera giheba umugambi waco wo guhingura ibirwanisho canke ngo citabe ibiganiro bifise intumbero yo kukibuza gutunga ibirwanisho vy’ubumara.
Iri tegeko kandi ryemerera Korea ya Ruguru kurasa ubwa mbere, mu bihe bitari bike bishobora gushika.
Gushika mu misi iheze, camye kivuga ko ibirwanisho vyaco ari ivyo kwikingira, mu ntumbero yo gukinga intambara.
Haraciye amezi ibisata vy’igendereza vya Amerika na Korea y’Epfo bivuga ko Korea ya Ruguru yiteguye kugerageza ikirwanisho c’ubumara ariko ko irindiriye akanya keza ka poritike.
Iri ryoba ari igerageza rigize indwi ry’ikirwanisho c’ubumara, rikazoba kandi ribaye irya mbere mu myaka itanu.
Ejo ku wa gatatu, igisata ca Korea y’Epfo kijejwe igendereza cabwiye abanyaporitike ko iri gerageza ry’ikirwanisho c’ubumara rishobora kuba hagati y’ukwezi kw’icumi n’ukw’icumi na rimwe, mu kiringo kiri hagati y’ikoraniro ry’umugambwe Chinese Party Congress be n’amatora y’abashingamateka n’abakenguzamateka muri Amerika.
Perezida Yoon Suk-yeol wa Korea y’Epfo, kuva ashitse ku butegetsi mu kwa gatanu, yibanze gukomeza ugukorera hamwe hagati ya korea y’Epfo na Amerika mu ntumbero yo kwirinda akaga gaterwa na Korea ya Ruguru.










