Putin asaba Trump kugirana ibiganiro vyubaka

Putin (i buryo) asaba Trump ngo bakorere ku mangane

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Putin (i buryo) asaba Trump ngo bakorere ku mangane

Prezida Putin yabwiye Donald Trump ko ibiganiro vyubaka hagati y'Uburusiya na Amerika bikenewe mu kurondera ingene hoba umutekano kw'isi no kwihwereza hamwe ingorane zihanze amakungu.

Mw'ijambo ry'umwaka mushasha yahikirijemwo ubutumwa prezida wa Amerika, Bwana Putin yavuze ko bihambaye ngw'imigenderanire ya Moscou na Washington yubakwe ku mangane hamwe n'ukwubahana.

Yavuze ko ivyo vyokwugurura inzira yotuma haba imigenderanire y'ukuri ku gihe kirekire.