Icuka kibi kuri Ukraine: US na Russia vyateranye amajambo muri UN

Ahavuye isanamu, Reuters
Habaye uguterana amajambo gukomeye hagati y'intumwa z'Uburusiya n'iza Amerika mu Nama nkuru ya ONU ijejwe umutekano, mu mubonano wari watumweko na Amerika, kugira ngo baganire kw'irungikwa ry'ingabo z'Uburusiya ku rubibe buhana na Ukraine.
Uwuserukira Amerika muri ONU, Linda Thomas-Greenfield, avuga ko irungikwa ry'izi ngabo ari co kibazo gikomeye gusumba ibindi vyose Ubulaya bumaze kugira mu myaka mirongo.
Mugenziwe w'Uburusiya yagirije Amerika guteza ubwoba hamwe no kwivanga mu bibazo vy'Uburusiya, ikintu avuga ko kidashobora kwihanganirwa.
Amerika n'Ubwongereza vyiyemeje gufatira Uburusiya ibindi bihano mu gihe bwotera Ukraine.
umushikiranganji w'Ubwongereza ajejwe imigenderanire, Liz Truss, avuga ko hariko harategurwa itegeko rishobora gufatira ibihano abantu batari bake n'amashirahamwe y'ubudandaji atari make afitaniye ubucuti na Kremlin (ibiro vy'umukuru w'igihugu c'Uburusiya).
Umutegetsi wa Amerika yavuze ko ibihano bitegurwa na Washington ku bantu bafitaniye ubucuti na Kremlin ari ivyo kubakura mu rwego mpuzamakungu rwo guhanahana amafaranga.
Uburusiya bwararungitse ingabo zababa 100.000, ibimodoka vy'intambara, ibirwanisho rutura na za misire hafi y'urubibe buhana na Ukraine.
Mu mubonano w'Inama nkuru ya ONU w'ejo ku wa mbere, uwuserukira Uburusiya Vasily Nebenzya yavuze ko ata cemezo na kimwe kihari cerekana ko Uburusiya buriko burategura igitero ca gisirikare kuri Ukraine, kandi ko iryo rungikwa ry'ingabo ritemejwe na ONU.
Avuga ko Uburusiya bwamye burungika ingabo ku butaka bwabwo kandi ko ivyo bitaraba Washington.
Uburusiya bwari bwagerageje kuburizamwo uwo mubonano w'iyi nama nkuru ya ONU ariko buratsindwa ku majwi 10 kuri abiri.
Nebenzya avuga ko ubutegetsi bwa Biden "bukokeza icuka kibi n'induru, kandi bugatuma ibintu vyunyuka".
Ati: "Si ukwivanga gusa mu bibazo vy'igihugu cacu, ahubwo ni ukugerageza kandi kuyovya amakungu ku kungene ibintu bimeze mu karere n'impamvu z'icuka kibi kw'isi muri kino gihe".
Umupfasoni Thomas-Greenfield avuga ko Amerika ibandanya yizeye ko hakiri inzira y'ibiganiro, ariko agabisha ko Amerika izofata ingingo ikenewe mu gihe Uburusiya bworamuka buteye Ukraine, ivyogira ingaruka "mbi cane".
Ati: "Iki nico gikorwa ca mbere kinini … co kwegeranya ingabo i Bulaya mu myaka mirongo".
"Kandi muri uno mwanya tuvugana, Uburusiya buriko burarungika izindi ngabo n'ibindi birwanisho".
Avuga ko Moscou itegura kwongereza ingabo zarungitswe mu gihugu kibanyi ca Biélorussie (Belarus) ihana urubibe na Ukraine mu buraruko, gushika ku 30.000.
Ku wa mbere, Amerika yategetse ko imiryango y'abakozi ba reta iva muri Biélorussie, ivuga ko "Uburusiya buriko buregeranya ingabo mu buryo budasanzwe kandi buteye amakenga". Ingingo nk'iyi yarafashwe mu kwezi guheze ku miryango y'abakozi ba reta bakorera mu biro vy'ubuserukizi bwa Amerika ku mugwa mukuru wa Ukraine, Kyiv.
Hagati aho, utwigoro tw'ibiganiro turabandanya, aho ejo ku wa mbere Perezida w'Uburusiya Vladimir Putin yavuganye na mugenziwe w'Ubufaransa, Emmanuel Macron, kuri telefone.
Amerika ivuga ko yaronse urwandiko ruyiha inyishu y'Uburusiya ku cipfuzo ca Amerika co gukuraho icuka kibi muri Ukraine.
Umuvugizi w'ubunyamabanga bwa Amerika bujejwe imigenderanire avuga ko "ataco vyomara" kuganira ku nyishu y'ikibazo ku mugaragaro. Uyu muvugizi yongerako y'uko Amerika ibandanya yiyemeje kugiriranira ibiganiro kandi ko izobandanya ivugana n'ibihugu vy'incuti, harimwo na Ukraine.

Ahavuye isanamu, EPA
Moscou ishaka ko ibihugu vy'Uburengero biyemerera ko Ukraine itazokwigera yinjira mw'ishirahamwe ryo kwivunira umwansi hamwe, OTAN/NATO - aho ibihugu bigize iri shirahamwe vyiyemeza gutabarana mu gihe hoba igitero - ariko Amerika ntiyerekwa iki cipfuzo.
Iri shirahamwe rihurikiyemwo ibihugu 30, ririmwo kandi Amerika n'Ubwongereza, hamwe kandi na Lituanie/Lithuania, Estonie/ Estonia, hamwe na Lettonie/Latvia - ibihugu biri mu bigize icahoze ari Ubumwe bw'aba Soviet bihana urubibe n'Uburusiya. Moscou ibona ko ingabo za OTAN mu buseruko bwa Bulaya ari akaga ku mutekano wayo.
Perezida Putin yamye avuga ko Amerika yarenze ku vyo yiyemeje mu 1990 vy'uko OTAN itari kwiyagurira akarere amaja mu buseruko, n'aho hari ukutabona kumwe ku vyo yiyemeje neza na neza.
Uburusiya bwarigaruriye akarere ka Crimée/Crimea kari mu bumanuko bwa Ukraine mu 2014. Bufashe kandi mu mugongo inyeshamba zigaruriye uturere tutari duto tw'intara ya Donbas iri mu buseruko, mu ntambara imaze guhitana abantu bababa 14.000 muri ako karere.










