Impande zirwana muri Libya zagirizanya guhonyanga amasezerano y'agahengwe

Ahavuye isanamu, Reuters
Impande zibiri zihanganye muri Libya ziragirizanya kurenga ku masezerano y'agahengwe inyuma y'amasaha makeya gusa biyemeje guhagarika intambara babifashijwemwo n'amakungu.
Ako gahengwe kari katanguye uno munsi ku wa Mungu inyuma y'igitsure c'ibihugu bifashe mu mugongo izo mpande zompi, ari vyo Uburusiya na Turkiya.
Impande zompi, ni ukuvuga leta ishigikiwe n'ishirahamwe ONU, hamwe na Jenerali Khalifar Haftar ashigikiwe n'Uburusiya, ziremeza ko habaye ugutana mu mitwe hafi y'umugwa mukuru Tripoli.
Mu ndwi iheze, Turkiya yararungitse ingabo kuja gufasha ingabo za leta y'ubumwe ya Libya.
Hampande y'Uburusiya, Jen. Haftar ashigikiwe kandi n'ibihugu vya Misri, Arabia Saoudite, Leta Zunze Ubumwe z'Abarabu hamwe na Yorodania, ivyo bigatera amakenga ko Libya ishobora kuba urubuga rw'intambara y'akarere, canke ikaba "Syria ya kabiri".
Mu gihe ico gihugu kirangwamwo umutekano muke, imirwi y'intagondwa igendera ku vyiyumviro vy'idini rya Isilamu, hamwe nabimukira badaciye mu mategeko bakora za magendo, barashinze ruraguma, ibitera impungenge ibihugu vya Bulaya, hakurya y'ikiyaga Méditerranée.
Libya iri mu ntamabara kuva mu 2011 aho uwahoze ari umukuru w'ico gihugu Muammar Gaddafi akuriwe ku butegetsi akanagandagurwa n'abarwanyi bari bashigikiwe n'ingabo z'umuryango wa Bulaya, OTAN.
Ingabo z'umuhari Libyan National Army (LNA) zirongowe na Jenerali Haftar zarigaruriye hafi igice cose c'ubuseruko bw'ico gihugu.
Kuva mu kwa kane umwaka uheze zatanguye urugamba rwo gufata umugwa mukuru Tripoli ariko gushika ubu ntizirawufata. Hagati aho, mu ndwi irangiye, barafashe igisagara ca Sirte kigira gatatu muri ico gihugu.

Ahavuye isanamu, EPA
Umukuru w'igihugu ca Turkiya, Recep Tayyip Erdogan, hamwe n'uwo Uburusiya, Vladimir Putin, basavye ko hoba agahengwe igihe bahurira ku mugwa mukuru wa Turkiya, Istanbul.
Umukuru w'abarwanyi ba LNA, al-Mabrouk al-Gazawi , avuga ko "abarwanyi bashigikiye leta bahonyanze ayo masezerano y'agahengwe mu burere butandukanye bakoresheje ibirwanisho bitandukanye".
Ku ruhande rwayo, leta ivuga ko "ingabo za Haftar zahonyanze ayo masezerano mu burere bwa Salah al-Din na Wadi al-Rabie" hafi ya Tripoli.
Itororokanirizo ry'amakuru Reuters rivuga ko kuva mu gaturuturu ko kuri uno munsi wa Mungu amasasu yumvikana.
Umuhari LNA wa Jenerali Haftar wari wabanje kwanka umugambi w'agahengwe ukaba wagiye kuwemera ku mugoproba w'ejo ku wa gatandatu, "mu gihe uruhande rwa leta narwo rwokwemera gushira ibirwanisho hasi".

Itangazo rya leta irongowe na Fayez al-Sarraj, ryahavuye rimenyesha ko ryari guhagarika intambara kuva isaha zitandatu z'ijoro mw'ijoro ryakeye.
Leta ivuga ko izokwubahiriza ako gahengwe igasaba "abafashije kugira ngo kaboneke hamwe n'ishirahamwe ONU muri Libya guhagararira ayo masezerano kandi bagafata nka nkama ibikorwa vyose vyoyahonyanga".










