Ukraine Vs Russia: Odesa na Melitopol bigeramiwe n'ibitero

Abategetsi bashizweho na Moscou i Melitopol berekanye amasanamu y'umuriro

Ahavuye isanamu, BalitskyEV

Insiguro y'isanamu, Abategetsi bashizweho na Moscou i Melitopol berekanye amasanamu y'umuriro

Ubumanuko bwa Ukraine buri mu bitero biva ku mpande zompi zihanganye muri ino ntambara, aho Uburusiya bwaraye buteye ibibombe na za ndege zitagira abadereva (drones) i Odesa, Kyiv nayo igaca yihora mu gutera Melitopol.

Igisirikare ca Ukraine kivuga ko cakoroye amadrone cumi ejo ku wa gatandatu, ariko ko ayandi atanu akaba yarashoboye gutera ibirindiro vy’amasoko ntanganguvu, ivyatumye abantu bababa imiriyoni 1.5 babura umuyagankuba.

Mu nyuma y’aho, umukuru w’igisagara ca Melitopol wo ku ruhande rwa Ukraine akaba yarahunze avuga ko hari igitero cakozwe kuri ico gisagara kiri mu minwe y’abarusiya.

Amasanamu yasohowe n’umutegetsi yashizweho n’Uburusiya yerekana urubeya runini rw’umuriro.

Igitero c’Uburusiya kuri ico gisagara ca Odesa kiri ku nyanja cakozwe n’amadrone ya Irani ku nyubakwa ikomeye, nk’uko abategetsi ba Ukraine babivuga.

Mw’ijambo ryiwe rya buri mugoroba yama acisha kuri videwo, Perezida Volodymyr Zelensky yaraye avuze ati: "Ibintu vyifashe nabi cane muri Odesa.

"Ikibabaje ivyo bitero vyari bikomeye, ibi bikazotuma dukenera umwanya kugira ngo tugarukane umuyagankuba. Ntibisaba amasaha, ariko bizosaba imisi mikeya”.

Kuva mu kw’icumi, Moscou ibandanya itera ibibanza vy’amasoko ntanganguvu ikoresheje ibisasu vya misire n’ibitero vy’amadrone, ni inyuma y'aho ingabo za Vladimir Putin zitsindiwe mu buryo buteye isoni mu bibanza bitari bike vya Ukraine.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Ku wa kane, Putin yariyemeje kubandanya ibitero ku bibanza vy’amasoko ntanganguvu vya Ukraine n’aho vyiyamirizwa n’amakungu, na rirya bisiga amamiriyoni y’abanyagihugu mu kizime.

I Melitopol, abategetsi begamiye kuri Moscou bavuga ko igitero ca misire cishe abantu babiri gikomeretsa abandi cumi , ni mu gihe Ivan Fedorov, umukuru w’igisagara ari mu buhungiro, avuga ko abatari bake “mu bateye igihugu” bishwe.

Mu butumwa yacishije ku rubuga rwa Telegram, Yevgeny Balitsky, buramatari w’intara ya Zaporizhzhia yagenywe n’Uburusiya avuga ati: "Igisata kijejwe gucungera ibirere casambuye ibisasu vya misire bibiri, nayo bine bikaba ari vyo vyashitse aho vyatewe”.

Avuga kandi ko “ikigo c’iteramiro” ahari abantu bariko bivuna umusase, casenyuwe n’igitero ca Ukraine hakoreshejwe ibisasu vya misire vyo mu bwoko bwa Himars.

Oleksiy Arestovych, umuhanuzi wa Perezida Zelensky avuga ko Melitopol, igisagara kiri mu minwe y’Uburusiya kuva mu kwa gatatu, ari igisagara ngirakamaro mu gukingira ubumanuko.

Mu kiganiro kuri videwo ku mbuga hwaniro, Arestovych avuga ati: "Uburyo bwose buhabwa ingabo z’Uburusiya mu buseruko bw’intara ya Kherson gushika ku rubibe rw’Uburusiya hafi ya Mariupol niho bucishwa”.

“Mu gihe Melitopol yofatwa, umurongo wose wo kwivuna gushika muri Kherson woba ufashwe. Ingabo za Ukraine zoba zironse inzira izishikana muri Crimea/ Crimée”