Wagner: Ivyakozwe n'abacangero ba Russia muri Libya vyashizwe ahabona

- Umwanditsi, Na Ilya Barabanov & Nader Ibrahim
- Igikorwa, Abanyamakuru ba BBC mu kirusiya no mu carabu
Amatohoza mashasha ya BBC yashize ahabona urugero rw'ibikorwa vya gisirikare vyakozwe n'umurwi w'abacangero b'Abarusiya ukorera mu kinyegero mu ntambara yo muri Libya, bifitaniye isano n'ivyaha vyo mu ntambara n'igisirikare c'Uburusiya.
Terefone ngendanwa ya Samsung yatawe n'umurwanyi w'umurwi Wagner irerekana uruhara wagize - hamwe n'amazina yo kwiyoberanya abarwanyi bakoresha.
Hanyuma kandi BBC ifise "urutonde" rw'ibikoresho vya gisirikare bigezweho abahinga bavuga ko ahantu honyene vyashobora kuva ari mu gisirikare c'Uburusiya.
Uburusiya burahakana ko ataho buhuriye na Wagner.
Uwu murwi watanguye kumenyekana mu 2014 igihe wari ushigikiye uruhande rwagomba kwiyonkora, rwari rushigikiwe n'Uburusiya mu ntambara yo mu buseruko bwa Ukraine. Ico gihe, wagiye wibonekeza mu bice bitandukanye vy'isi harimwo Syria, Mozambique, Sudan, no muri Centrafrique.
Abarwanyi ba Wagner bagiye kuboneka muri Libya mu kwa kane mu 2019 igihe bahambije ingabo z'umu mujenerali yarwanya ubutegetsi, Khalifa Haftar, igihe agabiye igitero kuri reta y'ico gihugu yari ishigikiwe na ONU ku mugwa mukuru, Tripoli. Iyi ntambara yagiye kurangira habaye amasezerano yo kuyihagarika mu kw'icumi mu 2020.
Uwu murwi ukorera mw'ibanga rikomeye, ariko BBC yashoboye kuvugana mu buryo budasanzwe na babiri mu bahoze ari abarwanyi bawo. Barahishuye ibirabwa ko muntu ashobora kwinjira muri Wagner - n'ingene ari umurwi utagira amategeko ngenderwako.
Nta gukekeranya ko bica impfungwa - ikintu umwe mu bahoze ari abarwanyi bawo yemeza atarya umunwa. "Nta n'umwe akeneye kugaburira uwundi munwa".
Iki kiza gishigikira ibiri mw'ireresi (documentaire) yiswe Haftar's Russian Mercenaries: Inside the Wagner Group - yateguwe n'ibisata vya BBC bitangaza amakuru mu carabu no mu kirusiya.
Mu bindi vyerekanwa muri yo harimwo ibivugwa ko ari ivyaha vyo mu ntambara, harimwo n'ubwicanyi bwakorewe abasivire n'ibigirankana.
Umunyagihugu wo mu kigwati kimwe avuga ko yigize uwapfuye igihe abo mu muryango wiwe bariko baragandagurwa. Ivyo yavuze vyarafashije BBC kumenya uwikekwa ko ari we yabishe.
Asigura ikindi cerekana ivyaha vyo mu ntambara, umusirikare wa reta ya Libya aribuka ingene umugenzi bakorana yishikanye ku barwanyi ba Wagner ariko akaba yaciye araswa amasasu abiri mu nda. Kuva ico gihe ntiyigeze asubira kumubona, co kimwe n'abandi bagenzi batatu bafashwe ico gihe nyene.

Iyo terefone ya Samsung irerekana kandi uruhara rw'abo bacangero mu gucukura ubutare no mu gutega imitego mu turere tubamwo abasivire.
Gutega ama mines udashizeho ikimenyetso ni icaha co mu ntambara.
Ibiri muri iyo terefone ya Samsung
Iyi terefone ngendanwa yatawe n'umurwanyi wa Wagner atazwi igihe abarwanyi w'uwu murwi basubira inyuma bavuye mu turere two mu bumanuko bwa Tripoli ku mpeshi yo mu 2020.
Muri yo harimwo amakarata yanditse mu kirusiya aberekana bari ku rugamba, ivyerekana uruhara rudasanzwe rw'uwu murwi Wagner n'ibikorwa vyawo vya gisirikare.
Harimwo amashusho ya drone hamwe n'amazina abarwanyi ba Wagner bakoresha, harimwo n'uwo BBC ivuga ko yamenyemwo. Iyi terefone ngendanwa ibitswe ahadata.

"Urutonde rw'ikimazi"
Urutonde rw'ibirwanisho n'ibindi bikoresho vya gisirikare ruri ku mpapuro 10 ziri mu rwandiko rwo ku wa 19 z'ukwa mbere 2020, rukaba rwahawe BBC n'umukozi wo mw'igendereza rya Libya, rushobora kuba rwatowe ahahoze hari abarwanyi ba Wagner.
Uru rwandiko rwerekana abashobora kuba ari bo batanga uburyo bw'amafaranga mu gushigikira urugamba. Rwerekana ibikoresho bikenewe kugira ngo bashike ku "ntumbero ya gisirikare" - harimwo vya bimodoka vya burende (blinde) bine, inkoho za kalashnikov ziharurwa mu majana hamwe n'ivyuma vya radar bigezweho.
Umuhinga mu vya gisirikare yabwiye BBC ko ubuhinga bumwe bumwe bwo guhingura ivyo birwanisho bushobora kuba burangwa mu gisirikare c'Uburusiya honyene.
Uwundi muhinga, uyu akaba ari umuhinga mu bijanye n'umurwi wa Wagner, avuga ko uru rutonde rushobora kuba rwerekana uruhara rwa Dmitry Utkin.
Uyu yahoze akora mu gisata c'igendereza ry'igisirikare c'Uburusiya avugwa ko ari we yashinze uwu murwi Wagner ari na we yawuhaye iryo zina (izina ryahoze ari iritazirano ryiwe). BBC yaragerageje kurondera Dmitry Utkin ariko vyaranse.
Hanyuma mu mwihwezo wakozwe kuri uru rutonde hamwe no mu rundi rwandiko, uyu muhinga avuga ko amajambo Evro Polis na General Director yerekana uruhara rwa Yevgeny Prigozhin, umurwizatunga afitaniye ubugenzi bwa hafi cane na Perezida Vladimir Putin.
Igisata kijejwe ikigega ca Amerika (US Treasury) carafatiye ibihano Evro Polis mu 2018, kivuga ko ari ikompanyi y'Uburusiya yakodeshejwe kugira ngo "ikingire" ibibanza vyo muri Syria bicukurwamwo igitoro "bigenzurwa canke vyegukira" Prigozhin.
Amatohoza yakozwe n'abanyamakuru bo mu burengero bw'isi yerekana ko hari isano hagati ya Prigozhin na Wagner. Abandanya ahakana ko ata sano na rimwe afitaniye na Evro Polis canke Wagner.
Umuvugizi yabwiye BBC ko Yevgeny Prigozhin ata migenderanire n'imwe afitaniye na Evro Polis canke Wagner. Prigozhin avuga ko ata kintu na kimwe arigera yumva ku vyerekeye ihonyangwa ry'agateka ka zina muntu muri Libya ryakozwe n'Abarusiya: "Ndazi neza ko iki ari ikinyoma ceruye".
Ubushikiranganji bw'Uburusiya bujejwe imigenderanire bwabwiye BBC ko buriko burakora "ibishoboka vyose kugira ngo bushigikire agahengwe n'utwigoro two gutorera umuti ikibazo ca Libya biciye mu nzira ya poritike".
Ubu bushikiranganji bwongerako y'uko ibivugwa kuri Wagner muri Libya bishingiye "ku makuru y'ibinyoma" kandi ko bifise intumbero yo "gucafuza poritike y'Uburusiya" muri Libya.
Wagner ni iki? Abahoze ari abarwanyi bayo nibo bavuga
Uwu murwi ntubaho ku mugaragaro, ariko abantu bagera ku 10,000 bemeza ko bagiranye amasezerano n'imiburiburi incuro imwe na Wagner kuva itangura kurwana n'abatavuga rumwe n'ubutegetsi bw'Uburusiya mu buseruko bwa Ukraine mu 2014.
Abarwanyi b'aba Wagner bababa 1000 nibo bavugwa ko barwanye ku ruhande rwa Jenerali Khalifa Haftar muri Libya kuva 2019 gushika 2020.
BBC mu Burusiya yarasavye umwe mu bahoze ari abarwanyi gusigura ico ari co Wagner. Yishuye ati: "Ni umurwi ufise intumbero yo gutsimbataza no gushigikira inyungu za reta hanze y'imbibe z'igihugu cacu".
Nayo ku bijanye n'abarwanyi bayo, avuga ko hamwe usanga ari "abantu bamenyereye ivyo kurwana", abantu barondera akazi canke abakunda igihugu bashaka kugikorera.
Uwundi yahoze ari umurwanyi yabwiye BBC ko ata mategeko ngenderwako atomoye uwu murwi ufise. Iyo uwufashwe ata makuru afise atanga, canke adashoboye gukora nk'"umucakara", aha rero "igikurikira kirazwi".
Andrey Chuprygin, umuhinga akorana n'inama mpuzamakungu mpanuzwajambo y'Uburusiya (Conseil international de Russie/Russia International Council), avuga ko Uburusiya bwavuga buti: "Reka binjire muri iki kintu, hanyuma turabe ingene bigenda. Tubonye harimwo akarusho, turashobora kugikoresha ku nyungu zacu. Tubonye ivyaco bibaye nabi, twebwe ntaco tuzokibazwako".
Libya - imyaka cumi y'akajagari
Itembagazwa rya Gaddafi mu 2011: Ubutegetsi bwa Col Muammar Gaddafi bwari bumaze imyaka irenga mirongo ine bwagiye kurangira muri ca gihuhusi c'imigumuko y'abarabu. Yaragerageje guhunga ariko yarafashwe aricwa.
Igihugu carasambutse: inyuma ya 2014, hadutse imirwi yari ihanganye mu buseruko no mu burengero
Intambara zashitse i Tripoli mu kwa kane mu 2019: Jenerali Haftar arongoye ingabo zarwanira mu buseruko, yarateye umugwa mukuru Tripoli na reta yari ishigikiwe na ONU. Impande zompi zari zifise ibihugu vy'akarere bizishigikiye mu vya gisirikare n'imigenderanire, n'aho igihugu cari mu bihano cafatiwe na ONU
Agahengwe mu kw'icumi mu 2020: Hanyuma mu ntango za 2021 hashinzwe reta y'ubumwe kugira ngo itegure amatora mu kw'icumi na kabiri. Abarwanyi mvakamkungu n'abacangero bategerezwa kuba bagiye, ariko hari ibihumbi n'ibihumbi bakiri mu gihugu.











