US - Russia: Mu kiganiro ca mbere na Putin, Biden yagarutse ku vyo kwivanga mu matora

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umukuru wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika Joe Biden yagabishije mugenziwe w'Uburusiya Vladimir Putin ku bijanye no kwivanga mu matora, nk'uko bivugwa n'ibiro vy'umukuru w'igihugu, Maison Blanche/White House.
Mu bindi bavuganye harimwo ibijanye n'imyiyerekano y'abatavuga rumwe n'ubutegetsi ibandanya mu Burusiya hamwe n'amasezerano ya nyuma hagati ya Amerika n'Uburusiya ku bijanye n'ibirwanisho vy'ubumara.
Perezida Putin yakeje umukuru w'igihugu mushasha wa Amerika ku ntsinzi yiwe mu matora aheruka, nk'uko biri mw'itangazo rya reta y'Uburusiya.
Bompi bumvikanye kuzobandanya bavugana.
Rimwe na rimwe, uwahoze ari umukuru wa Amerika Donald Trump yagiye atesha agaciro ubutegetsi bwiwe imbere y'Uburusiya akagirirzwa ko yubaha Putin birenze urugero.
Ariko Barack Obama nawe yahoze arongoye Amerika- ico gihe Biden akaba yari icegera ciwe - yagirizwa ko yananiwe no gutera igitsure Uburusiya igihe bwigarurira Crimea, bugatera ubuseruko bwa Ukraine, bukanivanga no mu bibera muri Syria.
None White House na Kremlin bivuga iki kuri iki kiyago kuri terefone?
"Perezida Biden yarasiguye neza ko Amerika izokoresha ubushobozi bwayo bwose mu gukingira inyungu z'igihugu ku bikorwa bizoba bikozwe n'Uburusiya mu guhungabanya Amerika canke ibihugu bigenzi vyayo", nk'uko biri mw'itangazo rya Amerika.
Urwandiko rwerekana ivyo bavuganye ejo ku wa kabiri inyuma y'umutaga ruvuga ko aba bakuru b'ibihugu bompi bavuganye ku bijanye n'igitero ku nyabwonko za kompanyi SolarWinds cagirijwe Uburusiya.
Bavuze kandi ku makuru avuga ko Kremlin yemereye agashimwe abazokwica abasirikare ba Amerika muri Afghanistani, hamwe kandi n'isumu yahawe uwutavuga rumwe n'ubutegetsi bw'Uburusiya, Alexei Navalny.
Urwandiko rwa Kremlin narwo ruvuga ibijanye n'iki kiganiro nta na hamwe rwigeze ruvuga ko hari ibibazo vyashikirijwe na Perezida Biden bigatera impari, bikaba bizwi ko muri kahise Biden yahoze yita Perezida Putin ko ari "umuhimbiri wa KGB".
Abategetsi b'Uburusiya bavuga ko umukuru w'igihugu cabo yavuze ko "imigenderanire myiza hagati y'Uburusiya na Amerika izoba ari ku nyungu z'ibi bihugu vyompi n'isi yose, mu gihe bose bazomenya ko bompi bafise igikorwa kidasanzwe co kubungabunga amahoro n'umutekano kw'isi".
Itangazo rya Kremlin ryongeyeko riti: "Muri rusangi, ikiganiro hagati y'abarongoye Uburusiya na Amerika cari gishingiye ku bucuruzi n'ukuvugana ukuri".
Aba bategetsi babiri basa n'abumvikanye kunagura amasezerano yo mu gihe ca Obama yo kugabanya ibirwanisho ruhonyanganda vy'ubumara.
Aya masezerano yorangiye mu kwezi kuza, Perezida Trump akaba yari yarahiye ararengwa ko adashobora gusubira kuyaterako igikumu.
Iki kiyago na Kremlin mu gihe Antony Blinken yagenywe na Perezida Biden ngo abe umunyamabanga wa reta ajejwe imigenderanire yari ahejeje kwemezwa n'inama nkenguzamateka ku majwi 78-22.










