Ukraine ivuga ko ibitero vyinshi kuri Bakhmut biguma bisubizwa inyuma

Ahavuye isanamu, Getty Images
Igisirikare ca Ukraine kivuga ko ibitero vyinshi vyagumye bisubizwa inyuma mu karere ko mu buseruko bwa Donetsk mu masaha 24 aheze.
Igisirikare c'Uburusiya kivuga ko cimirije kwigarurira igisagara co mu buseruko bwa Ukraine Bakhmut - ahamaze amezi menshi hariko harabera intambara zikomeye.
Umukuru w'umugwi Wagner w'Uburusiya avuga ko basa "nabamaze gukikuza ico gisagara" ko hasigaye inzira nke zo kugisohokamwo.
Amerika yatangaje iyindi ntererano ya miliyoni 400 ya gisirikare mu kwongereza ibigwanisho bigenda bihera mu bubiko.
Umukuru w'abasirikare bagwanira ku butaka muri Ukraine, Col Gen Oleksandr Syrskyi yaragiye mu gisagara ca Bakhmut ku musi wa gatanu kugirana inama n'abarongoye urugamba ku kungene bokwongerereza inguvu ingabo ziri ku rwasiro.
Ingabo z'Uburusiya zimaze amezi atandatu zigerageza gufata ico gisagara.
Prezida wa Ukraine Vorodymyr Zelensky muri iyi ndwi yaragabishije ko ibintu uko vyifashe mu ntambara ibera mu buseruko bigenda bimera nabi gusumba.
Umwitwarariko ukomeye kuri Ukraine ukaba ari igabanuka ry'ibigwanisho mu gihe iyo ntamabara bagwana n'uburusiya ikibica bigacika ata n'ikimenyetso c'uko igiye kugabanuka.
Umunyamabanga wa reta ya Amerika ajejwe imigenderanire Antony Blinken avuga ko imfashanyo y'igihugu ciwe giherutse kwemera harimwo ibisase vya rokete bigema bikoreshwa na Himars Ukraine ikoresha neza cane.
Prezida Zelensky yaheruka kuvuga ko ibikoho birasa kure bikenewe mu guhagarika ibitero vy'Uburusiya.
Amerika kandiigiye kurungika ibiraro bikoreshwa mu ntambara imbere y'uko haba ibitero vyitezwe vya Ukraine.
Itangwa ry'ibikoresho nk'ivyo rizotuma ibimodoka bitamenwa bijabuka inzuzi n'ibinogo, ribaye mu gihe abategetsi batari bake n'abahinga ba gisirikare ba Ukraine bavuze ko ibitero bishobora gutangura mu ndwi ziri imbere.
Abategetsi b'akarere bavuze ko imiryango ifise abana n'abantu "badashobora kunyaruka" bategerezwa kuhava kubera ibitero "vy'urutavanako" vy'ingabo z'Uburusiya.










