Tanzania: Umwaka umwe Perezida Samia Suluhu amaze ku butegetsi, bimeze gute?

Samia Suluhu Hassan

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Perezida Samia Suluhu Hassan yimitswe ku wa 19 z'ukwa gatatu 2021 inyuma y'urupfu giturumbuka rwa John Pombe Magufuli

Muri ino ndwi Abatanzania bariko baribuka umwaka umwe uwari icegera c'umukuru w'igihugu wa Tanzania Samia Suluhu Hassan yimitswe nk'umukuru w'ico gihugu wa mbere w'umugore.

Mu gihe ari we mukuru w'igihugu w'umugore wenyene muri Afrika, ntashaka kwitwa ya mazina y'ubutegetsi, wewe akaba yipfuza ko bamwita Samia, canke, nk'uko abivuga, "Mama Samia".

Yimitswe mu kwa gatatu kw'umwaka uheze, igihe igihugu n'isi yose vyari bihanzwe n'ikiza ca covid-19, inyuma y'aho uwo yasubiriye John Magufuli asandabiye giturumbuka.

Kuva ico gihe, yitayeho guteza imbere Tanzania muri rusangi. Bimwe mu vyo yakoze, harimwo ukwamamaza igihugu biciye mw'ireresi iriko irategurwa izwi nka "The Royal Tour" yitezwe gusohoka mu kwa kane kw'uno mwaka.

Mama Samia yazungurutse igihugu cose, ari kumwe n'abakora amareresi b'abanyamerika kugira ngo yerekane ubutunzi bw'igihugu ciwe.

Muri bwo, nk'uko abivuga atebura, isi itegerezwa kumenya ko umusozi wa Kilimanjaro n'ishamba ry'ibikoko rya Serengeti biri ku butaka bw'igihugu ciwe.

None, Abatanzania bakiriye gute Mama Samia nk'umukuru w'igihugu: "Genda ubabaze uno musi. Ndumva ko ndiko ndakora akazi kanje. Ndumva ko ndiko ndakora ivyo niyemeje", niko avuga.

Amaze kuragwa igihugu na Perezida Magufuli atemera ibijanye na Covid-19, Mama Samia avuga ati: "Hagufata amafaranga tukayashira mu vyo kugura udupfukamunwa n'imiti yo gukaraba be n'incanco, twaciye tuyashira mu migambi yo guteza imbere amagara meza mu mitumba - mu kwubaka amavuriro no kwagura amasomera yari mato mu mashure. Umugambi w'amazi warateye imbere".

Ni igiki co kwishimira gusumba ibindi gushika ubu amaze gushikako nk'umukuru w'igihugu? Avuga ati: "Nibaza ko ikintu nyamukuru nashitseko ari ukubungabunga amahoro, ituze n'umutekano mu gihugu canje. Ico nico kintu nyamukuru novuga ko nashoboye gushikako".

N'aho avuga ibi, umwanya muto amaze ku butegetsi waratosekajwe n'ihagarikwa ry'umunyaporitike atavuga rumwe n'ubutegetsi bwiwe, Freeman Mbowe, mu kw'indwi kw'umwaka uheze.

Ariko irekurwa ryiwe mu kwezi guheze, hampande yo kubonana na bamwe mu batavuga rumwe n'umugambwe uri ku butegetsi, ni ikintu gikomeye cane kibonwa nk'ikimenyetso c'uko reta yiwe ishobora kwemerera abatavuga rumwe n'ubutegetsi bagakora bidegemvya.

Ati: "Nk'uko ibwirizwashingiro ryacu ribivuga, iki gihugu naco kikaba kigendera ku mategeko, aya nayo akaba avuga ko imigambwe yemerewe gukora poritike, kuko niko kazi kayo, ntibashoora gukora poritike bapfunzwe, ntako boshobora gukora ibikorwa bategerezwa gukora bapfunzwe".

Abajijwe ivyo yaganiriye n'umunyaporitike Freeman Mbowe, Mama Samia yishura ati: "Twavuganye ku bijanye no kwubaka icizere, ukwizigiranira, tukemera ko iyi Tanzania atari iy'umuntu umwe, ahubwo ko ari Tanzania ya twese.

"Ni ngombwa ko twese tugira uruhara mu kwubaka Tanzania kuko iterambere rya Tanzania riraba buri wese. Buri wese ategerezwa guhagararira amahoro n'umutekano w'igihugu cacu, agahagararira iteka ry'igihugu cacu".