Tanzania uko ndayibona: Ivyo Prezida Samia amaze gushikako mu mwaka umwe

Prezida Samia Suluhu Hassan

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Muri Tanzania, uyu mukuru w'igihugu abamukunda bamwita Mama Samia, mu kwerekana icubahiro abantu bamufitiye

Mu makete y'abamenyeshamakuru b'abanya-Afrika, Sammy Awami arasubiza amaso inyuma ku kugene Tanzania yahindutse mu mwaka umwe kuva Samia Suluhu Hassan abaye umugore wa mbere abaye ategetse ico gihugu inyuma y'urupfu rwa prezida John Pombe Magufuli.

Short presentational grey line

Iyo igipimo c'umunezezo canke ukwishima gifatwa mu ndwi nkeya ziheze, cari kwerekana ko aba-Tanzania bari mu bantu ba mbere banezerewe kw'isi, nk'uko bivugwa n'aba-Tanzania bamwe bamwe ku mbuga hwaniro.

Mu mayinga make aheze, prezida Samia Suluhu Hassan, azwi cane gusa nka Mama Samia, yarabonanye na babiri mu ndongozi z'umugambwe uza imbere mu yitavuga rumwe n'ubutegetsi, Chadema, Tundu Lissu na Freeman Mbowe, ibintu atawari gushobora gucisha mu mutwe haraheze umwaka.

Tundu Lissu na Freeman Mbowe

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Umugambwe Chadema wa Tundu Lissu (i bubamfu ) na Freeman Mbowe (i buryo) warigeze gusaba ko Tanzania ifatirwa ibihano kubera ugukandamiza abatavuga rumwe na reta ku butegetsi bwa prezida Magufuli

Lissu aba mu buhungiro inyuma yo kuraswa amasasu 16 mu 2007 mu kugerageza kumwica vyafashwe ko vyari bifise imvo ya poritike. Mbowe aherutse kuva mu munyororo, aho yari apfungiwe kuva afashwe yagirizwa ivyaha vy'iterabwoba mu kwezi kw'indwi igihe yari yiteguriye kugirisha ikoraniro ryo gusaba ko hagira ibihindurwa mw'ibwirizwa nshingiro.

Umunyamategeko akaba n'umwe mu baharanira uburenganzira cane Fatma Karume yanditse kuri Twitter ati: "NDAKWISHIMIYE, SSH [Samia Suluhu Hassan]. Lissu nawe nyene arakwishimiye."

Haraheze umwaka, Tanzania cari ikindi gihugu.

Ico gihe prezida John Pombe Magufuli yabona ko abatavuga rumwe n'ubutegetsi ari ibikoresho vy'inyungu z'abanyamahanga. Ururimi rwiwe ku batavuga rumwe na reta zari inguvu, kandi yari yihaye ihangiro ryo kuzimanganya poritike ishingiye ku migambwe myinshi.

Kuba ibintu vyarahindutse nta n'umwe atavyemera mu mice yose ya poritike.

Lissu avuga ati: "Si ndi umuntu agenda arakoma amashi, [ariko] hari ibintu Mama Samia yatanguye gukora neza. Kandi kubera yatanguye gukora ibintu neza, tuzomushigikira abikore neza gusumba."

Ikidahurizwako n'ukumenya niba prezida Samia ivyo ariko arahindura akwiye kubishimirwa vyose. Tanzania yabaye igihugu gitwazwa igitugu ku mugambwe n'ubu ariwo utwara, Chama Cha Mapinduzi (CCM), ubu arongoye.

Yari icegera c'umukuru w'igihugu muri reta yakoze uko ishobora ngo izimanganye ukutavuga rumwe n'ubutegetsi no guta abantu mu munyororo ku mpamvu zo kuyinegura gusa. Kunyuruza abantu, kubura abandi irengero, ku mvo bivugwa ko ari iza poritike, vyarakozwe kuri reta yazamwo ubwa kabiri mu butegetsi bwayo.

Prezida Samia n'uwari Prezida John Magufuli yasubiriye

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Prezida Samia yabaye icegera c'uwo yasubiriye, John Magufuli (i buryo ), imbere y'urupfu rwiwe mu mwaka uheze

Hari n'ikibazo co kumenya niba ashaka gushira mu mategeko impinduka ziriko ziraba. Nyinshi zisa n'izishingiye ku gushaka kw'umukuru w'igihugu ubwiwe gusa.

Nk'akarorero, mu gihe kubonana n'abanyaporitike batavuga rumwe n'ubutegetsi ari intambwe nziza mu kwubaka icizere, amategeko agenga imigambwe adahurizwako ntarahinduka. Ivyo biha urwego rujejwe imigambwe ububasha bwagutse kandi budatomoye neza bwo gufuta umugambwe no guha igihano co gupfungwa gushika ku mwaka uwo ariwe wese yihaye igikorwa co kwigisha ibijanye n'ubuzima bw'igihugu, nko gushishikariza abanyagihugu kwiyandikisha kugira bazokwitabe amatora.

Ni nk'uko, n'ubwo ibihano ku binyamakuru vyinshi vyavanyweho, itegeko ryo 2016 rigenga ibimenyeshamakuru, iryo mu 2018 rigenga ibinyamakuru vyo ku mbuga hwaniro n'iryo mu 2015 rigenga ivyaha biciye mu kwinjira mu mashini (Cybercrimes), ayo yose ntarahinduka mu gihe ariyo yakomeje ukubuza ibinyamakuru gukorera mu bwigenge akanabikwegera ibihano nko guhagarikwa canke kwugarwa.

Ico prezida Samia yakoze ubu n'uguhagarika umuhindimuko wo gushika ku ntwaro y'igitugu idateye amazi. Yasubije igihugu mu gihe c'imbere ya 2015, ariko nta kinini arakora kugira ahindure amategeko yatumye uwo yasubiriye akandamiza abatavuga rumwe n'ubutegetsi.

Abayoboke ba Chadema basanganiye Freeman Mbowe igihe yasohoka sentare nkuru ya Tanzania

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Abantu benshi basanganiye Freeman Mbowe igihe yasohoka sentare nkuru urubanza rwiwe ku vyaha vy'iyerabwoba ruhejeje guhebwa

Ariko ivyo amaze gukora mu nzira ya poritike yihanganira abandi vyerekana ko umukuru w'igihugu ashaka kugira ivyo ahindura. Ariko vyerekana kandi ko ari mu mayirabiri hagati yo kubandanya impinduka no kugumiza umugambwe arongoye ku butegetsi. Nk'akarorero, abanyaporitike batavuga rumwe n'ubutetegetsi babonanye n'ubu ntibarekuriwe gukoresha amakoraniro.

Ariko birasa n'uko ibiriko birahinduka bizorama. Ico cizere kiva mu kwibaza ko prezida Samia ubu yamaze gufata mu minwe umugambwe uri ku butegetsi.

Mu mezi ya mbere Magufuli agipfa, yategerezwa kwama ariko aributsa abamwumva ko n'umukuru w'umugore ategerezwa kwubahwa no kwizerwa.

Ico gihe abashikiranganji basa n'abashaka kwubaha ivyo bishakiye mu mategeko yabaha.

Kimwe mu bishobora kugagaza kuba ubutegetsi bwiwe buguma bukomera n'ifungurwa rya Mbowe - inyuma y'urubanza rwiwe rwamaze amezi umunani kandi ata vyagiriji, abantu nabo badasiba gusaba ko urubanza rwiwe rwofutwa.

Vyibazwa ko rwahebwe kuko yihagazeko imbere y'abasigaye bakiri ku ngendo ya Magufuli baterekwa impinduka ziwe.

Freedman Mbowe

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Freeman Mbowe yari umwe mu bantu batavuga rumwe na gato n'umuhisi prezida John Pombe Maguli, batazira bulldozer (tinga-tinga)

Bamwe bagereranya ibiriko birahinduka nko ku gihe ca prezida Jakaya Kikwete, umwe mu bo Samia yafatirako akaba ari nawe yatwaye imbere ya Magufuli.

Uburyo bwiwe bwo gutwara bwari ubwo gushira abantu hamwe, amatati ya poritike n'abatavuga rumwe n'ubutegetsi akenshi yakemurirwa mu biganiro ku kirimba c'umukuru w'igihugu bariko barasangira icayi n'utwuzango. Ivyo vyatuma reta isa n'iyidakoresha amategeko acinyiza.

Aho umuntu afatira icizere n'uko hanagarutse poritike z'ubutunzi ziha ikibanza abikorera ku giti cabo. Abanyamitahe b'abanyamahanga bariko barareshwa cane, ibihugu vya Buraya bisigaye birabwa nk'ivyo gufashanya mw'iterambere aho kuba ibishaka kwiganza canke kuba "mabeberu," ni ukuvuga amasuguru (impfizi) y'impene - ijambo ry'akagaye ryakoreshwa na Magufuli.

Hamwe na kahise ke ko guharanira agateka ka zina muntu binyuze mu gukorera hamwe, n'amamuko yiwe yo muri Zanzibar aharangwa umuco wo kwicisha bugufi no kwakira abandi, nta gitangaje ko agira ingendo itandukanye mu gutwara.

Ariko ashobora guhura n'abatavyuma kumwe na we bakomeye cane muri CCM, hamwe, nk'akarorero, yokwemera ko haba amatora kamarampaka ku mpinduka mw'ibwirizwa nshingiro, ikintu abatavuga rumwe na reta n'abashigikiye demokrasi baguma basaba, kuko vyogabanya ububasha bw'umugambwe wiwe ku butegetsi.

Prezida Samia yashitse ku butegetsi mu bihe vy'igitangaza, mu gihugu n'ingendo ya poritike vyiganziwe n'ijwi ry'abagabo vyatejwe imbere cane n'uwo yasubiriye.

Umunsi umwe mw'ijambo imbere y'abanyagihugu, uwahoze ari umukuru w'igihugu umuhisi Magufuli yavuze atebura ingene abagore bihagararako bakubitwa, mu rindi naho akekeza mu buryo bujanye n'igitsina umugore w'umushingamateka kubera inzobe y'urukoba rwiwe. Aho hompi yarakomewe amashi cane.

Inyuma y'umwaka umwe, prezida Samia yashoboye kuvyura icizere c'intango nshasha.

Ariko igipimo kizogaragaza ko ishaka ryiwe ryo gukora impinduka zirama kiri ku muvuduko n'aho azogarukira mu guhindura amategeko ari nayo yoshimangira iragi ryiwe ariko kandi akanakingira ukwishira n'ukwizana kw'abanya-Tanzania, akanabera inkinzo igihugu ku bategetsi b'igitugu bozokwinjira ingoro y'umukuru w'igihugu muri kazoza.

Amwe mu yandi makete yo muri Afrika: