Ukraine yagiriza Uburusiya urupfu rw'umumenyeshamakuru

Ahavuye isanamu, EPA
Umushikiranganji wa mbere wa Ukraine yagirije Uburusiya ko buri inyuma y'ubwicanyi bwabereye i Kiev bw'umumenyeshamakuru w'Umurusiya Arkady Babchenko.
"Ndazi neza ko ubutegetsi bw'Uburusiya ata co bwibanga butigeze bumurekurira ukuvugisha ukiri kwiwe no kunyifato yiwe yihariye," ni ko umushikiranganji wa mere yanditse kuri facebook.
Uwo mugabo yanebagura ubutegetsi bw'Uburusiya yarasiwe imbere y'umuhana wiwe ku musi wa kabiri.
Uburusiya bwasavye ko haba amatohoza ariko buvuga ko "Ibikrwa vyo gusesa amaraso" bimeze nk'ibisanzwe "ku ntwaro ya Ukraine".

Ahavuye isanamu, AFP
Imigenderanire hagati y'Uburusiya na Ukraine yifashe nabi cane kuva ico gihugu cigaruriye intara ya Crimee mu 2014, hamwe n'ibindi bice vyo mu buseruko bwa Ukraine vyigaruriwe n'abasirikare begereye Uburusiya.
N'ikihe kimaze kumenyekana kuri ubwo bwicanyi?
Babchenko w'imyaka 41, umupfasoni wiwe yamusanze ariko arava amaraso ku muryango w'igorofa abamwo, aca acikanira muri rusehabaniha.
Bivugwa ko yarashwe incuro nyinshi mu mugongo.
Umunyamategeko wo muri Ukraine avuga ko uwo mumenyeshamakuru yari agiye kugura imikate, uwamwishe akaba yari yamutegereye.
Umukuru w'igipolisi ca Ukraine Andriy Kryshchenko yabwiye ibinyamakuru vyo muri ico gihugu ko bakeka ko Babchenko yishwe kubera "Akazi asanzwe akora".

Ahavuye isanamu, Reuters
Ku rubuga rwa Facebook rwiwe amasahama make imbere y'uko yicwa, Babchenko yibukije ingene yarokotse mu myaka ine iheze- nk'umusi uyu nyene.
Yanditse ko yari yateguye kujana muri kajugujugu n'abasirikare ba Ukraine mu karere karangwamwo imigwano mu buseruko bwa Ukraine.
Ntibamwemereye ko bajana, kuko nta bibanza bikwiye vyari bihari.
Iyo kajugujugu yaciye iraswa n'abagwanyi bafashwe mu mugongo n'Uburusiya, ihitana abantu 14.
"Naragize Imana. Isabukuru igira kabiri, irageze", ni ko Babchenko yanditse.










