Agahengwe muri Libya: Impande zarwana zahagaritse intambara

Ahavuye isanamu, Reuters
Impande zihanganye mu ntambara ya Libya zatangaje ihagarikwa ry'intambara kandi ko iyi ngingo ija mu ngiro ubwo nyene.
Leta y'ubumwe ya Libya ifise icicaro ku mugwa mukuru Tripoli kandi yemewe n'amakungu yasohoye itangazo risaba kandi amatora mu kwa gatatu kw'umwaka uza.
Imaze igihe itana mu mitwe n'ingabo za Jenerali Khalifa Haftar,zisanzwe zarigaruriye ibice binini vy'ubuseruko n'ubumanuko bwa Libya.
Kuva Muammar Gaddafi agandaguwe mu 2011 n'ingabo zari zifashwe mu mugongo n'ishirahamwe OTAN, Libya ntiyigeze ironka amahoro.
Iki gihugu gisanzwe gitunze cane igitoro ni inzira y'abimukira b'Abanyafrika barondera kuja i Bulaya.
Iyi ntambara yaratumye ibihugu bihurikiye mw'ishirahamwe ryo kwivunira umwansi hamwe OTAN, rihuza ibihugu vyo mu burengero, vyigaburamwo kubiri.
Mu kwezi guheze, Ubufaransa bwarikuye mu citwa Operation Sea Guardian, igikorwa ca OTAN co gucungerera hamwe umutekano kibera mu kiyaga Mediterranée, bukagiriza Turkiya ko ihonyanga ibihano vya gisirikare vyafatiwe Libya.
Ibi bibaye haciye indwi nkeya amato y'intambara ya Turkiya yagirijwe ko yateye ubwato bw'Ubufaransa mu kiyaga Mediterranée - ibihakanwa cane na Turkiya.
Impande zompi mu ntambara yo muri Libya zifashwa n'amahanga.
Turkiya, Ubutaliyano na Qatar biri mu bifasha Leta y'ubumwe ya Libya iri i Tripoli, mu gihe Uburusiya, Misiri na Emira Zunze Ubumwe z'Abarabu zishigikiye Jen. Haftar.
Ubufaransa nabwo nyene buravugwa ko bufasha Jen. Haftar, n'aho abategetsi b'iki gihugu bamye babihakana.
Igihugu ca Libya carafatiwe ibihano vy'ibirwanisho, aho kizira kwinjiza abantu n'ibirwanisho mu gihugu, ariko ibi bikaba ataco vyahinduye.
Turkiya yaragiriraniye amasezerano ya gisirikare na leta ya Libya mu 2019, ica irarungika ingabo muri iki gihugu mu kwa mbere kw'uno mwaka.
Mu kwa gatandatu, ingabo za leta zahavuye zigarurira umugwa mukuru wose Tripoli zifashwe mu mugongo na Turkiya. Bivugwa ko Jen. Haftar yakuye ingabo ziwe mu micungararo y'ico gisagara.
Hari icegeranyo c'ishirahamwe ONU cagiye ahabona mu kwagatanu kivuga ko abacangero b'abarusiya baharurwa mu majana bamuka mu murwi Wagner, umurwi urongowe na Yevgeny Prigozhin, umugenzi pfa mpfe wa Perezida Vladimir Putin, bariko bararwanira muri Libya bafasha Jen. Haftar.
Hari amakuru avuga ko aba barwanyi b'umurwi Wagner boba bariko barava mu gihugu, amakuru ataremezwa.










