Indyane za Ukraine: US igabisha ko Russia ishobora gutera umwanya uw'ari wo wose

Ahavuye isanamu, Reuters
Reta Zunze Ubumwe za Amerika zigabisha ko Uburusiya bwegeranije ingabo zikwiye ku buryo bushobora gutera Ukraine "umwanya uw'ari wo wose", maze zongera gutera akamo Abanyamerika bari muri Ukraine kuva mu gihugu mu masaha 48 gusa.
Ejo ku wa gatanu, Maison Blanche/White House (ibiro vy'umukuru w'igihugu wa Amerika) yavuze ko hashobora gutangura ibitero vy'indege ku buryo bishobora kugorana gukura abantu muri ico gihugu kandi n'abasivire bakahabonera ivyago.
Moscou/Moscow (umugwa mukuru w'Uburusiya) ibandanya ihakana ko ata mugambi ifise wo gutera Ukraine n'aho imaze kwegeraniriza ingabo zirenga 100.000 hafi y'urubibe rwa Ukraine.
Ibihugu bitari bike kandi vyasavye abanyagihugu bavyo kuva muri Ukraine.
Muri vyo harimwo Ubwongereza, Canada, Ubuholande, Lettonie/Latvia, Ubuyapani na Korea y'Epfo.
Umushikiranganji w'imigenderanire w'Uburusiya yagiriza ibihugu vyo mu Burengero gukwiragiza ibinyoma.
Umuhanuzi wa Amerika mu vyo umutekano, Jake Sullivan avuga ko ingabo z'Uburusiya "zitunganije neza ku buryo zishobora gukora igitero gikomeye cane", amajambo yeruye yo kugabisha abategetsi ba Amerika ko ibintu bigeze habi.
Ati: "Ibiri imbere ntidushobora kubimenya, ntituzi neza na neza ibigiye kuba, ariko gusa ibintu bimeze nabi cane kandi aho bigeze nta kindi gishoboka atari ukuva mu gihugu".
Sullivan avuga kandi ko ubutegetsi butazi neza nimba Perezida Vladimir Putin w'Uburusiya yaramaze gufata ingingo ya nyuma yo gutera, ariko akavuga ko Kremlin iriko irarondera inyendamuvano yotuma ikora igitero cotangurwa n'indege zotera ibibombe.
Amajambo yiwe ashikirijwe mu gihe abategetsi ba Amerika bagabisha ko Uburusiya bwarungitse izindi ngabo ku rubibe rwa Ukraine mu ndwi iheze kandi ko bwateguye imyimenyerezo ya gisirikare ku Kiyaga Cirabura (Mer Noire/Black Sea) mu misi iri imbere.
Perezida Joe Biden avuga ko ata ngabo azorungika zo gutabara abasivire bazoba bari mu kangaratete mu gihe Uburusiya bwotera.
Ejo ku wa gatanu, Perezida Biden yagiriraniye inama n'abandi bategetsi bo mu bihugu bisangiye ibahari Atlantic bifashishije uburyo bwa videwo, aho bumvikanye gufatira hamwe Uburusiya ibihano vy'ubutunzi bikomeye mu gihe bworamuka buteye Ukraine.
Amerika yavuze kandi ko igiye kurungika izindi ngabo 3000 muri Pologne ziri ku kirindiro ca Fort Bragg, muri Caroline du Nord, kandi ko zitezweyo mu ndwi iza. Izi ngabo ntizizoja kurwana muri Ukraine, ariko zizokora ibishoboka vyose mu gukingira incuti za Amerika.
Kuri uno musi wa gatandatu, vyitezwe ko Perezida Biden hamwe na Perezida Emmanuel Macron w'Ubufaransa, bompi bavugana na Perezida Putin.
Moscou yatanguye imyimenyerezo ya gisirikare na Biélorussie/Belarus, kandi Ukraine yagiriza Uburusiya ko bwayizibiriye umuhora uyishikana kw'ibahari.
Kremlin ivuga ko ishaka guca "umurongo utukura" kugira ngo ico gihugu kibanyi kiri mu vyari bigize Ubumwe bw'aba Soviet ntigihirahire ngo cinjire mw'ishirahamwe OTAN/NATO.
Umunyamabanga mukuru wa OTAN Jens Stoltenberg avuga ko iri shirahamwe ryo kwivunira umwansi hamwe "rishize hamwe kandi ryiteguriye ikintu ico ari co cose coshika".
John Herbst yahoze aserukira Amerika muri Ukraine hagati ya 2003 na 2006 avuga ko, n'aho Amerika ibandanya isohora amatangazo yo kugabisha, yemeza ko ata ntambara yeruye Uburusiya busa n'uburiko burategura kuri Ukraine.

Iki cuka kibi kije inyuma y'imyaka umunani Uburusiya bwigaruriye akarere ka Crimée/Crimea kegukira Ukraine, kakaba kari mu bumanuko bwayo. Kuva ico gihe, igisirikare ca Ukraine kiri mu ntambara y'urutavanako n'inyeshamba zishigikiwe n'Uburusiya mu turere two mu buseruko hafi y'urubibe ihana n'Uburusiya.
Ejo ku wa gatanu, igisirikare c'Uburusiya kirwanira mu mazi cakoze imyimenyerezo muri Crimée, inyuma y'imyimenyerezo ya gisirikare y'imisi cumi ibandanya muri Biélorussie, igihugu kiri mu buraruko bwa Ukraine.
Moscou ivuga ko idashobora na gato kwemera ko Ukraine - igihugu kiri mu bigize icahoze citwa Ubumwe bw'aba Soviet ikaba isangiye imico n'imigenzo n'Uburusiya - yinjira muri OTAN, kandi yarasavye ibihugu bigize iri shirahamwe guhagarika uwu mugambi.










