Ukraine: Mbega OTAN/NATO ni iki, kubera iki Russia itayizeye?

Ahavuye isanamu, Getty Images
Ibihugu bihurikiye muri OTAN/NATO biriko biriga urugero bashobora gushikako mu gufasha Ukraine guhangana n'igitero kivugwa ko gishobora gukorwa n'Uburusiya.
Iri shirahamwe - rihurikiyemwo ibihugu nka Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Ubwongereza, Ubufaransa, n'Ubudagi - ririko rifasha Ukraine kwitegura gisirikare riyiha n'izindi mfashanyo.
None OTAN/NATO ni iki?
OTAN/NATO - bisigura ngo Organisation du Traité de l'Atlantique Nord/North Atlantic Treaty Organisation - ni ishirahamwe rya gisirikare ryo kwivunira umwansi hamwe, ryashinzwe mu 1949 n'ibihugu 12, harimwo Amerika, Canada, Ubwongereza n'Ubufaransa.
Ibihugu birihurikiyemwo vyiyemeza gutabarana mu gihe hoba igihugu na kimwe kiri muri iri shirahamwe coramuka gitewe.
Mu ntango, intumbero kwari uguhangana n'akaga k'ingendo y'Uburusiya yo kwiyagurira akarere ku mugabane wa Bulaya inyuma y'intambara ya kabiri y'isi yose.
Mu 1955 Reta Zunze Ubumwe z'aba Soviet, yari izwi nka URSS/USSR, nayo yaciye yihora mu gushinga ishirahamwe ryayo rya gisirikare ryari rihurikiyemwo ibihugu vya gikomunista vya Bulaya y'Ubuseruko, ishirahamwe ryari rizwi nk'Amasezerano ya Varsovie (Pacte de Varsovie/Warsaw Pact).
Ibihugu vyariteyeko igikumu rigitangura vyari URSS, Albanie, Pologne, Tchechoslovakie, Hongrie, Roumanie, n'icahoze ari République Démocratique Allemande.
Inyuma y'aho URSS isambukiye mu 1991, ibihugu bitari bike vyari bihurikiye muri aya Masezerano ya Varsovie vyaciye bihindukira vyinjira muri OTAN. Ubu, iri shirahamwe rihurikiyemwo ibihugu 30.
None ni ikibazo nyabaki kiri hagati y'Uburusiya na OTAN ku vyerekeye Ukraine?
Ukraine ni igihugu kiri mu vyahoze bigize Reta Zunze Ubumwe z'aba Soviet gihana imbibe n'Uburusiya hamwe n'Ishirahamwe ry'ibihugu vya Bulaya (UE/EU).
Nti kiri mw'ishirahamwe OTAN, ariko ni "incuti yaryo" - ibi bigasigura ko hari umwumvikano izi mpande zompi zagiriraniye ko iki gihugu gishobora kwemererwa kwinjira muri iri shirahamwe vryo kwivunira umwansi hamwe muri kzoza.
Uburusiya bushaka ko ibihugu vy'Uburengero bibwemerera ko ibi bitazokwigera biba.
Hagati aho, Amerika ntishaka kubuza Ukraine kwinjira muri OTAN, ikavuga ko nk'igihugu cigenga gifise uburenganzira bwo gufata ingingo gishatse co nyene ku bijanye n'umutekano waco.
Uwuserukira Ukraine mu Bwongereza, Vadym Prystaik, aherutse kuvuga ko Ukraine yari ifise ishaka ryo "kugenza buhoro" ku ntumbero yayo yo kwinjira muri iri shirahamwe rya gisirikare rihurikiyemwo ibihugu vyo mu burengero. Hagati aho, umuvugizi w'umukuru w'igihugu Volodymyr Zelensky yaramuvuguruje, mu kuvuga ko Ukraine vyanka bikunda itegerezwa kwinjira muri OTAN no mw'ishirahamwe UE/EU nk'uko biri mw'isbirizwashingiro.
Ukraine ifise abanyagihugu benshi bavuga ikirusiya kandi ifitaniye ubucuti bwa hafi n'Uburusiyamu vyo imico n'imigenzo. Mu migambi yayo, Kremlin (ibiro vy'umukuru w'igihugu w'Uburusiya) ibona Ukraine nk'agace k'Uburusiya kari inyuma.

Ni ikindi giki giteye ubwoba Uburusiya?
Perezida Vladimir Putin avuga ko ibihugu vy'Uburengero biriko vyiheka inyuma y'iri shirahamwe ryo kwivunira umwansi hamwe kugira ngo bikikuze Uburusiya, kandi agashaka ko OTAN ihagarika ibikorwa vya gisirikare mu buseruko bwa Bulaya.
Kuva kera yamwe avuga ko Amerika yarenze ku vyo yiyemeje mu 1990 ko OTAN itari kubandanya yiyagurira akarere amaja mu buseruko.
OTAN iriyamiriza ibivugwa n'Uburusiya, ikavuga ko ibihugu biri ku rushi birihurikiyemwo ari vyo bisangiye imbibe n'Uburusiya, kandi ko ari ishirahamwe ryo kwivuna gusa.
Abenshi babona ko irundarunda ry'ingabo z'Uburusiya ririko riraba ku rubibe buhana na Ukraine ari ukugerageza gutera igitsure ibihugu vy'Uburengero gufata nka nkama ivyo Ubursiya busaba.

Ni ibiki OTAN yakoze muri kahise ku Burusiya na Ukraine?
Igihe abanya Ukraine basenyura ubutegetsi bw'umukuru w'igihugu yari yegamiye ku Burusiya mu ntango za 2014, Uburusiya bwaciye bwigarurira akarere ka Crimea kari mu bumanuko bwa Ukraine. Bwaciye kandi bufata mu mugongo inyeshamba zikorana nabwo zigaruriye uturere tutari duto two mu buseruko bwa Ukraine.
OTAN ntiyagiye gutabara, ariko yaciye inyanyagiza ingabo mu bihugu bitari bike vy'ubuseruko bwa Bulaya ku ncuro ya mbere.

Ahavuye isanamu, Getty
Ifise ibirindiro bine vy'ingabo zababa ibatayo (bataillon) ziva mu bihugu bitandukanye muri Estonie/Estonia, Lettonie/Latvia, Lituanie/Lithuania na Pologne/Poland hamwe n'ingabo zitari nke muri Roumanie/Romania ziva mu bihugu bitandukanye.
OTAN kandi yaraguye poritike yayo yerekeye ibirere gushika mu bihugu bihurikiye ku nyanja ya Baltique (mer Baltique/Baltic Sea) bizwi nka Etats Baltes/Baltic states, hamwe no mu buseruko bwa Bulaya kugira ngo rishobore kurwanya indege iyo ari yo yose y'Uburusiya yohava ivogera imbibe z'ibihugu vyaryo.
Uburusiya buvuga ko bushaka ko izi ngabo zisubira inyuma.
OTAN yemereye iki Ukraine?
Perezida Joe Biden wa Amerika avuga ko Uburusiya "bushobora kubona ingaruka mbi zikomeye" mu gihe bworamuka buteye Ukraine kandi ariko ararungika izindi ngabo i Bulaya.
Amerika iriko irarungika izindi ngabo hafi 3000 muri Pologne na Roumanie kugira ngo zishigikire inzego zo kwivuna abansi z'ibihugu vyo mu buseruko bwa Bulaya. Yaramaze gutegura izindi ngabo 8500 azibwira ko zokwama zimeze magabo. Pentagon (ibiro vy'ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bwa amerika) ivuga ko izi ngabo zishobora kurungikwa gusa mu gihe OTAN yofata ingingo yo kwishura ivyo Uburusiya bworamuka bukoze.
Yongerako y'uko ata migambi ihari yo kurungika ingabo na zimwe muri Ukraine ari yonyene.

Ahavuye isanamu, Anadolu via Getty
Umushikiranganji w'imigenderaire w'Ubudagi Annalena Baerbock aragabisha ko mu gihe ibintu vyokwunyuka mu bijanye na gisirikare "vyogira ingaruka mbi cane ku butegetsi bw'Uburusiya - mu vyo ubutunzi, poritike n'imigambi".
Downing Street (ahari ibiro vy'umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza) ivuga ko Ubwongereza bwemera ko "ibihugu bifatanije nabwo bitegerezwa gutegura ingingo ruhasha harimwo ibihano Uburusiya butari bwigere bubona".
None OTAN yoba isenyera ku mugozi umwe ku vyerekeye Ukraine?
Perezida Biden avuga ko hari "umwumvikano wose" n'abategetsi ba Bulaya ku kibazo ca Ukraine, ariko ko hari ukutumvikana ku bijanye n'ico buri gihugu cemera gutanga.
Amerika ivuga ko yarungitse ibirwanisho bifise agaciro k'imiriyoni 200 z'amadorari harimwo za misire zo mu bwoko bwa Javelin zirasa vya bimodoka vy'intambara (missiles anti-chars) hamwe n'izindi zo mu bwoko bwa Stinger zikorora indege, kandi yaremereye ibindi bihugu vya OTAN guha Ukrane ibirwanisho vyakorewe muri Amerika.
Ubwongereza bwarahaye Ukraine misire 2000 zirasa vya bimodoka vyintambara (missiles anti-chars) kandi bwaranarungitse abahinga ba gisirikare kwigisha igisirikare ca Ukraine ingene bazikoresha.
Bufise kandi ingabo zirenga 1000 mu buseruko bwa Bulaya, muri Estonie na Pologne. Buriko kandi burarungika izindi 350 muri Pologne, kandi buriko busaba OTAN kwongereza ingabo zayo zishika 900 muri Estonie. Buriko kadi burihweza ingene bworungika indege z'intambara zindi mu bumanuko bwa Bulaya no kurungika amato y'intambara mu buseruko bw'inyanja ya Mediterrannee.
Bwarategetse kandi ingabo 1000 ko zokwama zimeze magabo kugira ngo zije gufasha mu gihe hogira ibibazo vy'ubutabazi vyokwaduka bitewe n'igitero cokorwa n'Uburusiya.
Umunyamabanga w'Ubwongereza ajejwe imigenderanire Liz Truss avuga ko "hari igihamana gito cane" co kurungika ingabo zoja kurwana muri Ukraine.
Ibihugu bimwe bimwe vya OTAN harimwo Danemark, Espagne, Ubufaransa n'Ubuholande, vyarungitse indege n'amato vy'intambara mu buseruko bwa Bulaya mu gikomeza inzego zo kwivuna abansi mu karere.
Abashikiranganji b'ibihugu vya OTAN bariko bariga ingene borungika izindi ngabo 4000 mu buseruko bwa Bulaya.
Ariko, Ubudagi bwaranse ibisabwa na Ukraine yabusaba ibirwanisho vyo kwivuna, kubera poritike yabwo yo kutarungika ibirwanisho vyica mu turere turangwamwo intambara. ahubwo, buzorungika imfashanyi mu vyo ubuvuzi hamwe n'inkofero (casques/helmets) 5000.
Perezida Macron w'Ubufaransa asaba ko hoba ibiganiro n'Uburusiya kugira ngo iki cuka kibi kirangire.












