Putin yashimiye Trump ku guhagarika iterabwoba mu Burusiya

Ahavuye isanamu, Reuters
Umukuru w'igihugu c'Uburusiya Vladimir Putin yashimiye mugenzi wiwe wa Amerika, Donald Trump kubera amakuru y'iperereza bahawe yatumye baburizamwo igitero c'iterabwo mu Burusiya.
Urwandiko rwasohowe n'ibiro vya Prezida Putin, rwavuze ko ikiyago ciwe na Bwana Trump cabereye kuri telefone kuri uyu wa Mungu.
Ivyo biro kandi vyavuze ko ayo makuru yatanzwe n'ibiro bijejwe iperereza, ariko nta vyinshi vyavuzwe.
Ibitangazamakuru vyo mu Burusiya bitangaza amakuru yuko vyamenyekanye ko hagomba kugabwa igitero i St Petersburg ku munsi w'ubunani.
Ibiro ntaramakuru Tass bivuga ko abantu babiri bafise ubwenegihugu bw'Uburusiya bamaze gufatwa.
Ngo hanamenyekana umugambi wo kugaba igitero ahantu hahuriye abantu benshi, nk'uko bivugwa n'umuvugizi wa FSB, ibiro bijejwe iperereza ry'Uburusiya.






