Ico babivugako: Kubera iki intambara za Afrika zititabwaho nk'iya Ukraine

Umuntu afise icapa canditseko ngo 'Hagarika intambara'

Ahavuye isanamu, AFP

Mu rukurikirane rw'amabaruwa yandikwa n'abanditsi ba Afrika, umunyamakuru w'umunya Canada akomoka muri Algeria Maher Mezahi arerekana ingene intambara zibera i Bulaya zitabwaho gusumba izibera muri Afrika.

Short presentational grey line

Twese turangana, ariko hariho bamwe bangana gusumba abandi.

Aka gace ko ku mwibutsa wa George Orwell kaje kwibonekeza kuva aho intambara yadukiye ku marembo y'ishirahamwe ry'Ubumwe bwa Bulaya.

Igitero c'Uburusiya kuri Ukraine cariyamirijwe bikomeye n'isi yose. Ariko twihweje ibintu nk'abanyafrika, kubona ibihugu vy'ibihangange kw'isi bishira inguvu hamwe mu kugerageza guhagarika intambara, cabaye ikintu gishimishije ariko kandi kibabaje.

Ku ruhande rumwe, ibihano bikomeye vyafashwe hamwe n'icemezo ca ONU co kwiyamiriza iyi ntambara ni ibintu vyumvikana cane kuko nta muntu n'umwe yipfuza intambara irimwo igihugu rutura gitunze ibirwanisho ruhonyanganda vy'ubumara, ishobora gutuma ibintu biyangara.

Ku rundi ruhande, ni ibintu bitangaje cane ku mugabane wacu kubona intambara zose zidatera umutima uhagaze co kimwe n'izibera muri Afrika.

Ni vyo, hari amatangazo yerekana impungenge asohorwa, intumwa zidasanzwe zikarungikwa, ariko si vya bintu vyo kwigarurira ibinyamakuru, zikama ziriko ziravugwa umwanya ku mwanya, imboneshakure zerekana ikibiriraho amatangazo asohorwa n'abategetsi b'ibihugu vy'ibihangange kw'isi, mbere nta n'abashaka no gufasha.

Amamiriyoni barateshwa izabo bagahunga

Muri Ethiopia, amezi 16 aheze yabaye umuriro udahera.

Mu buraruko bw'igihugu, nk'ingaruka z'indyane za Tigray, abantu barenga imiriyoni zibiri barateshejwe izabo barata baromoka.

Hampande y'ivyo, ibihumbi amajana n'amajana bageramiwe na kigoyi, reta nayo yagirizwa kuzibira imfashanyo n'imfungurwa n'imiti - ivyo reta yiyamiriza.

Hari ivyemezo bigenda vyiyongera vyerekana ko impande zompi zishobora kuba zarakoze ivyaha vyo mu ntambara, harimwo ubwicanyi bw'ikivunga n'ibikorwa bibi vyo gufata abagore ku nguvu bikoreshwa nk'ikirwanisho c'intambara.

Turavye umubabaro iyi ntambara yateye ku buzima bwa kiremwamuntu, nta nkeka ko ari co kimwe n'ikibazo ico ari co cose kw'isi gishobora guhagarika imitima.

Ntivyoroshe ko imodoka za ONU zishikana imfungurwa mu karere ka Tigray

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Ntivyoroshe ko imodoka za ONU zishikana imfungurwa mu karere ka Tigray

Eka hariho n'izindi ntambara nyinshi zivugwa gake.

Ukwezi kwose kwa Nzero (ukwa mbere) nakumaze muri Cameroun kubera ihiganwa ry'igikombe ca Afrika, aho hari inkino zimwe zari zateguwe gukinirwa mu gisagara ca Limbe gitotahaye cane, kiri mu mubanuko bw'umusozi wa Cameroun (Mont Cameroun/Mount Cameroon).

Igihe cose, gufata urugendo uja muri ico gisagara ku misi y'inkino cari ikintu kitoroshe kubera ari inkino zabera mu karere karangwamwo intambara n'abarwanyi bashaka kwiyonkora.

Abajejwe umutekano ntibagoheka.

Nko kuri buri kirometero, wahasanga umusirikare wo mw'ishami ryitwa Brigade d'intervention rapide/Rapid Intervention Brigade yaratse n'inkoho rutura, n'ijosho riteye ubwoba ku mamodoka yose rengana.

Mu gitondo kimwe ngiye kurorera urukino rwa Tunisia Mali, harumvikanye inkoho ku birometero 20 mu karere ka Buea.

'Intambara yeruye' muri Cameroun

Umwe mu bagenzi banje wo muri Danemark, Buster Kirchner, yaramaze igihe kitari gito muri ico gisagara.

Yagarutse amaso yafyuye, ambwira ati: "Maher, hari intambara yeruye ibandanya".

"Si imishamirano isanzwe. Nabonye inyubakwa z'ibitaro n'amashure ziraswa. Ni ukuri abantu bari mu mahano".

Ni vyo, hari amakuru menshi yanditswe kuri Ethiopia be no kuri Cameroun kuri BBC no ku zindi mbuga ngurukanabumenyi z'ibinyamakuru mpuzamakungu, ariko ubona amakungu atewe umutima uhagaze n'ibiba?

Kubera iki amakungu aterekana basi n'agace na gatoya k'amakenga yerekanye mu ndwi zibiri zirangiye ku magorwa abanyafrika barimwo?

Hano biragaragara ko koko isi itabona kumwe ibibazo.

Hari bamwe batumva ko hari abantu bafise ubuzima bwiza muri Algeria

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Hari bamwe batumva ko hari abantu bafise ubuzima bwiza muri Algeria

Ibi birerekanwa neza n'ingene ibinyamakuru bishikiriza amakuru y'intambara ibera muri Ukraine, umuntu agaca atahura igituma.

Hari ibintu vyinshi bitangaje vyagiye bishikirizwa n'ibinyamakuru bitari bike, vyinshi bifise ivyicaro mu bisagara bikuru bikuru vy'i Bulaya canke muri Amerika ya Ruguru. Nta wuzi ko vyava ku gwangara canke kubera amacakubiri y'urukoba.

Umunyamakuru umwe yaratangaye kubona ko impunzi ziva muri Ukraine ari "abantu bifise, abantu bafise ubuzima bwiza, eka bataboneka ko atari co kimwe n'impunzi nyazo ziriko zigerageza guhunga ziva mu burasirazuba bwo hagati canke muri Afrika y'Uburaruko".

Iki carantangaje - ibihugu bitunze cane nabayemwo vyose vyari ivyo mu karere k'uburasirazuba bwo hagati.

Ayandi majambo ateye impungenge ni ayacishijwe ku mboneshakure yo mu Bufaransa, aho incabwenge imwe yinamuye ivuga ko abanya Ukraine basa n'Abafaransa kubera "bagendesha amamodoka amwe na twebwe".

Ndavye irya n'ino muri Algeria, hamwe no mu bindi bice nagendeye mu karere, naciye nibaza nti: "None twebwe nti turi co kimwe n'abanya Ukraine?".

Uravye ivyandikwa ku mbuga ngurukanabumenyi, Ukraine na Algeria birafitaniye isano mu vyo ubutunzi n'abantu.

Ibi bihugu vyompi bifise abantu barenga gato imiriyoni 40; Ukraine iza ku mwanya wa 55 kw'isi mu bijanye n'ibicuruzwa vyinjira mu gihugu mu gihe Algria iri mu kibanza ca 58; Ukraine iza ku mwanya wa 22 mu bijanye n'inguvu za gisirikare mu gihe Algeria iza ku mwanya wa 31.

None ni gute umuntu yovuga ngo abanya Ukraine "barateye imbere" gusumba, canke ngo "bari hagati na hagati" gusumba Afrika y'Uburaruko?

Kubera iki hari abibaza ko ata munyafrika ashobora kugendesha imodoka nziza? Akarorero muri Algeria, imodoka tugendesha ni co kimwe n'izo mu Bufaransa.

Hanyuma kandi, ni kubera iki twese dutegekwa kugira aho duhagaze ku ntambara ya Ukraine ariko ntibabidutegeke ku ntambara zo muri Cameroun na Ethiopia?

Abantu ni abantu, kandi intambara ni intambara aho yobera hose, haba i Kyiv, Londres, Bogota canke i Buea.

Nimba kumbure hari icigwa twokura mu ndwi zibiri ziheze, kumbure ni uko twese hamwe twokwiga gusambura ibintu bituma abantu bamwe babonwa ko ari bo beza gusumba abandi.

Ni vyiza ko koko twese twongana.