Intambara ya Libya: abahanganye batanze agahengwe mu guhimbaza Eid al-Adha

Ku wa Mungu ma gatondo, aba isilamu bahuriye mu kibanza citiriwe abamaratiri i Tripoli mu guhimbaza Eid Al-Adha prayers

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Ku wa Mungu ma gatondo, aba isilamu bahuriye mu kibanza citiriwe abamaratiri i Tripoli mu guhimbaza Eid Al-Adha prayers

Ishirahamwe ONU rirashima ko abariko batana mu mitwe mu ntambara ya Libya batanze agahengwe k'iminsi itatu mu ntumbero y'uguhimbaza umunsi mukuru wa Eid al-Adha.

Ni inyuma y'igitero c'ikibombe catezwe ku modoka cabereye mu gisagara ca Benghazi ku munsi wa gatandatu kigahitana abakozi ba ONU batatu.

Ako gahengwe ni hagati ya leta y'ubumwe isanzwe ishigikiwe na ONU hamwe n'abarwanyi ba Jenerali Khalifa Haftar asanzwe ayirwanya.

Ingabo ziwe zimaze iminsi zitera umugwa mukuru Tripoli kuva mu kwa kane kw'uno mwaka. Abantu barenga 1000 baramaze kuhasiga ubuzima nk'uko bivugwa n'ishami ry'ishirahamwe ONU rijejwe amagara y'abantu, OMS.

Jenerali Haftar yemeye ako gahengwe "kugira ngo abanyagihugu ba Libya bashobore guhimbaza Eid mu mahoro", nk'uko bisigurwa n'umuvugizi wiwe Ahmad al-Mesmari.

Jenerali Khalifa Haftar asanzwe ahanganye n'ingabo z'igihugu kuva mu kwezi kwa kane uno mwaka
Insiguro y'isanamu, Jenerali Khalifa Haftar asanzwe ahanganye n'ingabo z'igihugu kuva mu kwezi kwa kane uno mwaka

Avuga kandi ko ako gahengwe katanguye ejo haheze ku wa gatandatu isaha icenda z'umuhingamo kakazobandanya gushika izo saha nyene ejo ku munsi wa mbere.

Eid al-Adha ni umunsi mukuru w'aba isilamu usanzwe uzwi nk'umunsi mukuru w'intama.