Russia iriko yegeranya ingabo hafi ya Ukraine, OTAN/NATO ifise amakenga

Ingabo z'Uburusiya zibandanya zikora imyimenyerezo ya gisirikare muri Crimea

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Ingabo z'Uburusiya zibandanya zikora imyimenyerezo ya gisirikare muri Crimea

Uburusiya buragabisha ishirahamwe ryo kwivunira umwansi hamwe OTAN/NATO rihurikiyemwo ibihugu vyo mu burengero ko ritohirahira ngo rirungike ingabo gufasha Ukraine, ni mu gihe hari amakuru avuga ko abasirikare benshi b'Uburusiya bariko biyegeraniriza ku rubibe buhana na Ukraine.

Umuvugizi wa Kremlin (ibiro vy'umukuru w'igihugu c'Uburusiya), Dmitry Peskov, avuga ko Uburusiya bushobora gufata "izindi ngingo" mu gihe OTAN yofata iyo ngingo.

Hari ukurasana kubandanya ku rugero rwo hasi mu buseruko bwa ukraine hagati y'ingabo zayo n'inyeshamba zishaka kwiyonkora zishigikiwe n'Uburusiya.

Ingabo za Amerika ku mugabane wa Bulaya zameze magabo cane, zivuga ko "ibitero vy'Uburusiya biriko birarenga inkombe" muri ako karere.

Umutegetsi wa OTAN yabwiye itororokanirizo ry'amakuru Reuters ko Uburusiya buriko burahonyanga utwigoro two kugabanya imishamirano mu buseruko bwa Ukraine, kandi ko abaserukira ibihugu vyabo muri iri shirahamwe bakoranye ku wa kane kugira ngo bihweze ingene ibintu bimeze.

Ati: "Ibihugu vyose bifise impungenge ku bikorwa vya gisirikare vy'Uburusiya biherutse kuba muri Ukraine no mu micungararo yaho".

Umukuru w'igihugu ca Ukraine Volodymyr Zelensky nawe yaneguye iyo ngendo y'Uburusiya, akavuga ko "Uburusiya bwamye bufise ingeso yo gukorera imyimenyerezo ya gisirikare ku mbibe no gusotorana".

Mu kiyago yaraye agiranye na Perezida Zelensky ejo ku wa gatanu, Perezida Joe Biden "yashimangiye ko Reta Zunze Ubumwe za Amerika zishigikiye cane ubwigenge n'ubusugire bwa Ukraine mu gihe Uburusiya bubandanya ibikorwa vyabwo vy'ubusotoranyi mu turere twa Donbas na Crimea", nk'uko biri mw'itangazo ry'ibiro vy'umukuru w'igihugu Maison Blanche/White House.

Hagati aho, Peskov yagiriza ingabo za Ukraine ziri ku rubuga rw'intambara mu buseruko "ibikorwa vy'agasotoro", aho amasezerano y'uguhagarika intambara yama ariko arahonyangwa uko bukeye uko bwije.

Umushikiranganji wa Ukraine ajejwe imigenderanire Dmytro Kuleba yabwiye BBC ko igisirikare c'Uburusiya carungitse ingabo ku rubibe ibi bihugu bisangiye mu buraruko bwa ukraine, co kimwe no mu buseruko, "hamwe kandi no mu karere ka Crimea kigaruriwe bidaciye mu mategeko".

Ati: "Twabonye ingabo z'Uburusiya ziriko ziriyubaka mu mpande zitatu. Ukraine ntishaka ko ibintu biyangara, ntabwo dukeneye intambara".

Mu gihe amazi yarenga inkombe mu mezi aheze, abasirikare bane ba Ukraine barapfiriye mu gitero cakozwe n'inyeshamba ziharanira ukwiyonkora ku wa 26 z'ukwa gatatu hafi y'umutumba wa Shuma uri mu ntara ya Donesk. Kuva ico gihe hagiye haba ibikorwa bito bito vyo gusotorana.

Uburusiya bufise uruhara nyabaki?

Mu kwezi guheze, Uburusiya bwarakoze imyimenyerezo ya gisirikare mu ntara ya Crimea izungurutswe n'ikiyaga cirabura (Mer Rouge/Black Sea), intara bwigaruriye buyinyaze Ukraine mu 2014.

Inyeshamba zirwanira mu ntara ya Donbas iri mu buseruko bwa Ukraine nazo nyene zifashwa n'Uburusiya. Ibihugu vyo mu burengero bivuga ko Uburusiya bubandanya burungika ingabo muri ako gace, hamwe n'ibirwanisjho bikomeye.

Kremlin irahakana ayo makuru, ikavuga ko ahubwo "abakorerabushake" b'Abarusiya ari bo bariko bafasha inyeshamba zigaruriye uturere tw'intara za Donetsk na Luhansk mu kwa kane 2014.

Ubuseruko bwa Ukraine
Insiguro y'isanamu, Agace k'ibara risa n'ubururu ni uturere twa Donesk na Luhansk twigaruriwe n'inyeshamba zirondera kwiyonkora

Hari ireresi itashoboye kwemezwa yakwiragijwe ku rubuga rwa Twitter mu misi iheze yerekana ibimodoka vya burende, inkoho zikomakomeye n'izindi modoka za gisirikare vy'Uburusiya biriko bija ku rubibe rwa Ukraine.

Umukuru w'igisirikare ca Ukraine Jenerali Ruslan Khomchak avuga ko Uburusiya bwarungitse za batayo 28 hafi y'urubibe rwa ukraine mu buseruko, hamwe no muri Crimea, ibi bikavuga ko bwoba bwarungitse abasirikare bari hagati ya 20.000 na 25.000. Abategetsi b'Uburusiya ntibemeza aya makuru canke ngo batange ibitigiri nyavyo.

Nk'uko Jenerali Khomchak abivuga, Uburusiya bufise hafi intwazangabo n'abigisha ba gisirikare bababa 3000 mu mirwi y'inyeshamba mu buseruko bwa Ukraine.

Umuvugizi wa Kremlin Peskov avuga ati: "Ni uburenganzira bw'Uburusiya kwimurira ingabo zabwo ahantu aho ari ho hose mu gihugu ku butaka bwabwo. Nta n'umwe vyotera umutima uhagaze kandi nta n'umwe bibangamiye".

Igisirikare c'Uburusiya cemeje ko muri uno mwaka indege ziriko zirimura abasirikare bangana 4000 zibakura mu ntara ya Volgograd iri mu bumanuko bw'Uburusiya zibajana muri Crimea.

Kuva mu 2014, Uburusiya bwarakomeje ibirindiro vy'ingabo zabwo muri Crimea, harimwo n'ikigo gikomeye c'abasirikare barwanira mu mazi kiri ahitwa Sevastopol.