Prezida wa Tanzania yakuyeko itegeko ryabuza abatavuga rumwe na leta guterana

Ahavuye isanamu, Getty Images
Prezida wa Tanzania, Samia Suluhu Hassan, yakuyeko itegeko ryari rimaze imyaka itandatu ribuza abatavuga rumwe na leta kugira amakoraniro mu gihe kitari ic’amatora.
Iryo tegeko ryari ryarashizweko n’uwamubanjirije, umuhisi Prezida John Magufuli, aho yavuga yuko amakoraniro nk’ayo mu gihe kitari ic’amatora ari ugutakaza umwanya no kwonona amafaranga.
Ariko abatavuga rumwe na leta n’abaharanira agateka bararyiyamirije bavuga ko riteye kubiri n’ibwirizwa shingiro.
Prezida Samia yabitangaje ari mu mubonano n’abarongozi b'imigambwe yose 19 yemewe n’amategeko.
Madamu Samia yagize ati: “Inshingano yacu nka leta izoba iyo kurinda umutekano w’abari muri ayo makoraniro… ubu rero ko ayo makoraniro agarutse, ndizera yuko tuzokwigenza neza mu rupfasoni twirinda gutukana.”
Gukurako itegeko ryabuza amakoraniro ya politike ni kimwe mu twigoro twa Prezida two kwiyunga no kuvugurura ibintu yatanguje agishikira ubutegetsi mu 2021 nyuma y’urupfu rwa Magufuli.
Igihe yamaze ku butegetsi cabonywe na bamwe nko gusubiza Tanzania mu butegetsi bw’igikenya.
Mu mezi ya vuba, Prezida hamwe n’umugambwe uri ku butegetsi CCM baragiranye imibonano y’ibanga hamwe n’abatavuga rumwe na leta.













