Ukraine: Umukuru wa Wagner abona ko bariko barahemukirwa mu rugamba rwa Bakhmut

Yevgeny Prigozhin, umukuru wa Wagner, ariko ashikiriza ijambo muri Bakhmut muri videwo yasohowe ku wa 03 Ntwarante

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Yevgeny Prigozhin, umukuru wa Wagner, ariko ashikiriza ijambo muri Bakhmut muri video yasohowe ku wa 03 Ntwarante

Umukuru wa wa murwi w’abacangero b’Uburusiya Wagner avuga ko umurwi wiwe utariko uraronswa uburyo ukeneye, mu gihe urondera kwigarurira Bakhmut.

Ingabo z’Uburusiya – iza Wagner no mu gisirikare c’igihugu – ziriko zigerageza kwigarurira iki gisagara co mu buseruko bwa Ukraine.

Ariko, umukuru wa Wagner Yevgeny Prigozhin aridoga ko ata masasu bafise, avuga ko bishobora kuba biterwa “n’uko bibanza kuzunguruka henshi mu bategetsi canke uguhemukirwa”.

Imigenderanire hagati ya Wagner na Moscou isa n’iyigenda iba nabi.

Umuhari Wagner ufise ingabo ziharurwa mu bihumbi mirongo muri Ukraine – zimwe zavuye mu mabohero y’Uburusiya – kandi zagize uruhara rudasanzwe muri kino gitero Ubususiya bwagavye kuri Ukraine.

Mu butumwa bw’ejo ku wa Mungu, Prigozhin yavuze ko impapuro zateweko igikumu ku wa 22 Ruhuhuma (2), vyitezwe ko amasasu yari kurungikwa i Bakhmut bukeye.

Ariko ntakirarungikwa, nk’uko abivuga, imbere y’uko avuga ko bishobora kuba bikorwa n’ibigirankana.

Mu yindi video yashizwe ahabona ku wa gatandatu – ariko ikaba isa n’iyafashwe muri Ruhuhuma - Prigozhin yavuze ko abantu biwe bafise ubwoba ko bashobora kuba “bariko bategurwa” gutabwako impfane mu gihe Uburusiya bwotsindwa mu ntambara yo muri Ukraine.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Ati: "Mu gihe twosubira inyuma, twoca twandikwa mu mateka nk'abantu bafashe intambwe ikomeye yo gutsindwa intambara.

"Kandi iyi ni yo ngorane ku kubura amasasu. Iki si iciyumviro canje, ni ic’abarwanyi basanzwe…

"None vyogenda gute mu gihe [abategetsi b’Uburusiya] bashaka kuduta mu mutego, bavuga ko turi imihimbiri, kandi ko iki ari co gituma batwima amasasu, bataduha ibirwanisho, kandi batatureka ngo twironderere abarwanyi, harimwo abava mu bapfunzwe”.

Muri ino video yo ku wa gatandatu, Prigozhin yavuze ko urwasiro rw’Uburusiya rwosenyuka ari nka hamwe rwobura ingabo ziwe.

"Ari nka hamwe umurwi wa gisirikare wa Wagner wova muri Bakhmut, urwasiro rwose - rushimangiwe na Wagner- rwoca rusenyuka.

"Ku ruhande rumwe, twihanze igisirikare cose ca Ukraine, turiko turagisambura kandi tukibuza akaryo ko kwiyegeraniriza mu tundi turere tw’urwasiro.

"Ku rundi ruhande, turiko turatera intambwe hanyuma abasigaye [bisa nk’uko ariko avuga igisirikare c’Uburusiya] biba ngombwa ko baza badukurikira kugira ngo bikure mu kabarerwa”.

Mu kwezi guheze, Prigozhin yavuze ko umushikiranganji wo kwivuna abansi Sergei Shoigu be n’umukuru wa gisirikare Valery Gerasimov bari bagumije ibirwanisho vyategerezwa kurungikirwa ingabo ziwe.

Ingabo za Ukraine zisa n’iziriko zirarwana “intambara yo kwicira inzira yo gusubira inyuma” i Bakhmut, nk’uko bivugwa n’ikigo ciga ivy’intambara, Institute for the Study of War (ISW) kuri uno wa mbere.

Ariko congerako y’uko Ukraine ibandanya “yiha inkumbi cane” mu ngabo z’Uburusiya.

ISW ivuga ko igisirikare c’Uburusiya kigendera kuri Wagner muri ino ntambara yo kurondera kwigarurira Bakhmut imaze amezi atari make kandi ko bwongerereje inguvu uyu murwi.

Ku wa gatandatu, icegera c’umukuru w’igisagara ca Bakhmut yabwiye BBC ko hari intambara zibandanya mu mabarabara hagati y’ingabo z’Uburusiya n’iza Ukraine.

Hagati aho, Oleksandr Marchenko avuga ko ingabo z’Uburusiya zitarashobora kugenzura iki gisagara.

Marchenko yabwiye ikiganiro Today ati: "Nta ntumbero bafise yo kurokora igisagara…intumbero yonyene bafise ni ukwica abantu no gukorera abanya-Ukraine ihonyabwoko”.

Ni mu gihe, abategetsi b’igisirikare ca Ukraine bavuga ko abakuru ba brigade ya 155 irwanira hafi y’igisagara ca Vuhledar, mu bumanuko bwa Bakhmut, banse gukurikiza amategeko yo gusubira inyuma yo gutakaza bikomeye.

Ubushikirangani bw’Uburusiya bujejwe kwivuna abansi buvuga ko ingabo zabwo zateye ibiro vy’igisirikare ca Ukraine kirwanira mu gisagara ca Azov mu bumanuko bushira ubuseruko bw’intara ya Zaporizhzhia.