Intambara ya Libya: kubera iki igeze aho igeze?

Libya irangwamwo intambara kuva ubutegetsi bwa Muammar Gaddafi butembagajwe

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Libya irangwamwo intambara kuva ubutegetsi bwa Muammar Gaddafi butembagajwe

Intambara ya Libya yongeye kuvugwa cane, aho amakungu ari mu twigoro two kurondera ingene impande zishamiranye zoshika ku masezerano y'amahoro.

Gushika ubu, Libya itwarwa n'impande zibiri zidacana uwaka: leta yemewe n'ishirahamwe ONU irongowe n'umushikiranganji wa mbere Fayez al-Serraj, hamwe n'ubutegetsi burongowe n'uwurwanya leta ariwe Jenerali Khalifa Haftar.

Muri iyi ndwi nyene, niho izo mpande zibiri zemeye guhagarika intambara vy'agateganyo ku gitsure zatewe n'Uburusiya na Turkiya.

Ariko nk'uko abenshi bari bavyiteze, ako gahengwe kagiye kumara umwanya urume rumara kuko Jen. Haftar yanse gushira mu ngiro ayo masezerano, ivyatumye igihugu kiguma mu ruhagarara.

None ibintu vyagenze gute gushika aho Libya iba uko imeze ubu?

Kurenga ku masezerano

Libya irangwamwo intambara kuva ubutegetsi bwa Muammar Gaddafi butembagajwe

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Libya irangwamwo intambara kuva ubutegetsi bwa Muammar Gaddafi butembagajwe

Ako gahengwe kari gutuma intambara z'urutavanako zari zimaze amezi icenda zatanguye igihe ingabo za Jen. Haftar zugurura umucanwa zihagarara.

Mu mezi atandatu gusa aheze, abashika 2000 barishwe, abandi 146.000 nabo barata izabo.

Ubudagi bwateguye inama yerekeye Libya ejo ku wa 19 z'uku kwezi.

Ariko kugira ngo dutahure igituma bigoye gushika ku gahengwe nyezina, hinge tuje ku muzi w'izi ndyane.

Igihugu cinjira mu kajagari

Nk'uko vyagenze kuri Syria, vyose vyatanguye mu gihe c'imigumuko yo mu bihugu vy'Abaranu mu 2011.

Ingabo zari zishigikiwe na OTAN zatembagaje ubutegetsi bwa Muammar Gaddafi.

Libya irangwamwo intambara kuva ubutegetsi bwa Muammar Gaddafi butembagajwe mu 2011

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Libya irangwamwo intambara kuva ubutegetsi bwa Muammar Gaddafi butembagajwe mu 2011

Kuva ico gihe, igihugu kirangwamwo intambara.

Inyuma y'intambara yamaze imyaka itari mike, ishirahamwe ONU ryarafashije kugira ngo hashingwe leta irongowe n'umushikiranganji wa mbere Serraj.

Leta yiwe yiswe iy'Ubumwe (GNA) ifise icicaro ku mugwa mukuru Tripoli yari yitezwe ko izonywanisha igihugu.

Hagati aho, si bose bashigikiye utwo twigoro mu gihe Jen. Haftar nawe yashaka ubutegetsi.

Yaciye ashinga ico yise Ingabo z'igihugu (Armée Nationale Libyenne), LNA, zikorera mu buseruko bw'igihugu, zikaba zifise ivyicaro mu bisagara vya Tobruk na Benghazi.

Yavuga ko ari we wenyene ashoboye kugarukana amahoro akarwanya ico yise "iterabwoba rishingiye kw'idini rya Isilamu".

Ingabo za Jen. Haftar zatanguje ibitero vyo kwigarurira umugwa mukuru Tripoli mu kwa kane umwaka uheze wa 2019.

Muri uku kwezi zarashoboye gufata igisagara gikomeye ca Sirte.

Ariko igiteye ubwoba gusumba, ni uko hari imirwi y'intagondwa irwanira mu bisagara bitandukanye, mbere mu gihe igihugu kirangwamwo akajagari, umurwi Etat Islamique nawo uti twatanzwe.

Intambara irimwo abanyamahanga

Hariho ikindi gisa n'ibibera muri Syria: Abarwana muri Libya ntibagizwe gusa n'abava muri ico gihugu.

Izo mpande zompi muri iyo ntambara ya Libya zatumye ibihugu vyo mu karere n'ahandi kw'isi bimera magabo mu gushigikira uruhande uru canke urundi.

Jen. Haftar

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Jen. Haftar yashoboye kwiyegereza ibihugu bikomeye vyo mu karere

Leta Zunze Ubumwe z'Abarabu hamwe na Arabia Saoudite, bivuga ko bishaka kurwanya intagondwa za ki isilamu mu karere. Mu kwiyerekana ko arwanya bikomeye iterabwoba rishingiye kw'idini rya Isilamu, Jen. Haftar yarashoboye kwiyegereza ivyo bihugu.

Hampande ya Yorodaniya, Leta Zunze Ubumwe z'Abarabu zirafasha ingabo za LNA mu kuwuha ibirwanisho n'indege.

Eka n'icegeranyo cishirahamwe ONU kikaba cerekanye ko ibirwanisho vyatanzwe na Leta Zunze Ubumwe z'Abarabu vyagize uruhara mw'igandangurwa ry'abasivire mu bitero vyakozwe na Jen. Haftar.

Misiri, igihugu kibanyi na Libya kiri mu buseruko, gishigikiye Jen. Haftar mbere kikanamufasha mu kumuronsa uburyo.

Igihugu c'Uburusiya naco kiti natanzwe, mu mugambi waco wo kurondera gushinga imizi muri ako karere. Hari abavugwa ko ari abacangero b'Uburusiya barwana ku ruhande rw'ingabo za Jen. Haftar, n'aho Moscou ibihakana.

Kurondera amatungo

Inama nshingamateka ya Turkiya yaremeje ko ico gihugu corungika ingabo muri Libya

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Inama nshingamateka ya Turkiya yaremeje ko ico gihugu corungika ingabo muri Libya

Ku rundi ruhande, hariho igihugu ca Turkiya naco carungitse ingabo gufasha leta ya Bwana Serraj.

Nk'uko Uburusiya bubishaka, Turkiya nayo irakeneye kugira ijunja muri ako karere. Leta ya Turkiya ivuga ko ingabo zayo zarungitswe i Tripoli gufasha mu myimenyerezo ya gisirikare.

Ariko umwe mu begereye ubutegetsi yabwiye BBC ko ingabo za Turkiya zarungitswe muri Libya harimwo abarwanyi ba Syria bashigikiwe na Turkiya.

Nk'uko bivugwa n'umunyamakuru wa BBC mu vyo kwivuna abansi, Jonathan Marcus, Turkiya yoba irajwe ishinga n'ubutunzi buri mu mazi yegukira Libya.

Inyungu z'akarere

Igihugu ca Qatar nticumvikana na Leta Zunze Ubumwe z'Abarabu hamwe n'ibindi bihugu vyo mu kigobe c'Abarabu ku ntambara hafi iyo ari yo yose mu karere, arico gituma yashize inguvu zaco zose gushigikira leta ishigikiwe na ONU, kumwe n'igihugu ca Turkiya.

Hariho kandi Ubufaransa, bwagize uruhara rukomeye muri iyo ntambara cane cane kuva mu 2015, ku nyungu z'ubutunzi n'umutekano.

Bizwi ko Ubufaransa bushigikiye leta ya Tripoli, ariko kandi bukaba buzwi ko bushigikiye Jenerali Haftar, haba muvyo imigenderanire canke no mu vya gisirikare.

Hagati aho, abategetsi b'Ubufaransa ntibigeze bemera ko hari ibirwanisho canke ingabo bahaye Jen. Haftar.

Ubutaliyano bwahoze butwara gikoloni igihugu ca Libya, buranegura imigenderanire Ubufaransa bufitaniye n'ubutegetsi bwa Haftar. Roma irashigikiye cane leta irongowe n'umushikiranganji wa mbere Serraj.

Ubutegetsi bw'Ubutaliyano buripfuza ko Libya itekana, na rirya arico gihugu gishikiramwo impunzi zinjira ziciye mu kiyaga Méditerranée kuva mu 2011.

Eka na Leta Zunze Ubumwe za Am,erika nazo nyene zifise uruhara rukomeye mu bibera muri Libya, aho ihigana n'umurwi Etat Islamique mu bumanuko bushira uburengero bw'ico gihugu.

Map of Libya

None ni ukubera iki ikibazo ca Libya gikomeye?

Biraboneka ko ibibera mu gihugu ca Libya hari ibihugu vyinshi bibifisemwo uruhara, ibituma rero bikaba ari ibi.

Ico gihugu co mu buraruko bwa Afrika, nico gihugu kirangwamwo igitoro cinshi ku mugabane wa Afrika, kandi mbere kikaba igifse ikibanza gikomeye mw'isoko rya "gas naturel".

Libya kandi niyo nzira y'abanya Afrika barondera kwinjira ku mugabane w'u Bulayi, bajabukiye ku nkengera z'ikiyaga Méditarranée zipima uburebure bwa kilometero 2000.

Hanyuma kandi n'ivyuka rya Etat Islamique rikaba ryaje gusongera isibe, haba mu bihugu bibanyi vya Libya.

Rero biboneka ko mu gihe intambara muri Libya zobandanya, hari ubwoba ko zishobora gutandukira n'ibindi bihugu vyo mu karere.