Ukraine: Ingabo z'Uburusiya zimaze kwicwa zirenga 20.000 mu mezi atanu - bivugwa na Amerika

Ahavuye isanamu, AFP Via Getty Images
- Umwanditsi, George Wright
- Igikorwa, BBC News
Ingabo z’Uburusiya zirenga 20.000 ziramaze gupfira mu ntambara yo muri Ukraine kuva muri Kigarama (12), nk'uko bivugwa na Amerika.
Abandi nabo 80.000 barakomeretse, nk'uko bivugwa n'umuvugizi w'Inama nkuru y'igihugu ijejwe umutekano, John Kirby, yisunze amakuru y'ibanga y'igisata kijejwe igendereza.
Igice c'abamaze gupfa ni abo muri wa murwi w'abacangero, Wagner, bariko bararwanira muri ca gisagara ca Bakhmut kiri mu buseruko bw'igihugu.
Uburusiya bumaze igihe bugerageza gufata iki gisagara gitoya kuva mu mwaka uheze, mu ntambara y'urutavanako.
Muri kino gihe Moscou iramaze kwigarurira igice kinini ca Bakhmut, ariko ingabo za Ukraine ziracagenzura agace gatoya k'iki gisagara mu burengero. Impande zompi zibonamwo inyungu nini mu kurwanira iki gisagara.
Abategetsi ba Ukraine bavuga kandi ko bariko bakoresha intambara yo muri iki gisagara mu kwica ingabo z'Uburusiya nyinshi zishoboka bongere babusesaguze.
Kirby yabwiye abamenyeshamakuru ati: "Uburusiya, mu kurondera gukora igitero mu karere ka Donbas bubanje kumenera muri Bakhmut, bwarananiwe. Bwarananiwe no kwigarurira akarere kaboneka kandi kobutuma buhagarara neza.
"Tugereranya ko Uburusiya bumaze gutakaza abarenga 100.000, harimwo abarenga 20.000 bapfuye bariko bararwana".
Ibiharuro vy'i Bakhmut ni ivy'abapfuye kuva mu ntango z'ukwa cumi na kabiri, nk'uko biri mu biharuro bitangwa na Amerika.
Kirby ati: "Ikintu nyamukuru ni uko Uburusiya bwagerageje gukora igitero ariko kikabugarukako inyuma y'amezi y'intambara zikomeye kandi buhatakariza bikomeye".
Avuga kandi ko ata biharuro vy'abanya-Ukraine bamaze kuhapfira atanga kuko "ni bo batewe. Uburusiya ni bwo bwateye".
BBC ntishobora guhinyuza ibi bitigiri bitangwa kandi Moscou nayo ntaco irabivugako.
Mu gihe yokwigarurira burundu iki gisagara, Uburusiya bwoba buri hafi yo gushika ku ntego yabwo yo kugenzura intara yose ya Donetsk, imwe mu ntara zine zo mu buseruko n'ubumanuko bwa Ukraine zihagiwe n'Uburusiya mu kw'icenda guheze inyuma y'amatora ya kamarampaka yiyamirijwe cane hanze y'Uburusiya, agafatwa nk'irementanya.
Abihweza ibintu n'ibindi bavuga ko Bakhmut ata kamaro kanini ifise, ariko ko abarongoye urugamba ku ruhande rw'Uburusiya ari ho bashize inguvu zose, kugira ngo n'imiburiburi bereke Kremlin ko bashitse ku kintu kiboneka.
Umurwi w'abacangero ba Wagner - umurwi ukoresha cane abapfungwa bamaze gukatirwa ukaba kandi uzwi ku ukoresha ubugome mu ntambara yawo - ni wo uri imbere muri uru rugamba rwa Bakhmut.
Umukuru wawo, Yevgeny Prigozhin, ashaka kwandikisha izina hamwe n'iry'igisirikare ciwe bwite, mu gufata iki gisagara.
Ariko aherutse kugabisha ko ashobora gukura ingabo ziwe muri Bakhmut.
Mu kiganiro n'umunyamakuru w'Umurusiya yandika ku rubuga ngurukanabumenyi, ibidakunze kuba, yamenyesheje ko ashobora gukurayo abarwanyi ba Wagner mu gihe ubushikiranganji bw'Uburusiya bujejwe kwivuna abansi butobaha ibikoresho bakeneye.
Agabisha ko abarwanyi ba Wagner bashobora kurungikwa muri Mali.
Arakunze guterana amajambo n'ubushikiranganji bw'Uburusiya bujejwe kwivuna abansi, aho yagiriza ababurongoye ko badaha abarwanyi biwe uburyo bukwiye.
Prigozhin kandi asaba ibinyamakuru vy'Uburusiya n'abarongoye igisirikare kureka "kubesha abanyagihugu b'Uburusiya" mu gihe hitezwe igitero ca Ukraine co kwivuna.
Ati: "Dukeneye guhagarika kubesha abanyagihugu b'Uburusiya tubabwira ko vyose bimeze neza".
Yashimye "ibikorwa vya gisirikare vyiza kandi bitomoye" vy'igisirikare ca Ukraine n'intwazangabo zaco.
Umujenerali wo ku rwego rwo hejuru wa Ukraine yavuze ejo ku wa mbere ko ibitero vyo kwivuna vyirukanye ingabo z'Uburusiya ku birindiro bimwe bimwe i Bakhmut, ariko ko ibintu bikimeze "nabi".
Ingabo nshasha z'Uburusiya, harimwo n'abarwanyi b'imirwi yitwara gisirikare hamwe n'abarwanyi ba Wagner, bama bariko "bararungikwa mu ntambara" n'aho bapfa ku bwinshi, nk'uko vyanditswe ku rubuga rwa Telegram na Jenerali Oleksandr Syrskyi, umukuru w'ingabo za Ukraine zirwanira ku butaka.
Ati: "Ariko umwansi ntashoboye kwigarurira iki gisagara".










