EU iragabisha Russia ku kintu ico ari co cose yokorera Ukraine

Abategetsi ba Bulaya biteze kugabisha Uburusiya ko ari nka hamwe hogira ikibi bukoreye Ukraine bashobora kubusubiriza mu ndumane n'inguvu nyinshi, ni mu gihe Uburusiya bwegeranirije ingabo zabwo ku rubibe buhana na Ukraine, ingendo iteye impungenge.
Ubu butumwa buriko burategurwa mu nama y'ishirahamwe rya Bulaya (EU/UE) i Bruxelles mu Bubirigi buzoba ari bwo bwa nyuma butanzwe n'ibihugu vyo mu Burengero mu kugabisha Uburusiya ku gasotoro kabwo.
Uburusiya bwobwo burahakana ko ata mugambi bufise bwo gutera Ukraine.
Hagati aho, Uburusiya bwamenyesheje ivyo busaba Reta Zunze Ubumwe za Amerika ku bijanye n'umutekano wabwo.
Inzego z'ibihugu vyo mu Burengero zijejwe igendereza zemeza ko ingabo zishika 100.000 z'Uburusiya zegeranirijwe hafi y'urubibe na Ukraine. Abategetsi ba Ukraine bavuga ko Moscou/Moscow ishobora kuba iriko irategura igitero mu kwa mbere, n'aho abategetsi ba Amerika bavuga ko bitaratomoreka neza nimba Perezida Vladimir Putin yaramaze gufata ingingo ntabanduka.
Ejo ku wa gatatu, umukuru w'Inama nkuru ya Bulaya, ari nayo biro nshingwabikorwa vy'Ishirahamwe ry'Ubumwe bwa Bulaya, yarasubiye gusaba Uburusiya gukora ico bushoboye cose kugira bukureho icuka kibi. Ursula von der Leyen arongoye iyo Nama avuga ko ibindi bihano vyiyongera ku bisanzwe bihari vyamaze gutegurwa, mu "bisata bindi vyose bitandukanye ushobora kwiyumvira".
Ati: "Ubutumwa buratomoye: ari nka hamwe hogira ibindi bikorwa bibi bukorera Ukraine, ico bwokorerwa ntibwocitura kandi vyobugirira ingaruka mbi zikomeye".
Ibihano bivugwa ntibiramenyekana neza. Bimwe muri vyo bishobora kuba bijanye na Nord Stream 2, umuringoti mushasha utwara gaze uyivana mu Burusiya uyitwara mu Budagi, ariko ukaba utaratangura gukora.
Amajambo yiwe aje inyuma y'aho Perezida Emmanuel Macron w'Ubufaransa n'umukuru wa reta y'Ubudagi Olaf Scholz bageragereje kunagura ibiganiro n'Uburusiya, mu nama bagiriraniye n'umukuru w'igihugu ca Ukraine, Volodymyr Zelensky, i Bruxelles.

Ahavuye isanamu, AFP
Perezida Zelensky avuga ko yipfuza y'uko Uburusiya bufatirwa ibihano vuba bwango imbere y'uko hagira ico bukoze, akongerako y'uko ingingo zofatwa ibintu vyamaze kuyangara "ataco zoba zikimaze".
Imbere y'aho,umukuru wa reta y'Ubudagi Scholz yavuze ko ibintu biri ku rubibe hagati y'Uburusiya na Ukraine "biteye impungenge nyinshi", kandi ko "ivogerwa iryo ari ryo ryose ry'ubutaka bwa Ukraine rizokwishurwa ku rugero rwo hejuru".
Ejo ku wa gatatu kandi, icegera c'umushikiranganji w'imigenderanire w'Uburusiya Sergei Ryabkov yarashikirije icegera c'umunyamabanga wa Amerika ajejwe imigenderanire Karen Donfried yari asanzwe ari i Moscou mu biganiro, urutonde rw'ivyokorwa ku bijanye n'umutekano wa Bulaya.
Uburusiya bushaka ko haba amategeko abuza ishirahamwe OTAN/NATO kwiyagurira akarere ritera rija mu buseruko hamwe no kurungika ibirwanisho hafi y'urubibe rwabwo. OTAN yoyo ivuga ko ivyo ikora ari ivyo kwivuna kandi ko ata gihugu na kimwe gishobora kubuza Ukraine kwinjira muri iri shirahamwe.
Ukraine ihana imbibe n'ishirahamwe ry'Ubumwe bwa Bulaya hamwe n'Uburusiya, ariko ikaba isangiye imico n'imigenzo bikomeye n'Uburusiya. Uburusiya ku ruhande rwabwo bwagiriza Ukraine ko ibusotora.











