Intambara ya Ukraine: Moldavie izungurutswe n'igisirikare c'Uburusiya

- Umwanditsi, Lucy Williamson
- Igikorwa, BBC News, Molovata Noua
Ku rugendo ruto n'imodoka uvuye ku rubibe rwo mu bumanuko bwa Ukraine, abasirikare amajana b'abarusiya bacungereye ububiko bw'ibigwanisho vyo ku ntwaro y'abasovyete mu karere kiyonkoye ka Transnistrie muri Moldavie.
Ubwo bubiko, abo basirikare n'ako karere kabamwo abashigikiye Uburusiya karacungerewe cane n'amakungu.
Mu ndwi ziheze, ibihuhu vyarakwiragiye hagati y'Uburusiya, Ukraine na Moldavie ku kagambane ko gushaka guhungabanya Moldavie, n'igabisha ko hashobora kwaduka iyindi ntambara ngaha.
Umushikiranganji wa mbere wa Moldavie, Dorin Recean, yavuze ko ingabo z'Uburusiya zotegerejwe kwirukanwa muri ako karere, mu gihe prezida w'ico gihugu Maia Sandu yariko aragabisha ko Uburusiya bufise intumbero yo gutembagaza reta yiwe igendera ku murongo w'abanye Buraya.
Uburusiya na bwo bwavuze ko busugerejwe n'igitero "citiriwe abandi" ariko gikozwe n'ingabo za Ukraine - buca buragabisha ko igitero cose kizotumbera ingabo zabwo ziri muri Transnistrie kizofatwa nk'igitumbereye Uburusiya ubwabwo.
Abaraba ibintu n'ibindi b'i Buraya bavuga bashimitse ko Transnistrie ishobora guha Uburusiya iyindi nzira yo kwinjira muri Ukraine, ivyotuma ingabo za Ukraine zigira kure y'utundi turere intambara ziriko ziberamwo.
Transnistrie rero igenzurwa n'abashigikiye Uburusiya kuva habaye intambara yo 1992 - iracungerewe cane ku rwego mpuzamakungu.
Igabishwa n'ubwoba bw'iyindi ntambara nshasha biraremereye cane ikigwati ca Molovata Noua.
N'akarere gato kazubgurutswe na Moldavie kari iruhande ya Transnistrie kagatandukanywa n'ikindi gice ca Modavie n'uruzi Dneister.
Mu gihe ababa Chisinau bumva ko bageramiwe, ababa Molovata bo bibona nk'abari ku rwasiro.

Abatama benshi ngaha baragwanye intambara y'abashigikiye Uburusiya bashaka kwiyonkora haraciye imyaka 30. Ubu baribaza nimba n'ubu bategerezwa kuzogwana.
Ku musi wa gatanu, abarugwanye (Veterans) barakoraniye i Molovata Noua mu rugendo rukorwa buri mwaka ku rubibe rwa Transnistrie mu kwibuka abahasize ubuzima.
Abantu barenga mirongo ibiri bambaye impuzu za gisirikare, imidari ikayangana ku gikiriza n'umubabaro mu maso yabo . Muri bo harimwo Vlad Untila w'imyaka 62.
Ivyibutsa akahise, bikiri mu mitwe y'abantu baba muri ako karere kinjira muri Moldavie, biduzwa cane n'ubwoba bwinshi bwa kazoza.











